Uburyo abavyeyi babiri batoye abahungu babo baguye ku rugamba

Lyudmyla Kupriychuk (ibubanfu) na Natalya Karpova
Insiguro y'isanamu, Intambara ya Ukraine yateye agahinda kenshi n’umubabaro mu miryango y’abasirikare bayiguyemwo.

Mu marira menshi, Lyudmyla Kupriychuk yahagaze mu rubuga rw’intambara rurimwo igishanga.

Uwo bahoze bubakanye, yariko atekera umuvyimba w’umuhungu wabo mu burengeti.

Yavuze ati: "Nari nteye nk’uwasaze". "Navuze nti: 'none turamushira mu bubiko bw’inyuma bw’imodoka tumujane muhira?'”

"Umugabo twahoranye yarankankamiye ngo, ‘ceceka, ico dukeneye ni kuva hano.”

Uyu muryango wari warahukanye wazanye imodokari yo mu bwoko bwa Mercedes ufata urugendo rw’ibirometero amajana.

Baca inyuma y’aho umwansi atonze urugamba, barondera ikiziga c’umuhungu wabo w’umusirikare wa Ukraine.

Mu nyuma baciye mu duce tw’akarere kigaruriwe n’ingabo z’Uburusiya, ahantu hanogaguwe n’ibishamuka ku bisasu vyahashwanyagurikiye.

Amaze guhagarika imodokari, Anatoliy, uwahoze ari umugabo wa Lyudmila, yaragiye yegera imodokari za gisirikare z’intamenwa zahiye.

Hari ibiziga vyandagaye hasi.

Lyudmyla Kupriychuk mu gikoni iwe
Insiguro y'isanamu, Lyudmyla Kupriychuk yafashe urugendo aja mu ruhande rw'akarere k’umwansi kurondera ikiziga c’umuhungu wiwe

"Yatabuye umwambaro wa gisirikare araba ko ku kuboko hoba hari igicapo ca 'tattoo'. Aja akibona. Cari canditse ko ngo: ‘Ntukihebure’.” Ukwo ni ko Lyudmyla avuga.

Mw’ijwi rijugumira, Lyudmyla yavuze ati: “Cari co kimenyetso conyene cashobora gutuma tumenya umuhungu wacu.”

"Ibiziga vyari bimaze iminsi vyanitse aho hanze, mu karere ka 'nyaga na nde'. Ntivyari vyahiye gusa, n’ibikoko vyari vyamaze kubikakagura.”

Umuhungu wiwe Makysm yari afise imyaka 20 y’amavuko, akaba yishwe ku munsi ugira kabiri ingabo z’Uburusiya ziteye - kuwa 25/02/2022.

Urugendo ruteye ubwoba

Nta n’umwe yitayeho ivy’uyo mugabo n’umugore bageze mu myaka yo hagati na hagati y’ubuzima, igihe binjira mu karere ka Tomaryne kagenzurwa n’Abarusiya.

Ni nk'urugendo rw’isaha n’igice mu mudokari, uvuye mu muji wa Kherson.

Abarusiya ntibari bwashinge inzego z’intwaro zabo, rero ibintu vyari bikiri urudubi igihe uwo mugore n’umugabo bahagera mu kwezi kwa gatatu mu 2022.

Bararenganye ico kigwati bashika ahari ibariyeri icunzwe.

Lyudmyla yavuze uko yibuka vyagenze ati: "Naravuye mu modokari nerekeza ku mugabo yari yandabishijeko umunwa w’inkoho.”

Ariko ngo ntiyagize ubwoba, ahubwo ngo yumva iseseme kubera abo bantu.

Ifoto ya Maksym mu mwambaro wa gisirikare na Bibiliya ( Check)
Insiguro y'isanamu, Maksym yari afise kazoza kose k’ubuzima bwiwe

Uyu mupfasoni avuga ariko ko, mu buryo bugoye gusobanura, yashoboye kubaganiriza neza, bakabareka bakabandanya urugendo.

Yaberetse ifoto y’umubiri w’umuhungu wiwe, baca barabandanya urugendo kugera aho Maksym yapfiriye.

Bamaze gushira ico kiziga mu bubiko bw'inyuma bw’imodokari, batanguye urugendo rw’amasaha 12 n’imodokari nyene basubira muhira Vinnytsia, hagati na hagati muri Ukraine.

Ikarata ya Ukraine
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Nta bitigiri bitangwa ku mugaragaro vy’abasirikare bagwa canke baburigwa mu ntambara ya Ukraine, canke ibiziga biburigwa irengero, ni amakuru yo mw’ibanga.

Nk’umusikare w’umunyamwuga, asanzwe abarizwa Lviv mu burengero bwa Ukraine, Maksym ntiyigeze abwira nyina Lyudmyla ko urwego abarizwamwo rw’igisirikare kigwanira mu kirere rwarungitswe mu bumanuko guhagarika ibitero vy’Abarusiya.

Yaguye mu gahundwe aronse iterefone y’umukobwa yakundana na Maksym amubiwra ivy’urwo rupfu rwiwe.

Umwe mubasirikare bakorana na Maksym yari afise ifoto y’aho igitero cabereye, avuga ko n’ikiziga ciwe ari ho cari kikiri.

Uwo musirikare yabwiye uwari umukunzi wa Maksym ko yahuye n’ibisasu vya bombe, ariko nta yandi makuru arenze aho yamuhaye ku vyo urupfu rwiwe.

Lyudmyla yahamagaye urwego rwa gisirikare Maksym yakoreramwo. Bamubwiye kurindira amakuru.

Lyudmyla yavuze ati: "Buri ijoro naja kuryama nzi neza ko umuhungu wanje aryamye mu gahinga mu gikonyozi, ata co kumufuka.”

Inyuma y’iminsi, niho Lyudmyla na Anatoliy bizindura umutwenzi baja gutahana ikiziga ciwe.

Ntibari bazi iyo berekeje, uretse iyo foto, izina ry’ico kirwati n’inomero z’umuntu aba hafi yari yemeye kubarangira aho baca.

Ingingo z’umwiheburo

Intumwa ya perezida wa Ukraine ijejwe uburenganzira bw’abari mu nzego z’umutekano, Alyona Verbytska, avuga ko abanyagihugu basanzwe ba Ukraine bagera ku 15,000 hamwe n’abasirikare baburiwe irengero hagati y’ukwezi kwa kabiri n’impera z’umwaka wa 2022.

Birashoboka ko boba barishwe, baratawe muri yompi canke batari mu baharuwe.

Ku ruhande rw’Uburusiya, abasirikare bagera ku 600 nabo baburiwe irengero kubutaka bwa Ukraine, kiretse uturere twamaze gufatwa, nk'uko bigaragara mu biharuro vya BBC igisata c’ikirusiya.

Abantu rero bakoresha uburyo bwose kugirango bashobore gutora abantu babo baroye ku rugamba.

Umwe mu banyamakuru rurangiranwa kuri tereviziyo, yatanguje umugambi mu gihugu cose wo gufasha abantu kurondera ababo.

Abanya Ukraine nabo baraterereye kugirango haboneke uburyo nk’imodokari zirimwo amafirigo zishobora gutwara ibiziga bigasubizwa imiryango yabuze.

Mu migwi ikoresha imbuga hwaniro nka Facebook, na Telegram, abantu barahanahana amakuru y’ababuriwe irengero, bakanasaba ubufasha.

Natalya Karpova, nawe nyene ava muri Vinnytsia, yararonse amakuru y’ikiziga c’umuhungu wiwe Roman, ku rubuga rwa Telegram rw’abarusiya mu kwezi kwa kane.

Ingabo z’Abarusiya nizo zikwiza ayo makuru ku mbuga kandi kenshi nibo bonyene soko ryayo, aho mu turere twamaze kwigarurirwa.

Natalya Karpova yabonye ifoto y’ikiziga c’umuhungu wiwe ku rubuga rwa Telegram.

Ubutumwa bwavuga ko umurashi karuhariwe mu gutumbereza ariwe yahitanye uwo muhinga w’umu ‘engineer’ yari afise imyaka 30.

Abagenzi ba Roman nibo bamuhamagaye bamubwira ivy'urupfu rwiwe, bavuga ko yapfuye mu kwezi kwa kane. Nico catumye atangura kurondera ku mbuga ngurukanabumenyi.

Amaze kubona iyo foto, yahamagaye mu gisirikare.

Avuga ko bamubwiye ko ayo makuru atari ukuri kandi atari akwiye kwishinga ibikwiragizwa ‘n’umwansi’ nk’amakuru.

Agira ati: "Bambwiye ngo , 'Nta cemezo dufise cerekana ko umuhungu wawe yapfuye’.”

Gutwikirwa n'ubwiru

Amategeko ya gisirikare atuma igisirikare kitagira ico gishikirije ku mpfu z’abasoda.

Imiryango itegerezwa kurindira kugirango leta canke abakorerabushake bafashe ikiziga.

Natalya, umuganga w’imyaka 59, yavuye mu kazi kiwe kugirango yiteho gutora ikiziga ca Roman ubwiwe.

Yari azi ko Roman yagiye ku rubuga rw’intambara ariko ntiyari azi aho yerekeje.

Ifoto yashizwe ku rubuga rwa Telegram, yerekana ikarata y’umwirondoro wiwe igenekereza n’aho yoba aherereye mu buseruko bwa Ukraine.

Yahavuye aronka ubufasha ahawe n’urundi rwego rwa gisirikare rutari urwo Roman yakorera, barungika indege yo mu bwoko bwa drone muri ako gace.

Bahavuye bashobora kubona ikiziga ciwe, mu kigwati ca Dovhenke, hanze y’igisagara ca Izym mu buseruko bwa Ukraine.

Ariko intambara ikaze, ndetse n’ubutegetsi bw’Uburusiya bwahashizwe bituma hadashobora gushikwa.

Hahavuye haboneka agahengwe, Ukraine irabohoza ico kigwati mu kwezi kw'icenda mu 2022.

Yagize ati: "Hari mu gihe c’akabobere k’impera z’umwaka, nari nzi ko ata mwanya dufise wo guta.”

"Hamwe igihe c’ubukonje cogera, ‘neige’ igatangura kurwa, nta gisigarira tuzosanga c'umubiri wiwe.”

Amafoto, imidari n'ibinfi vyari ivya Roman
Insiguro y'isanamu, Ikiziga ca Roman camaze amezi mu gahinga, imbere yo gutorwa

Yaciye yihuta gushiraho umugwi wo kurondera, afashijwe n’abanya politike bo muri ako karere n’abaharanira uburenganzira, ndetse n’igisirikare.

Munsi y’ibisaka, kandi mu karere kuzuye ibisasu vya ‘mines’, niho batoye ikiziga ca Roman.

Ikimenyetso ciwe ca gisikare yari yambaye nico catumye ikiziga ciwe kimenyekana.

Natalya mw’ijwi rimuniga yavuze ati: "Numvise umengo ni umuzigo munini cane umvuye ku bitugu.”

"Ntushobora kwumva ukuntu bimeze kudashobora gutwara ikiziga c’umuhungu wawe ngo umushingure iwawe.”

Ikiziga ciwe cashinguwe mu gisagara iwabo ca Vinnytsia.

Igisirikare kirwanira mu kirere cabwiye BBC ko intambara zikomeye hamwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya bwahigaruriye, vyasigura ko urwego Roman yakoreramwo rwa gisirikare bishoboka ko rutamenye impfu zose z’abasikare baguye ku rugamba ico gihe.

Guhera mu gahinda k’ikigandaro

Bagarutse Vinnytsia, Lyudmyla yatwaye ikiziga ca Maksym mu buruhukiro.

Agira ati: “Ico bandetse nkabona gusa ni ikiganza c’umuhungu wanje”, ntibanyemereye kumubona wese kuko umutwe rwari wavuyeko.”

Umuvyeyi yarondeye ikiziga c'umwana wiwe
Insiguro y'isanamu, Lyudmyla Kupriychuk abumbatiye umwambaro wa gisirikare w’uwari umuhungu wiwe Maksym

Lyudmyla yahavuye ahindura icumba c’umuhungu wiwe, ico kwiherera no gusenga.

Cuzuye amafoto yiwe amwenyura, icupa ryiwe rya cologne n’utundi tugenegene yahora amushushaniriza akiri umwana w’umunyeshure.

Akura mu kabati umwambaro wa gisirikare wa Maksym akawugumbira nk’aho ariko aramuhobera.

Avuga ko ata cigeze gihinduka kuva apfuye.

Kubwa Natalya, kuba yarashoboye gutora ikiziga no guhamba umuhungu wiwe nta mahoro vyamuhaye.

Agira ati: "Twe n’umugabo wanje ntiturigera dutahura ko yapfuye koko”.

Avuga kandi ko ata bufasha yigeze aronka buturutse ku gisirikare bwo kumurondeza.

N’ubwo hari umusirikare wo ku rwego rwa general yahavuye amushimira ko yatoye ico kiziga, ntaco vyahinduye.

Yavuze ati: "Ndifuza intsinzi ubu nyene muri iyi ntambara kugirango ntihagire uwundi muvyeyi asubira kubabara nk’uko nababaye.”

BBC ntiyashoboye gushikira igisata ca gisirikareMaksym yakorera kugira bagireico bashikirije ku buryo yapfuye.