Liberia: Weah yiyemeje kugwanya ivangura

Prezida mushasha wa Liberia, George Weah yiyemeje kuzamura ubutunzi bw'igihugu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Prezida mushasha wa Liberia, George Weah yiyemeje kuzamura ubutunzi bw'igihugu

Umukuru w'igihugu mushasha wa Liberia, George Weah, yavuze ko ariko araraba ingene yokuraho itegeko rishingiye kw'ivangura, ryemerera ubwenegihugu abirabure gusa.

Uwo mukinyi rurangiranwa wa kera w'umupira w'amaguru avuga ko iryo tegeko - ryashizweho kuva igihe Liberia yavuka mu 1847 itangujwe n'abari bagizwe abaja muri Amerika - ritagikenewe, rikumira, kandi ko ata kamaro rifise uravye ikibanza Liberia ihagazemwo ku rwego mpuzamakungu.

Avuga ko intego ya mbere yo kuronderera "ubuhungiro n'ijuru ku birabure bahejeje kwibohora" bavuye muri Amerika, ko bitakwiye kugumizwaho muri kino gihe.

Avuga ko biteye kubiri n'ico izina Liberia risigura, mu gihe riva mu kilatini "liber", bisigura "liberty" (kwidegemvya).

Mw'ijambo rya mbere ry'umwaka yashikirije, Bwana Weah yavuze ko iyindi ngingo ibuza abanyamahanga kugira itongo ibangamiye ubutunzi bwa Liberia, avuga kandi ko yizeye guhagarika ingingo igwanya abafise ubwenegihugu bubiri.

Bwana Weah yemeye ko umushahara wiwe ugabanywa ku bice 25% ubwo nyene - abanyagihugu bakaba babishimye - ashikiriza n'ingene Liberia yifashe:

Ubutunzi bwacu bwarakorotse; leta nta mahera ifise. Igihugu kigeze ahatemba, amahera yataye agaciro, ni abantu benshi badafise akazi kandi ibigega vyama biri hasi ku bijanye n'amahera y'agaciro."

Umukuru w'igihugu mushasha yemeye kuzamura ubutunzi bw'igihugu, ariko ngo ategerezwa gukorana n'abanyagihugu.