Ni ibiki bishobora gushika ari nka hamwe Amerika yotera Irani? Ibintu indwi bishobora gushika

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Frank Gardner
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vy'umutekano
- Igihe co gusoma: iminota 7
Reta zunze Ubumwe za Amerika ziboneka ko ziteguye gutera Irani mu misi iri imbere.
Mu gihe ibibanza vyoterwa bishobora kuba bizwi cane, inkurikizi ntizizwi.
None, mu gihe vyonanirana ko bashika ku mwumvikano na Irani hanyuma Perezida Donald Trump akagomorera ingabo kuri iki gihugu, ni ibiki bishobora gushika?
1. Ibitero ntahusha ku bibanza vyateguwe neza, inkurikizi nke ku basivire, inzira igana kuri demokarasi
Ingabo za Amerika zirwanira mu kirere n'izirwanira mu mazi zishobora gukora ibitero ntahusha bikeya, ku bigo vy'ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu bwa Irani (Islamic Revolutionary Guards Corps, IRGC), hamwe n'ishami Basij – umugwi wa gisirikare ugendera ku mategeko ya IRGC – ibibanza bibikwamwo bikongera bikarasirwamwo ibisasu vya misire biraswa kure, co kimwe n'ibigo vya nikleyeri vya Irani.
Bishobora gushika ubu butegetsi busa n'ubwamaze kugira intege nke bugasenyuka, hagaca hashingwa intwaro ya demokarasi nyayo yoha akaryo Irani ko gusubira kwifatanya n'ibindi bihugu ku rubuga mpuzamakungu.
Iki ni ikintu benshi bizigiye cane. Ariko ikizwi ni uko ibitero vya gisirikare vy'ibihugu vy'uburengero muri Irak no muri Libya bitatumye ibi bihugu vyinjira mu ntwaro ya demokarasi. Nubwo vyakuyeho intwaro z'agahotoro muri ivyo bihugu vyompi, vyatumye ibi bihugu vyinjira mu kajagari no mu ndyane zasheshe amaraso.
Syria, igihugu cazanye impinduka co nyene ubwaco, mu gutembagaza ingoma ya Perezida Bashar Al-Assad ata mfashanyo ya gisirikare ivuye mu burengero mu 2024, gushika ubu yashikanye igihugu heza.
2. Ubutegetsi burashobora kurokoka ariko bukiyorosha
Ibi bishobora kwitwa "umukenyuro nk'uwa Venezuela" aho igitero cihuta kandi gikomeye kigumizaho intwaro ihari, ariko iyi na yo ikiyorosha muri poritike zayo.
Kuri Irani, ibi bisigura ko ubutegetsi bwa Kisilamu bworokoka, ibi bikaba bitonezera Abanya-Irani batari bake, ariko bikaba ngombwa ko igabanya ubufasha iha imirwi ya gisirikare iteza uruhagarara mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati, igahagarika canke ikagabanya ibikorwa vyayo vyo guhingura ibisasu vya misire vya nikleyeri n'ibiraswa kure, ikongera ikagabanya n'akariro mu gutuza imyiyerekano.
N'iki na co nyene gishobora kudakunda.
Ubutegetsi bwa Kisilamu bumaze imyaka 47 butera akagere bunarwanya impinduka. Bisa nk'aho budashobora guhindura ingendo ubu.

3. Ubutegetsi bushobora gusenyuka, bugasubirirwa n'intwaro ya gisirikare
Benshi bibaza ko iki ari co kintu gishoboka.
Nubwo benshi batishimiye intwaro ihari, kandi buri myiyerekano yagiye iba mu myaka iheze ikayisigamwo imvune, haracariho urunani runini kandi rukomeye rw'inzego zijejwe umutekano rukeneye ko ibintu biguma uko bimeze ubu kubera ari ho zungukira.
Imvo nyamukuru ituma gushika ubu imyiyerekano idashobora gusenyura ubutegetsi ni uko ata benshi biyonkora muri izi nzego, mu gihe abafise ibintu mu minwe biteguriye gukoresha inguvu n'ububisha bitagira aho bigarukira kugira ngo bagume ku butegetsi.
Mu ruhagarara rwoba inyuma y'ibitero ivyo ari vyo vyose birumvikana ko vyorangira Irani irongowe n'intwaro ya gisirikare ikomeye yoba ahanini igizwe n'abari mu ngabo za IRGC.

Ahavuye isanamu, Getty Images
4. Irani ishobora kwihora mu gutera ingabo za Amerika n'ibihugu bibanyi
Irani irarahira ikarengwa ko izokwihora ku gitero ico ari co cose ca Amerika, ivuga ko "urutoke rwayo ruri ku mbarutso".
Biragaragara ko idashobora kwihanga igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi no mu kirere ariko irashoboye kwishura mu kurekura ibisasu vyayo vya misire na za ndege zitajamwo abadereva (drones), vyinshi muri ibi bikaba binyegeje mu masenga, mu kuzimu canke mu misozi ya kure.
Hari ibigo n'ibirindiro vya gisirikare vya Amerika binyanyagiye mu bihugu vyo mu Kigobe c'Abarabu, cane cane muri Bahreïn no muri Qatar. Ariko kandi Irani ishatse irashobora gutera bimwe mu bikorwa remezo nyamukuru biri mu gihugu ico ari co cose yobona ko gifise uruhara mu gitero ca Amerika, nko muri Yorodaniya
Igitero c'ibisasu vya misire n'ama-drone ku bigo bihingura igitoro vya Saudi Aramco muri Arabia Sawudite mu 2019 cihaye inkumbi, kikaba cashizwe ku gatwe k'umurwi w'abarwanyi ba Iraki ushigikiwe na Irani, carerekanye ingene abanyagihugu ba Arabia Sawudite bashobora kugeramirwa n'ibisasu vya misire vya Irani.
Ibihugu bibanyi vya Iran mu Kigobe c'Abarabu, ibi vyose bikaba ari incuti za Amerika, ubu vyuzuye amaganya menshi cane ko igitero ico ari co cose ca Amerika kizogira ingaruka mbi kuri vyo.

Ahavuye isanamu, UGC
5. Irani ishobora kwihora mu gutega ibisasu vyo mu kuzimu mu Kigobe
Kuva kera iki camye kiboneka ko gishobora kubangamira ingendo zo mu mazi no kwunguruza igitoro, mbere ni kuva igihe ya ntambara ya Irani mu 1980-99 na Iraki irangiriye, Irani igaca itega amamine mu mayira y'amato, bikaba ngombwa ko abahinga mu gutegura amamine mu gisirikare c'Ubwongereza, Royal Navy, baja gufasha kuyategura.
Umuhora muto wa Hormuz hagati ya Irani na Omani ni ikibanza gikomeye cane. Buri mwaka, hafi 20% vya gaze hamwe n'ibice biri hagati ya 20-25% vy'igitoro n'ibigikomokako bica muri uno muhora.
Irani irakora imyimenyerezo yo gutega amamine mu nyanja. Ari nka hamwe yobikora, nta gukekeranya ko vyogira ingaruka mbi ku rudandazwa mpuzamakungu no ku biciro vy'igitoro.

6. Iran irashobora kwihorera ku mato y'intambara ya Amerika
Umukapiteni wo mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi yari mu bwato bw'intambara mu Kigobe, igihe kimwe yambwiye ko kimwe mu bintu bimuteye ubwoba biva muri Irani ahanini ari "igitero nk'ic'inzige".
Aha ni ho Irani irekurira ica rimwe ama-drone menshi cane n'amato y'intambara vyuzuye ibibombe n'ibisasu ku kibanza kimwe canke kuri vyinshi ku buryo n'ubuhinga karuhariwe bwa Amerika bwo kwivuna ibitero vyo mu mazi budashobora kubisambura ica rimwe vyose.
Ingabo zirwanira mu mazi z'ishami IRGC zimaze igihe zisubirira ingabo zirwanira mu mazi z'igisirikare c'igihugu ca Irani mu Kigobe, mbere bamwe mu ntwazangabo zabo bakaba barahawe inyigisho ku kigo Dartmouth mu gihe intwaro ya cami (Shah).
Mu myimenyerezo yazo, ingabo za Irani zirwanira mu mazi zibanda ku ntambara nk'iya kanyeshamba, zirondera uburyo bwo gutsinda canke gukwepa ubuhinga bwo hejuru cane bw'umwansi wabo bahanganye mu karere, ikizwi nka Fifth Fleet, ishami ry'ingabo za Amerika zirwanira mu mazi rikorera mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati.
Kurasa ubwato bw'intambara bwa Amerika bukibira, ibi bigashobora kujana n'ifatwa ry'abarokotse mu bari muri bwo, vyoba ari akamaramaza gakomeye kuri Amerika.
Nubwo hari ababona ko hari amahirwe make y'uko iki coba, baribuka ubwato bw'intambara USS Cole bwashwanyaguwe n'igitero c'ubwiyahuzi ca Al-Qaeda ku gituro ca Aden mu 2000, Abanyamerika 17 bari muri bwo bakaba barahasize ubuzima.
Imbere y'aho, mu 1987 umudereva w'indege y'intambara w'umunya-Iraki yarihenze arasa ibisasu bibiri vya misire vyo mu bwoko bwa Exocet ku bwato bw'intambara bwa Amerika, USS Stark, abantu 37 bari muri bwo barahasiga ubuzima.

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
7. Ubutegetsi bushobora gusenyuka, ariko hagasigara akajagari
Aka ni ko kaga gakomeye kandi ni kimwe mu bintu biteje impungenge zikomeye ibihugu bibanyi nka Qatar na Arabia Sawudite.
Hampande y'uko hashobora kwaduka n'intambara yo hagati mu gihugu, nk'uko vyagenze muri Syria, Yemen na Libya, hariho kandi n'igihamana kibi c'uko muri ako kajagari, ibintu bishobora kwunyuka mu ndyane zishingiye ku moko mu gihe ata butegetsi bwoba buri mu gihugu.
Nta nkeka ko ibihugu bitari bike vy'Ubuseruko bwo Hagati vyonezerwa no kubona iyi ntwaro ya Kisilamu isenyutse, Israel cane cane ikaba ari yo yohimbarwa kurusha ibindi vyose.
Israel iramaze gukubita bikomeye incuti za Irani mu karere kose mu gihe isanzwe ifise ubwoba ku kubaho kwayo kubera umugambi wa nikleyeri wa Irani isanzwe yikekwa ko iriko irondera guhingura ikirwanisho ruhonyanganda c'ubumara.
Ariko nta n'umwe yipfuza kubona Ubuseruko bwo Hagati, akarere ka mbere kanini ufatiye ku banyagihugu bakabamwo – imiriyoni zababa 93 - buguye mu kajagari, bigateza ibibazo vy'ubutabazi n'impunzi.
Igiteye impungenge zikomeye cane ubu ni uko Perezida Trump, mu gihe amaze imisi yegeraniriza ingabo n'ibikoresho vy'iki gihugu rutura mu micungararo y'imbibe za Irani, yofata ingingo yo gutera mu kwanka akagaye, hanyuma hakaduka intambara ata ntego nyamukuru itomoye, ikanagira n'inkurikizi zitari zitezwe kandi mbi cane.












