Sarkozy: Uwahoze atwara Ubufaransa yaciriwe gupfungwa kubera igiturire

Uwahoze ari umukuru w'Ubufaransa Nicolas Sarkozy mu nyubakwa za sentare ,10/12/2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Uwahoze arongoye igihugu c'Ubufaransa Nicolas Sarkozy yaciriwe gupfungwa imyaka itatu-ibiri muri iyo atari mu gihano - ku caha c'ibiturire.

Niwe yahoze ari umukuru w'igihugu wa mbere ahawe igihano co gupfungwa.

Sarkozy, w'imyaka 66, yagiriwe n'icaha co kugerageza guha igiturire umucamanza mu kumwemerera akazi keza i Monaco nawe akamuha amakuru yerekeye amatohoza y'icaha ku mugambwe wiwe wa poritike.

Uwo mucamanza, Gilbert Azibert, n'uwahoze ari umushingwamanza wa Sarkozy,Thierry Herzog, bahawe igihano nk'ico.

Sarkozy ashobora gukora ico gihano ari iwe.

Muri iyo ngingo ya sentare, umucamanza w'i Paris yavuze ko Sarkozy ashobora kumara umwaka w'igihano i muhira, afise iparati ifise ubuhinga bwa none bwo kwerekana aho ari, aho kuja mu munyororo.

Umushingwamanza wiwe yavuze ko azokwunguruza. Sarkozy azoguma yidegemvya muri ico gihe gishobora kumara imyaka.

Muri urwo rwaciwe, umucamanza Christine Mée yagize ati uwo munyaporitike "yari azi ko ivyo ariko arakora ari icaha", yongerako ati ivyo yakoze hamwe n'umushingwamanza wiwe vyahaye igihugu "isura mbi cane y'ubutungane''.

Ivyo vyaha vyiswe gukoresha igihagararo no kumena amabanga y'akazi.

N'urubanza rukomeye cane bene urwo mu Bufaransa kuva harangiye intambara ya kabiri y'isi.

Urundi rwonyene rusa n'urwo rwari rwarabaye n'urwo uwo Sarokozy yasubiriye Jacques Chirac yaciriwe umunyororo utamushira mu gihano w'imyaka ibiri mu 2011 kubera ubuzi butabaho igihe yari umukuru w'igisagara ca Paris. Chirac yapfuye mu 2019.

Hammwe Sarkozy yokwunguruza agatsindwa, ashobora kumara umwaka i muhira afise imparati yerekana aho ari , aho kuja mw'ibohero.

Urubanza rwari rushingiye ku biyago hagati ya Azibert na Herzog, vyafashwe amajwi n'abakora amatohoza bariko barihinyuza ivyavugwa ko Sarkozy yemeye guhabwa amafaranga anyuranye n'amategeko n'uwatoranye L'Oreal Liliane Bettencourt ngo ayakoreshe mu kwiyamamariza ubukuru w'igihugu mu 2007. Ariko urujanye na Bettenncourt rwo rwaramuvuyeko yejejejwe.

Tereferone bafashe amajwi yari inomero yo mw'ibanga yari yanditswe kw'izina ry'umuntu atabaho, Paul Bismuth, ari nayo Sarskozy yakoresha mu kuvugana n'umushingwamanza wiwe.

Sarkozy arindiriwe kandi n'urundi rubanza ataho ruhuriye n'urwo, kuva itariki 17 z'ukwezi kwa gatatu gushika 15 z'ukwa kane, rujanye n'iciswe ivya Bygmalion.

Sarkozy yagirizwa ko yakoresheje amafaranga y'umurengera mu manyanga mu gihe co kwiyamamaza mu 2012.

Yabaye umukuru w'igihugu kuva mu 2007- ariko mu 2012 ntiyasubira gutorwa. N'ubwo ahanzwe n'ivyo bibazo vy'ubutungane, Sarkozy n'ubu arakundwa cane mu banyaporitike b'aba conservateurs, mu gihe hasigaye umwaka ngo habe amatora y'umukuru w'igihugu.