Burundi - AMB: Umukuru mushasha Bright Ndayishimiye avuga ko guterana amajambo bigiye guhagarara

Umukuru mushasha wa AMB, Bright Ndayishimiye avuga ko guterana amajambo ku mbuga hwaniro kw'abaririmvye kugiye guhagarara

Ahavuye isanamu, Bright Olivier Ndayishimiye

Insiguro y'isanamu, Umukuru mushasha wa AMB, Bright Ndayishimiye avuga ko guterana amajambo ku mbuga hwaniro kw'abaririmvye kugiye guhagarara

Bright Olivier Ndayishimiye yatorewe kurongora ishirahamwe ry'abaririmvyi mu Burundi, Amical des Musiciens du Burundi, AMB, mu kiringo c'imyaka itanu, avuga ko bagiye gukorera hamwe mu guteza imbere umuziki.

Umuhinyanyuzi w'umuziki Bright Olivier Ndayishimiye agiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c'imyaka itanu, icegera ciwe akaba ari umupfasoni Kimana Edith, umupfasoni w'umuririmvyi Mugani Desire azwi kw'izina ry'ubuhizi rya Big Furious.

Uwo mukuru mushasha wa AMB avuga ko azi ingorane zihanze umuziki w'i Burundi kandi bigiye gutorerwa inyishu.

Agira ati: "Kugira ibintu bigende neza, dukeneye gusa kumenya ico [dushaka], aho tukironderera n'ingene tukirondera.

"Tugiye guhanahana ivyiyumviro n'abo dukorana mu mwuga nk'abahinyanyuzi b'umuziki, abamenyeshamakuru eka mbere n'abawumviriza kugira dusenyere ku mugozi umwe.

Guterana amajambo ku mbuga hwaniro

Bright Olivier Ndayishimiye avuga ko ivyadindije umuziki w'i Burundi ari umwumvikano muke urangwa mu baririmvyi no guterana amajambo ku mbuga hwaniro.

Avuga ko bigiye gutora inyishu.

Ati: "Tugiye guhimiriza abaririmvyi kuza baraganirira muri AMB ivyo batumvikanako batarinze kwararazanya ku mbuga hwaniro.

"Ingorane zirabaho ariko si vyiza ko zandagara mw'ibarabara."

Gutungwa n'umuziki

Ikibazo gikomeye gihanze umuziki w'i Burundi, n'uko utungisha abandi abawukora ataco bawukuramwo.

Haraciye imyaka itari mike hari ikigo kijejwe gukingira ivyahinguwe n'abantu, OBDEA (Office Burundaise des Droits d'Auteurs), ariko ntikibuze ko abantu baguma bavuza banashiramwo indirimbo z'abandi.

Uwo aramutswa AMB mushasha avuga ko ivyo biri muri bimwe bagiye gutorera inyishu.

Ati: "Vyari bigoye kugira dukingire ivyacu twese kandi na twebwe ubwacu tutumvikana. Habura aho tuganirira neza ico kibazo kitwega twese.

Ubu ko habonetse abarongozi bashasha ba AMB, bemewe na bose, ico kibazo kizova mu nzira.

Bright Olivier Ndayishimiye avuga kandi ko bagiye gushira inguvu mu kwunga ubucuti n'abandi baririmvyi bo mu bindi bihugu, kugira umuziki ndundi umenyekane mu makungu.

Agira ati: "Tuzogendera amashirahamwe y'abaririmvyi yo mu bindi bihugu, tugiriranire amasezerano azotuma bavuza imiziki yacu ku buryo hari uwugiye kugirisha igiteramo muri ico gihugu, azosanga izo ndirimbo bazizi.

Kuva ishirahamwe AMB rishingwa mu 1986, n'ubwa mbere abaririmvyi bo mu Burundi bategura amatora ya bose, inyuma y'imyaka myinshi batwarwa mu biringo mfata kibanza.

Bright Olivier Ndayishimiye asanzwe azi ivyerekeye umuziki kuko yatanguye ari umutamvyi, imbere y'uko aba DJ. umumenyeshamakuru hanyuma umuhinyanyuzi (Producteur).

Yize ivyo gufata amajwi muri Cinema, ubu akaba ari mu batunganya agakino 'Agashi' gaca ku maradiyo amwe amwe yo mu Burundi gatanga inyigisho ku nyifato ijanye n'amagara meza.