Inyuma y’imyaka 30, ingene Putin yasubije itoto Uburusiya kw’isi inyuma y’isenyuka rya URSS/USSR

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imyaka 30 iheze, hari ku wa 25 z'ukwa 12, 1991, Mikhail Gorbachev yari arongoye igihugu ico gihe citwa URSS/USSR, yatanze imihoho aca ashikiriza ubutegetsi Boris Yeltsin, yagenywe ngo abe umukuru w'igihugu c'Uburusiya.
Muri iryo joro, ibendera ry'aba Soviet ritukura rifise ibimenyetso vy'inyundo n'urukero, ryaramanuwe ku biro vy'umukuru w'igihugu (Kremlin) risubirirwa n'iry'Uburusiya, rifise amabara atatu.
Umusi wakurikiye, ubutegetsi bukuru bw'aba Soviet bwaciye bwemeza ukwikukira kw'ibihugu vyari bigize ubumwe bw'aba Soviet, buca bufuta icese icitwa Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviet (URSS/USSR, ni ukuvuga Union des Républiques Socialistes Soviétiques/ Union of Soviet Socialist Republics).
Isenyuka giturumbuka rya URSS, igihugu rutura cagenzura ibihugu bigenzi bitari bike mu myaka 70 yose kikagira n'igihagararo kidasanzwe kw'isi, ryabaye nka nyamugigima (umutingito mu Kinyarwanda) yahinduye isi.
Ryasize kandi igihugu gishasha c'Uburusiya mu ngorane yo kurondera izina mu makungu.
Mira Milosevich, umuhinga mu bijanye n'Uburusiya na Eurasia ku kigo Royal Institut yabwiye BBC ati: "Uburusiya ntabwo bwigeze buba igihugu nyagihugu ku rugero rw'ibihugu vyo mu burengero. Uburusiya bwamye ari ihuriro ry'ibihugu (empire) ariko ntabwo bwigeze buba igihugu nya gihugu".
Yongerako ati: "Rero, kuva icahoze ari Ubumwe bw'aba Soviet gisambutse, Uburusiya bwabandanije bugerageza kwubaka izina. Ariko ni ikintu kigoye kuko Uburusiya ni ihuriro ry'amoko menshi cane, igihugu kigizwe n'ibihugu vyinshi, bifise imico ikomeye kandi kikigendera kuri kahise kabwo nk'ihuriro ry'ibihugu".
Mu myaka ya 1990, Uburusiya ntibwabandanije burondera izina mu makungu gusa (identite nationale), bwarondeye kandi kwubaka imigenderanire n'ibihugu vyo mu burengero.
Ariko, URSS imaze gusenyuka, inyuma y'icahoze ari intambara y'ukwikekana (Guerre Froide/Cold War), Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'incuti zayo z'i Bulaya ntivyasubiye gufata Uburusiya nk'igihugu rutura, nk'uko vyari bimeze kuri URSS.
Mbere kimwe mu vyagiye kuranga iri sambuka rya URSS, ni uko ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe rihuza ibihugu vyo mu burengero, ryaciye ryiyagurira akarere gushika mu buseruko bwa Bulaya, akarere kafatwa ko kagendera ku mabwirizwa ya Moscou/Moscow.
Ibi, nk'uko bivugwa n'uyu muhinga, ni vyo Perezida Vladimir Putin ashingirako mu kuvuga ko isenyuka rya URSS ryabaye "icago gikomeye gusumba ibindi vyose mu kinjana ca 20".
Putin ati: "Ryabaye isenyuka ry'Uburusiya bwa kahise bwari buzwi kw'izina ry'Ubumwe bw'aba Soviet".
"Twabaye igihugu kindi gitandukanye. Ivyubatswe mu myaka irenga 1000 yose vyarasambutse ku rugero rutari ruto".

Ahavuye isanamu, AFP
Nico gituma kuva ashitse ku butegetsi mu 2000, Putin atigeze ahisha intumbero yiwe yo gusubiza Uburusiya ku rwego mpuzamakungu inyuma y'imyaka y'ico afata ko ari agasuzuguro ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'incuti zayo za OTAN.
Hanyuma kandi, nk'uko Mira Milosevich abivuga, Putin yarashoboye kugarukana uruhara rw'Uburusiya nk'igihugu rutura kw'isi.
Ati: "Putin yifata nk'umukiza w'Uburusiya kubera mu twigoro two kuzana intwaro ya demokarasi mu Burusiya mu myaka ya 1990 twarananiwe ahubwo bica bituma igihugu gisambuka kiratabagara".
"Putin yarabohoye Uburusiya yongera agarukana ikibanza cayo ku rwego mpuzamakungu".
Mu vy'ukuri, inyuma y'imyaka cumi ifatwa ko yabaye impfagusa mu myaka ya 1990 mu Burusiya, Putin yakoze uko ashoboye gushika igihugu gisubiye kugira ijambo ku rubuga mpuzamakungu.
Kuduga kwiwe kudasanzwe
Putin yakoze mu kigo cari kijejwe igendereza mu kiringo c'imyaka 16 imbere y'uko atanga imihoho mu 1991 maze atangura ibikorwa vya poritike.
Yeltsin amaze gutanga imihoho mu 1999, Putin yabaye umukuru w'igihugu mfatakibanza, hanyuma inyuma y'amezi adashika ane aca atorwa nk'umukuru w'igihugu c'Uburusiya mu kiringo ciwe ca mbere.
Inyuma y'iri duga, yabaye umukuru w'igihugu wa mbere amaze igihe kirekire muri Kremlin kuva kuri Joseph Staline yapfuye mu 1953.
Amatora yo guhindura ibwirizwashingiro yo mu kwa kane umwaka uheze yabayemwo impari yamuhaye akaryo ko kuguma ku butegetsi inyuma y'ikiringo ciwe ca kane kizorangira mu 2024.
Kuri ivyo, Putin, ubu afise imyaka 69, ashobora kuzoguma muri Kremlin gushika mu 2036.
Abamunegura bavuga ko uyu mukuru w'igihugu yaronse inyigisho z'igi Soviet mu gihe c'ubutegetsi bwaco zamutumye agira imbono afise ku kungene isi itegerezwa kumera.
Natasha Kuhrt, umwigisha mu gisata c'ivyigwa bijanye n'intambara mw'ishure kaminuza King's College London akongera akaba n'umuhinga mu bijanye n'umutekano be n'imigenderanire y'Uburusiya na Eurasia, yabwiye BBC ati: "Biragaragara ko Uburusiya bwagarutse ku rubuga mpuzamakungu, ariko atari ku mvo nziza".
"Ni vyiza kumenya ko mu myaka cumi iheze (muri Kremlin) bama bavuga ingene Uburusiya bwari bukeneye kugarukana itoto. Ko bwari bukeneye gukoresha 'ukwiyorosha'.

Ahavuye isanamu, AFP
"Ubu rero barahindutse rwose. Nta n'umwe (i Moscou) akirajwe ishinga no kwiyorosha. Ico bashaka conyene ni uko Uburusiya busubirana inguvu, ko Uburusiya bugira ijambo, ko amakungu yubaha Uburusiya".
"Nimba ari vyo Putin yashaka, nibaza ko yabishitseko".

Ubukomezi bw'Uburusiya
- Nico gihugu kinini cane gusumba ibindi vyose kw'isi, n'uburinganire kw'imiriyoni 17 za kirometero kwadarato
- Kiza mu kibanza ca kabiri mu kwimbura ibitoro kw'isi (inyuma ya Amerika), aho ku musi cimbura utugunguru imiriyoni 10.27
- Kiza mukibanza ca kabiri mubirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara kw'isi (inyuma ya Amerika) n'ibibombe vy'ubumara 6375
- Kiza mukibanza ca kane kw'isi ku rugero rw'amafaranga gikoresha mu vyo kwivuna abansi, mu myaka ya vuba iheze aya mafaranga akaba yagiye yiyongera: mu 2020, aya mafaranga yashitse ku miriyoni 66,850 y'amadorari y'abanyamerika.
- Ni igihugu ntayegayezwa munama nkuru ya ONU ijejwe umutekano, kibaka kiri muri vya bihugu bitanu bifise ububasha bwo guhagarika ingingo (droit de veto).
Vyavuye: BP World Energy Statistics, SIPRI

Ivyo ashira imbere
Nk'uko bivugwa n'abahinga, Ivyo Putin ashira imbere mu rugamba rwo kwubaka gushasha Uburusiya bw'inyuma y'isenyuka y'ubumwe bw'aba Soviet ni uguhagarika ibihugu vyo hanze gusugereza icahoze ari akarere k'aba Soviet.
Mu 2008, igisirikare c'Uburusiya carateye Georgia mu ntumbero yo kubuza umukuru w'igihugu yari yegamiye ibihugu vy'Uburengero Mikheil Saakashvili ko yisubiza intara yayiyonkoyeko ya South Ossetia, isanzwe ikingiwe n'Uburusiya.
Iyo Saakashvili agashobora kwisubiza iyo ntara, yari kuba ariko aregereza intumbero yiwe yo gutuma Georgia yinjira mw'ishirahamwe OTAN.

Ahavuye isanamu, Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya
Ni uko vyagenze kandi mu 2014 muri Ukraine, inyuma y'imyiyerekano yari ishigikiwe n'ibihugu vyo mu burengero yatumye umukuru w'igihugu yari ashigikiwe n'Uburusiya Viktor Yanukovych abogozwa, Uburusiya bukaba bwaciye burungika ingabo: ubwa mbere kugira zigarurire akarere ka Crimea, hanyuma zifate mu mugongo inyeshamba zirwanya ubutegetsi bwa Kiev (umugwa mukuru wa Ukraine) mu ntara ya Donbas, akarere kavuga ikirusiya mu buseruko bwa Ukraine.
Nk'uko Mira Milosevich abisigura, ibi bitero ntivyari mu migambi ya Putin yo kugarukana ubumwe bw'aba Soviet. Ahubwo, nk'uko abivuga, vyari bifise intumbero yo gukingira umutekano w'Uburusiya.
Ati: "Uku gushaka kugumana akarere ntavogerwa bifise intumbero yo gukingira umutekano w'Uburusiya, gukingira ico bwita inyungu z'igihugu bushingiye ku kungene bwagiye buterwa muri kahise kabwo".
"Ico Uburusiya bushaka ni uko haba umwanya hagati y'Uburusiya n'ibihugu ibona ko bishobora kububera umwansi. Gushika ubu, Uburusiya bufata ko OTAN ari yo mwansi wabwo rutura ku mutekano wabwo, bukaba budakeneye kubona icitwa OTAN ku mbibe zabwo".
Inguvu za gisirikare
Inyuma y'aho URSS isambukiye, Uburusiya bwasigaranye hafi ibirwanisho vyose ruhonyangana vy'ubumara (armes nucléaires) vy'aba Soviet.
N'aho iki gihugu cagabanije ibirwanisho cari gifise, nico gihugu kigira kabiri kw'isi gifise inguvu za nikleyeri kw'isi.
Mu 2018, mw'ijambo ry'umwaka yashikirije, Putin yarirase ku birwanisho vy'ubumara bishasha.
Imbere y'amajana n'amajana y'abategetsi bo hejuru n'abashingamateka imbere y'uko haba amatora yamuhaye uburenganzira bwo guhiganira ikindi kiringo, Putin yarashize ahabona imigambi afitiye igihugu ciwe aca agabisha ibihugu vyo mu burengero, yagiriza ko vyariko "bigerageza guhasha Uburusiya".
Putin yavuze ko yagerageje ikirwanisho gishasha gikomeye ICBM (ikirwanisho kirasa kure, ku ntera n'imiburiburi y'ibirometero 5500), ciswe Sarmat, aca avuga ko Uburusiya vyabaye ngombwa ko bukomeza ububiko bwabwo bw'ibirwanisho vy'ubumara inyuma y'aho Amerika iviriye mu masezerano yerekeye ibirwanisho vy'ubumara birasa kure (anti-ballistic missile, ABM) mu 2002.
Putin yavuze ko mu 2004 yari yagabishije ibihugu vyo mu burengero ko yari agiye gufata iyo ngingo , ariko ko "uburengero butashatse kuganira n'Uburusiya".
Mw'iryo jambo ryakiriwe n'amashi menshi cane rigacishwa ku mboneshakure, Putin yavuze ati: "Nta n'umwe koko yashaka kuvugana natwe ico gihe. Ico gihe nta n'umwe yatwumvirije. Ubu rero ni mutwumvirize".
Kuva ico gihe, Uburusiya bwabandanije bwongereza ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
Nk'uko bivugwa n'ikigo Stockholm International Peace Research Institute (SIPRI), mu 2021, Uburusiya bwari bufise hafi misire zindi za nikleyeri 50 zari zirindiriwe kurungikwa gusumba umwaka w'imbere y'aho.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya kandi bwarakomeje ububiko bwabwo bwa nikleyeri bwa gisirikare aho bwahinguye misire za nikleyeri 180.
Nico gituma rero muri kino gihe, hampande y'uko isi yumviriza Uburusiya, iranabutinya.
Imigenderanire mpuzamakungu
Mu rugamba rwo kugarukana inguvu z'Uburusiya ku rwego mpuzamakungu, Putin yariyemeje gukomeza imigenderanire n'uturere twari dufitaniye ubucuti bukomeye n'icahoze ari URSS, nka Amerika y'Ubumanuko.
"Ibiro vy'ubuserukizi vyose hamwe n'ibigo mpuzamakungu vyakoreshwa na URSS ubu bikoreshwa n'Uburusiya", nk'uko bivugwa na Mira Milosevich.
"Kandi ata nkeka, Uburusiya burifashisha kandi bukikora ku bucuti bwo kuva muri kahise bwari bwubatse ubumwe bw'aba Soviet, nk'akarorero muri Amerika y'Epfo".
Nk'uko uyu muhinga abivuga, kuba Uburusiya buri muri Amerika y'ubumanuko biri mu migambi mpuzamakungu ikomeye ifise intumbero yo "gutesha agaciro ikibanza ca Amerika muri ako karere" hamwe no "guhangana n'ikindi gihangange kiriko kiraduga, Ubushinwa".
Uyu muhinga avuga ati: "Putin ni umunyamayeri akomeye, nk'uko yagiye avyerekana".
"Akarorero, yarashoboye kugira ijambo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati ata buryo bwinshi bw'amafaranga, bwa gisirikare canke bwa poritike akoresheje gusumba Amerika".
Mira Milosevich yognerako ati: "Uno musi, Uburusiya bufise ikibanza gikomeye. Igihugu gikomeye kivugana n'impande zose mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati, kuva kuri Hezbollah gushika ku mwami wa Arabia Saoudite".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vyongeye, Uburusiya ni kimwe muri vya bihugu bitanu ntayegayezwa mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi - ikibanza yahawe n'icahoze ari URSS - ibi bikabuha ububasha bwo kuzibira ingingo (veto).
Integer nke
Hagati aho, ivyo Putin yashitseko mu bijanye n'imigenderanire, igisirikare n'imigambi nyamukuru ntivyashoboye kunyegeza ingorane zibonekeza mu Burusiya: Ubutunzi bushingiye cane cane ku masoko ntanganguvu ishora hanze, igiturire kirenze urugero, kutagira imigambi y'ibikorwa remezo n'imibereho y'abanyagihugu idashemeye, hamwe rero n'icuka ca poritike kibi kigenda ciyongera.
Nk'uko Natasha Kuhrt abivuga, mu bijanye n'imigenderanire, Putin yubakiye poritike yiwe mu guhangana na Amerika hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya, mu gufata mu mugongo "ubutegetsi bw'agahotoro" kw'isi no kugurisha ibirwanisho kuri uwo wese abisavye.
Kuhrt ati: "Nk'uko vyari bimeze kuri URSS yagurisha ibirwanisho n'indege ku bihugu vya Afrika vyarihwa mu myaka itanu, ibi ntibivuga ko uca ugira ijambo. Ibi ntibivuga ko ibi bihugu bica biba incuti nyazo zawe".
"Uburusiya bugurisha ibirwanisho vyinshi kandi iki conyene ubwaco ntigica kiguha ijambo. Urashobora kwubaka ikigo ca nikleyeri mu gihugu kanaka ariko ntibisibura ko gica kiba incuti ywe. Rero ni ngombwa kwitonda iyo turiko tuvuga ibijanye n'inguvu hamwe n'ukugira ijambo ku rwego mpuzamakungu".
"Kubera ko, nko mu bijanye n'ukurondera ijambo mu makungu, Uburusiya ntiburiko burakora nk'ivyo Ubushinwa buriko burakora, nk'akarorero muri Afrika, aho buriko burungukira cane mu migambi y'igihe kirekire bwashizemwo imitahe".
Icuka kibi ciyongera
Uno musi icuka kibi hagati yabwo n'ibihugu vyo mu burengero kigeze ku rugero rutari bwabeho.
Uburengero bwagiriza Uburusiya kurundanya ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo hafi y'urubibe rwa Ukraine mu kwitegurira igitero.

Ahavuye isanamu, Reuters
Uyu murwi w'ibihugu indwi waragabishije Moscou ko, mu gihe yoramuka iteye Ukraine, "vyorigirira ingaruka mbi nyinshi".
Kremlin ivuga ko Uburusiya ata mugambi bufise bwo gukora igitero gishasha kuri Ukraine kandi ko Uburengero busa n'ubuzi ko Moscou yoba ifise umugambi mubi bufatiye ku makuru y'ibinyoma atangazwa n'ibinyamakuru vyo mu burengero.
Uno musi, ukutumvikana hagati y'Uburusiya n'Uburengero gusa n'ukutariko kurahava ubu bwa vuba.
Putin afise kuba yarashitse ku ntumbero yiwe yo gusubiza iteka Uburusiya - kandi bukaba igihugu gitinyitse - kw'isi, ariko nk'uko Kuhrt abivuga, ntarashobora guha Uburusiya ikibanza nyaco mu ntumbero nshasha y'isi (nouvel ordre Mondial/new world order), aho bwofatwa nk'umufatanyabikorwa ku rugero rungana.
Uyu muhinga ati: "Nibaza ko Ubusuriya bukigerageza kwiha ikibanza ku rubuga mpuzamakungu. Ariko rero, mu gihe Ubushinwa buriko buraduga, ntibizokworoha".
"Kumbure ko Putin azi ingene azobikora, ariko ibi ntibisigura ko azoshobora kubishikako".










