Brazil: Abirabure bariyamiriza ivanguramoko n'ihohoterwa rikorwa n'igiporisi

Imyiyerekano i Rio de Janeiro yabaye haciye indwi igiporisi gikoze igitero cahitanye abatari bake muri kaririye imwe y'ico gisagara

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano i Rio de Janeiro yabaye haciye indwi igiporisi gikoze igitero cahitanye abatari bake muri kaririye imwe y'ico gisagara

Abirabure ibihumbi n'ibihumbi muri Brésil barakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba bakorerwa hamwe n'itotezwa bakorerwa n'igiporisi, hari ku musi bibuka ivanwaho ry'ubucakara muri ic ogihugu.

Abari mu myiyerekano mu gisagara ca Rio de Janeiro bari bafise amabuji n'ivyapa vyanditseko ngo "Ntunyice, ni wice ivanguramoko", hari haciye indwi igiporisi giteye mu karere kamwe abaharurwa muri mirongo bakahasiga ubuzima.

Mu gisagara ca São Paulo, ivyapa vyari vyanditseko ngo : "Abirabure bakeneye kubaho".

Abahinga bavuga ko abirabure bicwa n'igiporisi ku rugero rw'incuro zitatu muri Brésil.

Abari mu myiyerekano bagiriza Perezida Jair Bolsonaro ko ariko akora ihonyabwoko akoresheje igiporisi. Asanzwe ashigikiye amategeko atoroshe na gato yashizweho mu kurwanya ubukozi bw'ikibi, muri yo hakaba harimwo gukora ibitero mu turere turwiriyemwo abirabure n'abakene.

Abari mu myiyerekano kandi basaba ko isekeza ryo gucandaga Covid-19 rinyaruka, kubera iki kiza cihanye inkumbi mu birabure muri kino gihugu, kimwe mu bihugu bibangamiwe cane n'iki kiza.

Mu gisagara ca Rio, abari mu myiyerekano bariyamirije igandagurwa ry'abantu 28 mu ndwi iheze muri karitiye ya Jacarezinho favela mu gihe igiporisi cahakora igitero, kivuga ko cariko kirahiga abakora magendo y'ibiyayuramutwe.

Basaba ko ababikoze bashirwa imbere y'intahe.

Nico gitero c'igiporisi cahitanye abantu benshi mu mateka y'ico gisagara

Ababa muri ico gisagara bagiriza igiporisi ko kibakubagura, mu gihe amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa kiremwamuntu nayo avuga ko hari ivyemezo ko habaye ubwicanyi ndengerabutungane, aho abaporisi batatinya kwica abagomba kwishikana canke ata ngorane bateye. Aya mashirahamwe avuga ko bamwe mu bishwe ata n'icabagira.

Abari mu myiyerekano bazungurutse hagati mu gisagara, bafise ivyapa vyanditseko ubutumwa ngo: "Mbega igiporisi gikingiye ba nde?" hamwe na "Nta rusoro, nta kigoyi, nta Covid". Icapa kimwe cariko amafoto y'abagabo bishwe mu bitero vy'igiporisi.

Abari mu myiyerekano bari bafise amabuji mu gihe bari bihaye amabarabara ku kagoroba hagati mu gisagara ca rio

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bari bafise amabuji mu gihe bari bihaye amabarabara ku kagoroba hagati mu gisagara ca rio
Abari mu myiyerekano berekanye umwambaro w'ishure uriko amaraso hamwe n'amafoto y'abantu bishwe mu bitero vy'igiporisi i Rio de Janeiro

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano berekanye umwambaro w'ishure uriko amaraso hamwe n'amafoto y'abantu bishwe mu bitero vy'igiporisi i Rio de Janeiro

Brésil nico gihugu ku mugabane wa Amerika cakuyeho ubwa nyuma ubucakara mu 1888, igihe umwamikazi Isabel atereye igikumu kw'itegeko riha ubwigenge abacakara. Abirabure ba Brésil bahimbaza isabukuru ry'ivanwaho ry'ubucakara ku wa 20 z'ukwa cumi na rimwe, umusi bibukirako igandagurwa rya Zumbi dos Palmares yari arongoye umuryango w'abacakara bigumuye.

Josiane Peçanha wo mw'ishirahamwe Afrodivas, yabwiye TV Globo mu myiyerekano yariko ibera mu karere ka Niterói, mu gisagara ca Rio ati: "Gushika ubu abirabure nta burenganzira bafise. Uyu ni umusi mwiza wo kwiyumvira ibikomere vy'ubucakara twagize muri Brésil".

Muri Brésil, ibice hafi 57% vy'abanyagihugu bose ni abirabure canke imvange, ariko ishirahamwe ryigenga, Brazilian Forum on Public Safety, rivuga ko bibiri vya bitatu (2/3) vy'abicwa ari abirabure canke imvange.

Icegeranyo c'ikigo kijewe ibarura, IBGE, co mu 2019, kivuga ko bangana n'ica gatatu gusa mu nzego nyobozi z'amakompanyi, bakaba bangana n'ica kane gusa mu nama nshingamateka ya Brésil, ariko bakaba bangana na bitatu vya bine vy'abashomeri mu gihugu.

Abari mu myiyerekano bashize iminwe isize irangi ritukura kw'ibendera rya Brésil

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bashize iminwe isize irangi ritukura kw'ibendera rya Brésil
bimwe mu vyapa i São Paulo vyari vyanditseko ngo: "Abirabure bakeneye kubaho"

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Bimwe mu vyapa i São Paulo vyari vyanditseko ngo: "Abirabure bakeneye kubaho"

Mu gisagara ca São Paulo, imyiyerekano yaratunganijwe kw'ibarabara rya Avenida Paulista, rimwe mu mabarabara makuru makuru y'iki gisagara, aho abayiteguye bavuga ko abantu 7000 ari bo bayitabiriye.

Abari muri yo, bari bisize irangi ritukura ku minwe banasiga n'irangi kw'ibendera rya Brésil nk'ikimenyetso c'ihohoterwa bakorerwa.

Umwe mu bari muri iyi myiyerekano, João de Oliveira, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Turi ng'aha kugira twiyamirize ububeshi ngo ubucakara bwarahavuye, hamwe n'amahano yabereye i Jacarezinho. Perezida Bolsonaro n'icegera ciwe barashimagije ubu bwicanyi. Ariko akora ihonyabwoko. Turi ng'aha ngo tuvyiyamirize".

Imyiyerekano kandi yarabaye no mu bindi bisagara bikuru bikuru harimwo n'umugwa mukuru Brasília, aho imyiyerekano yabereye hanze y'ikirimba c'umukuru w'igihugu.

Aciye kuri twitter, uyu mukuru w'igihugu - yahoze ari intwazangabo mu gisirikare yashigikiye impinduka mu mategeko ziha ubudahangarwa abajejwe umutekano iyo bishe abantu bari ku kazi - yarakeje igiporisi kuri ico gitero.

Imyiyerekano kandi yarabaye ku mugwa mukuru, Brasília

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano kandi yarabaye ku mugwa mukuru, Brasília

Perezida Bolsonaro yari aherutse guhakana ko ata vangura rishingiye ku rukoba rirangwa mu gihugu, n'aho imishamirano iheruka itari mike yerekanye ko igihugu kirangwamwo amacakubiri akomeye.

Mu mwaka uheze, igandagurwa bunyamaswa ry'umwirabure yari mu minwe y'abazungu babiri bari bajejwe gucungera inzu y'akaguriro ryarateje uburakari mu gihugu.