Umwambaro wa Ukraine mu nkino za Euro 2020 wateje uburakari Russia

Ahavuye isanamu, AFP
Umwambaro mushasha w'umurwi nserukiragihugu wa Ukraine werekana ikarata iriko akarere ka Crimea/Crimée, wateje uburakari i Moscou.
Ukraine yerekanye umwambaro wayo mu nkino z'ihiganwa ry'ibihugu vya Bulaya (Euro 2020), ucapuyeko imbibe z'iki gihugu ariko hariko akarere ka Crimea n'icivugo ngo "Ukraine ishimagizwe!" (Glory to Ukraine!)
Mu 2014, Uburusiya bwigaruriye akarere ka Crimea kari gasanzwe ari intara ya Ukraine, bukaba bugafata nk'igice c'ubutaka bwabwo, ikintu ciyamirizwa n'amakungu.
Umushingamateka w'Uburusiya yavuze ko iyi ngendo ari "agasotoro ka politike".
Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Ukraine, Andriy Pavelko, yerekanye uwu mwambaro mw'ireresi yacishije ku rubuga rwa Facebook ejo ku wa Mungu, mu gihe hasigaye imisi mike ngo iri higanwa ritangure.
Uruhande rw'imbere rw'agapira gasa n'umuhondo rwerekana imbibe za Ukraine zifise ibara ryera, harimwo na Crimea hamwe n'uturere dushaka kwiyonkora twa Donetsk na Lugansk dushigikiwe n'Uburusiya.

Ahavuye isanamu, Facebook/Andrii Pavelko/Reuters
Icivugo kiri ku ruhande rw'inyuma kivuga ngo "Ukraine ishimagizwe!" (Glory to Ukraine!) - Amajambo yo kwishongora mu kwerekana ingene bakunda igihugu cabo, akaba ari yo yaririmbwa mu gihe c'imyiyerekano yomoye umukuru w'igihugu yari ashigikiwe na Moscou, Viktor Yanukovych, mu 2014.
Pavelko ati: "Twizeye ko iki gicapo ca Ukraine kizoha inguvu abakinyi kuko bazorwanira Ukraine yose".
Ariko umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe imigenderanire, Maria Zakharova ariyamiriza uwu mwambaro, akavuga ko umurwi w'umupira w'amaguru "wafatanije ubutaka bwa Ukraine na Crimea yegukira Uburusiya", ivyatumye haba "ukwihenda ku kintu kidashoboka".
Avuga ko iki civugo cerekana urwanko kandi ko ari amajambo yakoreshwa n'Abanazi (abanywanyi w'umugambwe wa Adolph Hitler yahoze atwara Ubudagi, yagira ku vyiyumviro bikaze vy'amacakubiri) .


Umushingamateka Dmitry Svishchev avuga ko aka gapira "kadashobora kwihanganirwa", aca asaba abateguye igihangwa rya Euro 2020 mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Buraya, Uefa, gufata ingingo.
Iri higanwa ryari ryungurujwe kubera Covid-19 ryitezwe gutangura ku wa 11 z'uku kwa gatandatu rirangire ku wa 11 z'ukw'indwi mu bisagara 11 vyo mu bihugu bitandukanye, harimwo na Saint Petersburg mu Burusiya nyene izokwakira inkino zo mu gice ca kane gishira ica nyuma.










