Imishamirano ya Ukraine: US ivuga ko Russia itegerezwa guhitamwo hagati y'ibiganiro canke guhangana

Wendy Sherman, Jens Stoltenberg, Alexander Grushko, Alexander Fomin

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Akanama ka OTAN n'Uburusiya kateranye ubwa mbere kuva mu 2019

Icegera c'umunyamabanga wa Reta wa Amerika Wendy Sherman aragabisha Uburusiya ko butegerezwa guhitamwo hagati y'inzira y'ibiganiro canke bugahangana n'Uburengero.

Yabivuze inyuma y'ibiganiro hagati ya OTAN/NATO n'Uburusiya, kimwe mu vyaranze ibikorwa vya diplomasi muri ino ndwi mu ntumbero yo kugabanya imishamirano kuri Ukraine.

Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Alexander Grushko avuga ko OTAN idashobora kwihitiramwo gusa ibiyorohereza mu vyo Uburusiya busaba.

Mu vyo busaba harimwo ko Ukraine itokwigera yinjira muri OTAN.

Abasirikare b'Uburusiya bababa 100.000 bavugwa ko biyegeranirije hafi y'urubibe rwa Ukraine, ivyatumye haba ubwoba ko hashobora kuba igitero.

Sherman ashimangira ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'ibindi bihugu vya OTAN bidashobora kwemera ko Ukraine ibuzwa kwinjira muri iri shirahamwe, akerekana ko imiryango y'iri shirahamwe rya gisirikare yugururiwe uw'ari we wese. Intego yo kwinjira muri OTAN iri mw'ibwirizwashingiro rya Ukraine.

Ariko avuga ko hakiriho akaryo ko kwumvikana, kandi ko Uburusiya butegerezwa guhitamwo ico bwipfuza ko gikurikira.

Ati: "Uburusiya, cane cane buzotegerezwa guhitamwo nimba koko bushaka umutekano, aha naho bugategerezwa gufata inzira, canke nimba ibi vyose vyari urwitwazo. Kandi bashobora kuba batarabimenya".

Avuga ko Amerika na OTAN bariko bitegurira ico cose coshobora gushika.

Uburusiya bwarasohoye urutonde rw'ivyo bwipfuza bifise intumbero yo kubuza OTAN ko ibandanya yiyagurira akarere amaja mu buseruko, hanyuma iri huriro rikagabanya akariro ko gusugereza imbibe z'Uburusiya.

OTAN iriyamiriza yivuye inyuma ibisabwa n'Uburusiya ariko ikavuga ko yiteguye kuganira ku bindi bibazo harimwo kugenzura ibirwanisho no kugabanya imyimenyerezo ya gisirikare.

OTAN/NATO (Organisation du Traité de l'Atlantique Nord/North Atlantic Treaty Organisation), ni ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe rigizwe n'ibihugu 30, rikaba ryashinzwe mu 1949.

Avugira Uburusiya inyuma y'ibiganiro vy'ejo ku wa gatatu i Buruseri (Bruxelles/Brussels) mu Bubirigi, Grushko yagabishije ko mu gihe umubano wokwononeraka bishobora kugira ingaruka umuntu atazi ku mutekano wa Bulaya.

Iri gabisha risa n'amajambo y'umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg avuga ko "hashobora kwaduka iyindi ntambara i Bulaya".

Irungikwa ry'ingabo z'Uburusiya hafi y'urubibe buhana na Ukraine ryateje ubwoba ko buriko butegura igitero. Mu 2014, Uburusiya bwarigaruriye akarere ka Crimea kegukira Ukraine, inyuma y'aho abanya Ukraine batembagarije umukuru w'igihugu cabo yari yegamiye ku ruhande rw'Uburusiya.

Inyuma y'aho, muri uyo mwaka nyene, inyeshamba zishaka kwiyonkora zishigikiwe n'Uburusiya zarigaruriye uturere tutari duto two mu buseruko bwa Ukraine.

Uburusiya bushimangira ko iri rungikwa ry'ingabo ridakwiye gutera ubwoba umuntu n'umwe. Ariko Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko azofata "ingingo za gisirikare" mu gihe Uburengero bwobandanya poritike y'"agasotoro".

Kuri uyu wa kane, hari ibiganiro biza kubera ku cicaro c'ishirahamwe rya Bulaya rijejwe umutekano n'imigenderanire (Organisation for Security and Co-operation in Europe) i Vienne muri Autriche, ubwa mbere muri ino ndwi Ukraine ikaba iza kuronka ikibanza muri iyo nama.