Russia yoba isaba OTAN/NATO amananiza kugira ihagarike icuka kibi kuri Ukraine?

Umusirikare w'Uburusiya
Insiguro y'isanamu, Uburusiya bwegeranirije ingabo zabwo ku rubibe buhana na Ukraine, ibiteye ubwoba ibihugu vya OTAN/NATO

Uburusiya busaba ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe rihuza ibihugu vyo mu Burengero rirongowe na Amerika guhagarika ibikorwa bimwe bimwe rikorera mu bihugu vyo buseruko bwa Bulaya.

Ibi bisabwa n'Uburusiya, ariko bifise amahirwe make yo gukurikizwa, bije mu gihe ibihugu vyo mu Burengero bifise ubwoba ko Uburusiya butegura gutera Ukraine ihana urubibe nabwo.

Uburusiya burahakana ibi bivugwa, ariko bugashaka ko OTAN ihagarika umugambi wayo wo kurondera ko Ukraine n'ibindi bihugu vyinjira muri uru runani, kugira ngo nabwo bushobore kworosha ibintu.

Busaba ko haba ibiganiro vyihuta na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amerika ivuga ko yiteguye kuganira ariko ko nayo nyene izotegerezwa gushira ahabona amakenga yayo.

Ejo ku wa gatanu, umuhanuzi wa Amerika mu bijanye n'umutekano, Jake Sullivan, yavuze ati: "Mu myaka mirongo ibiri iheze, twaraganiriye n'Uburusiya ku bijanye n'umutekano wa Bulaya".

"Rimwe na rimwe vyagiye bizana akarusho, rimwe na rimwe bihura n'inzitizi, ariko turiteguye kuganira".

Mu gitondo c'ejo ku wa gatanu, umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Amerika (Maison Blanche/White House), Jen Psaki, yabwiye abanyamakuru ko Amerika idashobora kuja mu biganiro yonyene: "Nta biganiro ku mutekano wa Bulaya tutari kumwe n'incuti zacu za Bulaya".

OTAN, ishirahamwe mu ntango ryashinzwe kugira ngo rikingire Ubulaya ku bitero vyashobora gukorwa n'icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z'aba Soviets, rifise ingabo mu bihugu vyo mu karere k'ibahari Baltic, (Estonie, Lettonie na Lituanie vyahoze vyegukira icahoze ari URSS/USSR) hamwe no muri Pologne (yahoze ari incuti y'aba Soviets).

Icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire Sergei Ryabkov avuga ko Uburusiya bwahaye Amerika na OTAN integuro zibiri z'amasezerano.

Avuga ko ata yindi nzira yari ihari, kubera "ata kwizerana na gukeya kuhari mu migenderanire hagati y'Uburusiya n'urunani rw'Uburengero ".

Muri iyo nteguro, Uburusiya bwashikirije ibintu ngombwa bwipfuza, harimwo ko ibihugu vyinjiye muri OTAN inyuma y'isenyuka y'icahoze ari URSS/USSR bitohirahira ngo birungike ingabo canke ibirwanisho mu turere dushobora gufatwa n'Uburusiya ko ari ukubangamira umutekano wabwo. Indege z'intambara nini nini hamwe n'amato y'intambara ntibitegerezwa kwinjira mu kirere canke mu mazi ari hanze y'ubutaka bwavyo.

Ibi bisigura ko OTAN ata kintu na kimwe yokorera muri vya bihugu bitatu vya Baltic canke muri Pologne. Hanyuma kandi OTAN itegerezwa guheba imigambi iyo ari yo yose yo kurondera ko Ukraine na Georgia vyinjira muri uru runani rw'uburengero.

line

Uburusiya busaba ibidashoboka

Steve Ronseberg

Ibiganiro bitegerezwa gushingira ku bintu bishoboka. Gushika ubu...niko vyari bimeze.

Ni ibintu bidashoboka kwiyumvira ko Amerika na OTAN bishobora gutera igikumu ku rwandiko rwateguwe n'abategetsi b'Uburusiya, ata bintu bikomeye bihindutse.

Uburusiya busaba ko bugira ico buvuze ku gihugu gishatse kwinjira muri uru runani. Ibi ntibishoboka. OTAN iramaze kuvuga incuro nyinshi ko Moscou ata burenganzira ifise bwo gufata ingingo ku gihugu ico ari co cose gishatse kwinjira muri iri shirahamwe.

Hanyuma kandi Uburusiya burashaka gusubira ku masezerano yo mu kwa gatanu 1997 yerekeye umubano hagati yabwo n'ibihugu vya OTAN. Igihugu ico ari co cose cinjiye muri OTAN inyuma y'iri genekerezo nticemerewe kwakira abasirikare n'ibirwanisho vya OTAN. Wibaza ko ibi bihugu vya Baltique vyobifata gute mu gihe bisanzwe bibona Uburusiya nk'igihugu gishobora kubitera?

Moscou irazi neza ko iriko irasaba ibintu bidashobora kwemerwa n'ibihugu vyo mu Burengero, none ni kubera iki bubandanya bubisaba?

Kumbure ni amayeri yo mu biganiro.

Ariko kandi bishobora kuba bifise intumbero yo kwereka abanyagihugu b'Uburusiya ko icuka kibi kibandanya ciyongera hagati yiki gihugu n'ibihugu vyo mu Burengero ata ruhara Moscou ibifisemwo.

Mu ntambara yamaze igihe gito mu 2008, Uburusiya bwarateye Georgia, hanyuma mu 2014 bwigarurira akarere ka Crimea kegukira Ukraine, imbere y'uko bushigikira abarwanyi barondera kwiyonkora mu buseruko bwa Ukraine.

Intambara yo mu buseruko bwa Ukraine yatanguye mu kwa kane 2014, ikaba imaze guhitana abantu barenga 14.000, mu gihe havugwa ababandanya bapfa.

Ariko, inyuma y'aho Uburusiya bwegeranirije ingabo zabwo ku rubibe buhana na Ukraine, hari ubwoba ko buriko butegura gutera iki gihugu.

Ku wa kane mw'ijoro, abategetsi b'ishirahamwe rya Bulaya bari basanzwe bari mu nama, baragabishije Uburusiya ko badashobora kwihanganira igitero ico ari co cose cokorwa kuri Ukraine.

Bavuga ko inzira z'ibiganiro zokwibanda cane cane ku kuganira hagati y'ibihugu bine ari vyo Ubufaransa, Ubudagi, Ukraine n'Uburusiya. Uburusiya bwobwo bushira imbere kuganira na Amerika.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN Jens Stoltenberg agabisha ko Uburusiya buriko burongereza, aho kugabanya, ingabo zabwo ku rubibe mu kwongereza "ingabo ziteguriye kurwana, ibimodoka vy'intambara (chars de combats), ibirwanisho bikomakomeye, za burende, za ndege zitagira abadereva (drones) hamwe n'ubuhinga bw'intambara bwa none".

Mu buseruko bwa Ukraine, hari amasezerano atari make yo guhagarika intambara amaze guterwako ibikumu ariko imigumuko irabandanya

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu buseruko bwa Ukraine, hari amasezerano atari make yo guhagarika intambara amaze guterwako ibikumu ariko imigumuko irabandanya

Ku wa gatatu, umukuru w'igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko yipfuza ko hafatwa ibihano vuba bwango, imbere y'uko hagira igikorwa ca gisirikare ico ari co cose gikorwa n'Uburusiya.

Ukraine ihana imbibe n'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya hamwe n'Uburusiya, ariko ikaba isangiye imico n'imigenzo bikomeye n'Uburusiya.