Sentare yagumijeho igihano cahawe Sarkozy yahoze arongoye Ubufaransa ku caha ca ruswa

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
Sentare nkuru y'Ubufaransa yemeje urubanza uwahoze ari umukuru w'iki gihugu Nicolas Sarkozy yaciriwe rujanye no kurya ruswa, itesha agaciro ukwunguruza kwiwe.
Iyi ngingo yafashwe na sentare gasamburamanza (Cour de Cassation) ejo ku wa gatatu isigura ko Sarkozy, yarongoye Ubufaransa kuva mu 2007 gushika mu 2012, ubu ategerezwa kwambara umuringa ufise ubuhinga bwa none bumwerekana aho ari hose mu kiringo c'umwaka.
Sarkozy w'imyaka 69, yishuye avuga ko atiteguriye kwemera "aka karenganyo gakomeye", akaba ategura kwitura Sentare ya Bulaya ijejwe agateka ka zina muntu, mu kurwanya iki cemezo.
Mu 2021, yari yaciriwe umunyororo w'imyaka itatu, ariko ibiri muri yo yahinduwemwo igihano kidashirwa mu ngiro (suspended/avec sursis), umwe na wo uhindurwamwo uwo kwambara umuringa ufise ubuhinga bwa none bumwerekana aho ari hose hagushirwa mw'ibohero.
Sarkozy yagiriwe n'icaha co kugerageza guha igiturire umucamanza mu 2014, inyuma y'aho aviriye ku butegetsi, amwemereye ko yari gushobora kumuronkera akazi keza maze na we akamufasha kuronka amakuru mu rundi rubanza rutandukanye.
Muri ico cemezo co mu 2021, umucamanza Christine Mée yavuze ko uno munyaporitike wo ku ruhande rw'abagendera ku mico ya kera (Conservateurs) "yari azi ko yariko arakora amakosa", akongerako y'uko ivyo yakoze be n'ivyakozwe n'umushingwamanza wiwe vyerekanye "ishusho mbi cane y'ubutungane"imbere y'abanyagihugu.
Ibi vyaha vyiswe gukoresha igihagararo no kumena ibanga ry'akazi.
Inyuma y'aho sentare gasamburamanza isohoreye iki cemezo ejo ku wa gatatu, umushingwamanza wa Sarkozy, Patrice Spinosi, yavuze ko umukiriya wiwe azokurikiza uko urubanza rwaciwe.
Ubu Sarkozy yarahejeje inzira zose zijanye n'amategeko mu Bufaransa, kandi n'ivyo kwunguruza ategekanya muri sentare ya Bulaya ijejwe agateka ka zina muntu ntibizodindiza ishirwa mu ngiro ry'urubanza.
Uru rubanza rwo mu 2021 aho sentare yamukubise intahe mu gahanga rwabayeintambwe ikomeye cane mu vy'amategeko mu Bufaransa kuva intambara ya kabiri y'isi yose irangiye.
Urundi rumwe rwonyene rw'imbere y'aha rwabaye urubanza rw'uwasubiriwe na Sarkozy, Jacques Chirac, yaciriwe igihano c'umunyororo w'imyaka ibiri ariko kidashirwa mu ngiro, mu 2011, ku vyaha vyo gutunganya ubuzi bw'ibinyoma mu biro vy'igisagara ca Paris yemereye incuti ziwe igihe yari umukuru w'igisagara ca Paris. Chirac yapfuye mu 2019.










