Mu Burundi hatunganijwe isabukuru rigira kabiri ry'umuziki kavukire

Umugwi w'akayazwe wo mu gisagara ca Bujumbura

Ubushikiranganji bw'imico kama mu Burundi bwatunganije kuri uno wa gatandatu isabukuru ya kabiri y'umuziki kavukire.

Imigwi y'akaranga ituruka mu ntara zitandukanye z'igihugu ni yo yitavye iryo higanwa.

Iyi sabukuru ishingiye ku ruhara rw'imico mu gutsimbataza amahoro n'umutekano nk'uko icivugo kibivuga.

Hari umugwi w'abahinga bihweza ururirimbo umurwi wose ushikiriza, ubutumwa burimwo, ubuhinga bushingiye ku karanga, maze uce utanga amanota.

Bitegekanijwe ko haja gutanga ubushimwe ku mirwi ija kuba iya mbere.

Kuva uburundi bugiye mu ndyane mu myaka ya 90, igisata c'akaranga cagiye gisubira inyuma kubera kutitabwaho.

Umugwi w'Inkerebutsi wo mu ntara ya Gitega

Ubu rero reta iriko iragerageza kukinagura kugira gisubire kumera nk'uko cari kimeze imbere y'imyaka ya 90.

Kuva hatanguye gutunganywa iryo sabukuru mu 2016, bubaye ubugira kabiri riba kuko mu mwaka uheze ntiryashoboye gutunganywa.

Amwe mu Mafoto yaranze iryo sabukuru:

Bamwe mu bitavye isabukuru rigira kabiri ry'umuziki kavukire
Bamwe mu bitavye isabukuru rigira kabiri ry'umuziki kavukire mu Burundi
Bamwe mu bitavye isabukuru rigira kabiri ry'umuziki kavukire mu Burundi
Bamwe mu bitavye isabukuru rigira kabiri ry'umuziki kavukire mu Burundi