Gukingira ibikorwa mva-bwenge mu Burundi bigeze hehe?
Itariki 26 ukwezi kwa kane ni umunsi ngaruka-mwaka uzwi nka World Intellectual Property Day, canke umunsi wo kuzirikana "ibikorwa mva-bwenge".
Ni umunsi ushishikariza inyungu ziva ku bikorwa bishingiye ku bwenge birimo ubugeni, ubuvanganzo, ubusizi, birimo na muzika.
Ikigaragara ni uko, mu bihugu vyinshi bikiri mu nzira y'amajambere, bene abo banyabwenge batabona inyungu z'ibikorwa vyabo n'ubwo hari amategeko abarengera.
Akarorero ni mu Burundi, aho kiretse kugira amategeko, banafise ikigo cashinzwe na leta, OBDA (Office Burundais des droits d'auteurs) co gufasha gutoza utwo turusho.
Impamvu ituma ayo mategeko atubahirizwa n'izihe?
Florentine Kwizera yavuganye na Francis Muhire, umwe mu bafise ibikorwa mva-bwenge, yanakurikiranye n'ivyirwa vy'amategeko ajanye no gukingira ibikorwa nk'ivyo.
Yatanguye kumubaza nimba abafise ivyo bikorwa mva-bwenge bumva ko bakingiwe n'ayo mategeko (umva ico kiganiro aho hejuru).
Woraba kandi n'ibi: