Urubanza rwa Nicolas Sarkozy n'akataraboneka muri France

Nicolas Sarkozy in Brussels, 3 Sep 20

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nicolas Sarkozy haciye imyaka agirwako amatohoza

Mu Bufaransa, yari yataziriwe akazina ko mu Congereza "bling-bling" kubera ugukunda ibintu bizimvye - ariko ubu Nicolas Sarkozy ahanganye n'ubutungane ata kinya.

Agiye kwitaba ubutungane yagirizwa igiturire no gukoresha igihagararo afise, mu kugerageza guha igiturire umucamanza kugira na we amuhe inkuru zerekeye amatohoza ku kungene umugambwe wiwe wakoresheje amahera.

Azoba abaye uwigeze kuba umukuru w'igihugu wa mbere mu Bufaransa bwa none agiye imbere y'ubutungane.

Yatwaye Ubufaransa kuva mu 2007 gushika mu 2012.

Haracariho ariko bimwe mu vyerekeye uko urwo rubanza rwogenda bitaragaragara neza.

Iyumvirizwa ry'urwo rubanza ryagiye riracibwamwo n'ikiza ca coronavirus kandi uwo urwo rubanza rwubakiyeko, Gilbert Azibert w'imyaka 74 yahora ari umucamanza mukuru, ntazoza muri sentare.

Urubuga rwa France Info, ruvuga ko urwo rubanza kuri uyu wa mbere ruza kunguruzwa kubera Azebert ategerezwa kuja kwipimisha kwa muganga. Bitegekanijwe ko rubandanya gushika itariki 10 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Uwundi yigeze gutwara Ubufaransa yaciriwe igihano n'ubutungane ni Jacques Chirac, yaciriwe igipfungo ariko yidegemvya c'imyaka ibiri mu 2011, yagirizwa kwiba itunga ry'igihugu no gukoresha nabi icizere abanyagihugu bamugiriye.

Ivyo vyaha bijanye n'igihe Chirac yari arongoye igisagara ca Paris.

Ariko ntiyigeze yitaba muri sentare kubera ikibazo c'amagara. Yarahakanye ivyo yagirizwa.