Abana babiri b'abahungu bavukana batowe mu kibira ca Amazon inyuma y'indwi zine bazimiye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abana babiri b'abahungu b'abasangwabutaka batowe inyuma y'indwi hafi zine batakariye mu kibira ca Amazonie muri Brésil bakaba baciye bajanwa ku bitaro.
Glauco na Gleison Ferreira b'imyaka umunani n'itandatu batakaye bariko bahiga inyoni muri ico kibira hafi y'akarere kitwa Manicoré mu ntara ya Amazonas ku wa 18 z'ukwa kabiri.
Umugabo asanzwe yicira ibiti niwe yababonye ku gihamana ku wa kabiri.
Bitezwe gukira neza mu gihe bariko baravurwa indwara zituritse ku gufungura nabi mu bitaro.
Abo bahungu bamaze kuzimira, amajana n'amajana y'abanyagihugu baba muri ako karere bamaze amayinga babahiga.
Ariko inyuma y'ico gihe cose babuze iyo baja n'iyo bava muri iki kibira ca Amazonie - igihe usanga bigoye kugenda mw'iryo shamba rirangwamwo imvura nyinshi - nta n'uko bigeze babaca n'ikanda.
Ibigo bijejwe ubutabazi vyahagaritse ibikorwa vyo kubarondera ku wa 24 z'ukwa kabiri, ariko abanyagihugu bobo babandanije barondera aba bana, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru gikorera muri ico gihugu Amazônia Real.
Inyuma hafi y'indwi zine, aba bahungu bahavuye batorwa n'umugabo yariko aricira ibiti ku birometero bitandatu uvuye mu kigwati ca Palmeira kiri mw'ishamba cimeza rya Lago Capanã rikingiwe n'amategeko, aho abo bana basanzwe baba n'abavyeyi babo, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Amazônia Real.
Umwe muri aba bahungu babiri yavugije induru atabaza yumvise umuntu yariko aricira ibiti hafi yabo. Uyo mugabo yakurikiye iyo iryo jwi ryaje riva, ariho yagwa kuri abo bana baryamye hasi muri ico kibira, bashonje kandi ata n'utuguvu, bafise n'ibirabagurabagu.
Nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, abo bana b'abahungu babwiye abavyeyi babo ko batigeze baronka utwo bafungura kuva bazimiye, bakaba bari babeshejweho n'amazi y'imvura.
Aho bamariye gutorerwa, Glauco na Gleison baciye basimbanwa ku bitaro vy'akarere i Manicoré, imbere y'uko kajugujugu ibungururirza mu bindi bitaro i Manaus mu gatondo k'ejo ku wa kane, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru, Globo.
Si bwo bwa mbere abantu bazimirira muri iki kibira ca Amazonie.
Mu kwa mbere kw'umwaka uheze, umudereva w'indege Antonio Sena yamaze imisi 36 yazimiriye mu gace kamwe kari kure cane muri ico kibira ca Amazonie kiri muri Brésil, inyuma y'aho indege yiwe ikorokeye.
Mu 2008, ikinyamakuru Amazônia Real canditse ku musangwabutaka w'imyaka 18 yamaze imisi 50 yazimiriye mu karere ka kure muri ico kibira ca Amazonie iyo yari yagiye guhiga, akaba yaciye apfa haciye akanya bamutoye.











