New York 'yubatswe n'ukuboko kw'Imana' - indirimbo nshasha ya Cinjire

Ahavuye isanamu, Pierre Nkurikiye
Ni umuvugizi w'Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere rusangi mu Burundi, ariko kandi abatari bake bamuzi kw'izina rya CINJIRE, uyu si uwundi ni Pierre Nkurukiye, yahawe iryo ritazirano kubera ururirimbo n'urukurikirane rw'indirimbo yise CINJIRE rwasohotse mu 2019.
Cinjire aherutse gusohora ururirimbo yise New York Chante Dieu (twovuga mu kirundi tuti New York, ririmba Imana), akavuga ko yaruririmvye ari muri ico gisagara gikomeye co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Nkurikiye alias Cinjire yabwiye BBC ko mu kuririmba iyo ndirimbo yakozweko n'ukuntu New York yubatse vy'igitangaza, ariko asanga ibibanza vyo guhimbaziramwo Imana vyariyumanganijwe.
Ati: "Nshitseyo naritegereje New York ndabona ko ari igisagara cubakitse koko, n'amazu maremare cane, mugabo ngiye kurondera ibibanza canke ingoro z'Imana, nasanze ari utuzu dutoduto, umengo ntaco tumaze, ari naho naciye ngira iciyumviro co kubabwira nti baririmbe Imana.
"Nahisemwo New York kuko ari bwo bwa mbere nari ngiyeyo, nabonye ibintu bitangaje, na rirya ari ikirimba c'isi yose kuko ari ho hari icicaro c'ishirahamwe ONU.
"Naririmvye ivyo mbona kuko vyarantangaje kubona mu gisagara nka kiriya ata ngoro z'Imana nininini zihari kugira ngo biboneke ko nabo bayihaye ikibanza.
"Rero nashimye kuhatangira ubwo butumwa kugira ngo nabo koko bahe Imana ikibanza kiyibereye kuko yabahaye ivyo vyiza bagashobora gushika kuri biriya bashoboye kwubaka".
Nkurikiye yinjiye mu muziki gute?
Pierre Nkurikiye alias Cinjire avuga ko yatanguye kwandika indirimbo yiga mu mwaka wa kane w'amashure y'intango. Ati: "Niho natanguriye buke buke kuririmba".
Yabandanije aririmba mw'isengero kubera yari mu mihari ya Gatorika, akaba yari mu muhari w'aba Scout.
Ivy'umuziki ugezweho yagiye kubitangura ageze muri kaminuza y'inyamiramabi, ari ho yatanguye gukora ururirimbo rwa mbere rukozwe muri studio, asanzwe ari intwazangabo mu gipolisi c'Uburundi.

Ahavuye isanamu, Pierre Nkurikiye
Ati: "Kuririmba n'amabanga nsanzwe njejwe biranyorohera kuko ni ubutumwa bumwe.
"Mu ndirimbo zanje nsaba abantu gushira imbere ineza bakarwanya ikibi, urwego ndimwo rw'inyamiramabi narwo rujejwe kurwanya ikibi, urumva rero ko ari ibintu bijanye".
Yagiye gusohora urukurikirane rw'indirimbo (album) rwa mbere mu 2019 yise CINJIRE, izina rizwi cane yahavuye yitirirwa gushika ubu.
Nk'intwazangabo, hari akarusho abona mu muziki?
Pierre Nkurikiye alias Cinjire avuga ko mu Burundi hakiri ikibazo nyamukuru ku banyamuziki kuko umuziki utaratangura guhemba neza canke kubeshaho abawukora nk'uko bimeze mu bindi bihugu.
"Abumviriza imiziki ntibaturiha, haracariho ikibazo", niko avuga, akizera ariko y'uko mu misi iri imbere ibintu bishobora guhinduka kuko hari "amategeko ariko arahinyanyurwa".
Hagati aho, avuga ko akarusho gakomeye ari uko ashoboye gushikiriza ubutumwa bwiwe uko abona ibintu, "hanyuma abantu bakabwakira bakagira ico babuvuzeko, kandi bukanagira ico bubahinduyeko".
Ati: "Utanze ubutumwa ntihabura n'umwe buhindura. Ururirimbo rwanje ndarutanze ntirubura n'umwe ruryohera rukamunezera, kubwanje iyo niyo nyungu ihambaye".

Ahavuye isanamu, Pierre Nkurikiye
Cinjire ntashima ingene abarundi bahurumbira imiziki yo hanze
Nkurikiye aranegura ukungene abarundi bahurumbira umuziki wo hanze, ariko akavuga ko ahanini biva ku nzira uzananamwo, inzira avuga ko ari iz'abazungu bafise intumbero zabo n'uburyo bwo gukundisha ibintu vyabo.
Ati: "Abarundi barakunda ivy'iwabo ariko baraneshwa n'ibiba bivuye hanze kuko akenshi biza mu nzira z'itangazamakuru atari iz'abarundi".
Abona ko amaradiyo n'imboneshakure bidaha umwanya ukwiye indirimbo n'utugenegene vy'Uburundi nk'uko biri mu bindi bihugu avuga ko amaze kujamwo, aho usanga "indirimbo n'imico kama babiha 80%", akabona ko ari ukutamenya.
Ati: "Uburundi burikwije haba mu mvyino, mu ntambo, mu ngoma n'ibindi bijanye n'imico n'imigenzo vy'Uburundi".
Atera akamo ibimenyeshamakuru guha ikibanza kinini ivyo "ng'aha iwacu mu Burundi", akavuga ko bifise akanovera kuko biba ari ibintu bitarononwa.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Google YouTube. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Google YouTube amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya YouTube ubutumwa, 1
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Google YouTube. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Google YouTube amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya YouTube ubutumwa, 2










