Putin ariko arabasambura, Zelensky abwira Abarusiya
Na Robert Greenall
BBC News

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yabwiye Abarusiya ko umukuru wabo ariko arasambura igihugu cabo.
Mw’ijambo yavuze prezida Putin ahejeje gushikiriza ijambo ry’umwaka mushasha ahagatiwe n’abantu bari mu mwambaro wa gisirikare, Zelensky yavuze ko umukuru w’Uburusiya yinyegeje inyuma y’ingab ziwe, aho kuzirongora.
Ku wa Gatandatu habaye ibitero vyahitanye abantu hirya no hino muri Ukraine, kandi Zelensky yavuze ko Ukraine itazobabarira Uburusiya.
Nibura umuntu umwe yarapfuye abandi mirongo barakomereka muri ivyo bitero.
Harabaye ibindi bitero kuri Kyiv mu masaha ya mbere y’umwaka mushasha ku wa Mungu, nk’uko abategetsi bavuga.
Nta makuru yashotse aboneka ku bo vyoba vyahitanye.
Umukuru w’ingabo za Ukraine, Valerii Zaluzhny, yavuze ko uburyo bwo kwirinda ibitero vyo mu kirere bwakoroye 12 kuri misire 20 Uburusiya bwari bwarashe ku wa Gatandatu.
Ivyo bitero vyabaye haheze iminsi ibiri habaye bimwe mu bitero vyo mu kirere vya mbere bikomeye cane kuva intambara igitangura.
Ibitero mirongo vyo muri aya mayinga aheze vyatumye umuyagankuba ucika kenshi.
Uburusiya bwagumye buhakana gutumbereza ibitero ku banyagihugu basanzwe, ariko prezida Putin ubu vuba yaremeye ko yagemye ibikorwa-remezo bikomeye vy’amasoko ntanganguvu.
Mw’ijambo yacishije ku buryo bwa Telegram, Zelensky yavuze ko abagavye ibitero vyo ku wa Mungu atari abuntu.
Avuye ku rurimi rw’iki-Ukraine akaja ku ki-Rusiya, yaciye yifatira mu gahanga Putin.

Yavuze ati: ‘’Umutegetsi wanyu ashaka kwerekana ko arongoye ari ku rugamba, koigisirikare kiri inyuma yiwe.
‘’Ariko mu vy’ukuri arinyegeje. Yinyegeje inyuma y’igisirikare ciwe, misire ziwe, impome z’ibirimba vyiwe.
''Yinyegeje inyuma yanyu, kandi ariko araturira igihugu canyu na kazoza kanyu. Nta n‘umwe azobabarira kw’iterabwoba. Nta n’umwe kw’isi azobababarira kuri ico. Ukraine ntizobabarira.‘‘
Mu nyuma Zelensky yarashikirije ijambo ry’umwaka mushasha abanya-Ukraine, abashimira ku twigoro twabo ‘‘tw’igitangaza‘‘ mu gusubiza inyuma umusugerezo w’Uburusiya.
Yavuze ati: “Tugwana turi hamwe – igihugu cose, intara zacu zose. Ndabashima mwese. Nshaka gushimira intara imwe imwe yose ya Ukraine itaneshwa.”
Prezida Putin nawe yarashikirije ijambo ry’umwaka mushasha ryavugijwe mu migabane 11 y’amasaha y’Uburusiya uko umwe umwe wagenda urinjira mu mwaka mushasha wa 2023.
Umukuru w’Ubnurusiya yageregeje kwegeranya abanyagihugu inyuma y’ingabo zirwanira muri Ukraine, avuga ko kazoza k’igihugu ari ko kariko kararwanirwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Mw’ijwi ry’urugamba, Putin yavuze ati : “Twamye tuzi, none ubu vyagaragaye kandi, ko kazoza ntavogerwa, k’ubwigenge n’umutekano ku Burisiya hagaze kuri twebwe gusa, ku nguvu zacu no kw’ishaka ryacu.”
Yavuze ko gutera Ukraine kandi ari igihugu ntavogerwa ari ‘’ukugwanira abantu bacu n’ubutaka bwamye ari ubwacu hanyuma avuga ko ‘’ukuri gushingiye ku bibereye gukorwa no kuri kahise biri um ruhande rwacu’’.
Putin yagirije kandi ibihugu vy’Iburengerazuba ko aribwo ‘’bwasomborokeje’’ igitero Ubusurusiya bwagavye kuri Ukraine kuva ku wa 24 Ruhuhuma(2).
Ati: “Iburengerazuba barabeshe ku bijanye n’amahoro. Bariko barategura agasomborotso… none bariko barakoresha Ukraine n’abanyagihugu bayo mu guca intege no kumanyagura Uburusiya.
Ukraine n’Ibirengerazuba barahakana ibivugwa n’Uburusiya ku vyerekeye intango y’igitero.










