Belgium: Yapfunzwe ku caha c'ivangura kuri Cécile Djunga, umunyamakuru w'umwirabure

Insiguro ya video, Cécile Djunga aravuga ingene yatyojwe kubera ibara y'urukoba rwiwe

Umugabo yaciriwe umunyororo w'imisi 15 kubera ubutumwa bw'urwanko rushingiye ku rukoba yarungikiye umunyamakuru wa televiziyo yo mu Bubirigi.

Cécile Djunga yarituye ubutungane avuga ko yarungikiwe ubutumwa bwo kumutuka igihe yariko ashikiriza amakuru y'ikirere.

Mu 2018, uyu munyamakuru aboneka kenshi kuri televiziyo y'igifaransa, yariyamirije ubu butumwa bw'ivanguramoko mbere n'abamurongoye baca baramushigikira.

Jean-Paul Philippot, umuyobozi wa RTBF, yavuze ko "uyu mugezi w'ivyondo mu Bubirigi" ata kibanza ufise.

Vyatumye umugabo umwe ashirwa mu butungane kubera amajambo y'ibitutsi yanditse kuri videwo yiwe.

N'umunezero mwinshi, umupfasoni Djunga avuga ko ari ikintu gikomeye kubona ivangura rishingiye ku rukoba rishoboye guhanwa.

Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Facebook imbere y'uko urubanza rusomwa, Djunga yavuze ko ivyamushikiye vyamuhahamuye kandi vyamuhinduye burundu.

Djunga afise amamuko muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo akaba akorera televiziyo y'igihugu mu Bubirigi RTBF mu gisata c'igifaransa.

Ati: "Sinari bwigere ngwana intambara yo mu butungane kandi ingaruka vyangizeko zarambabaje. Namaze igihe kirekire ndi mu marira mu gacerere ariko ntazi neza impamvu".

Avuga ko vyatumye afata ingingo yo gukoresha gake imbuga hwaniro.

N'aho uyu mugabo ari we wenyene yaciriwe urubanza, ubutumwa bw'ivangura bwatanzwe n'abantu benshi bakoresha imbuga ngurukanabumenyi.

Sentare mpanavyaha y'i Buruseri (Bruxelles) yamuciriye igihano kidashirwa mu ngiro (sursis) c'amezi 6 harimwo imisi 15 y'ugupfungwa, yongere atange n'ihadabu ry'ama euro 1.600.

Cécile Djunga

Ahavuye isanamu, RTBF/Martin Godfroid 2017

Insiguro y'isanamu, Cécile Djunga anatanga ibiganiro kuri France 2 TV na France 4

Mw'ireresi yiwe yasohoye mu kw'icenda 2018, Djunga yavuze ko yari yarushe no kwama abwirwa ngo "subira iwanyu".

Yavuze ko nk'uko abagore bariko biyamiriza ihohoterwa rifatiye ku gitsina, Ababirigi bategerezwa kwiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba.

Ubwisanzure bwo gushikiriza akari ku mutima ni "ukuvuga ko wivugira ivyo wishakiye"

N'aho yaronse ubutumwa bwinshi bwo kumuhoza, ivangura rishingiye ku rukoba ryarabandanije.

Aciye ku rubuga rwa Facebook, uyo mugabo yaraye aciriwe urubanza yamurungikiye amajambo yo kumutyoza kubera ubwoko bwiwe amubwira ko yipfuza kubona atewe.

Uyo mugabo azwi mu mpfunyapfunyo nka AV, yatanguye kwitaba ata wumuburanira afise, kandi akaba atabandanije yitaba izindi manza.

Yidoga avuga ko mu Bubirigi ata burenganzira bafise bwo gushikiriza akari ku mutima nk'uko bimeze muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Igihe yariko amusomera urubanza, umucamanza yavuze ko afise amakenga ko uyo mugabo atari bwabone uburemere bw'icaha yakoze. Avuga ko uburenganzira bwo gushikiriza akari ku mutima ni "ukuvuga ko wivugira ivyo wishakiye" kandi ntibushobora kuba icitwazo "ku majambo yiwe y'urwanko".

Bimwe mu bibazo vyari bigoye muri uru rubanza ni uko, kubera abandi bantu bobo bari bafuse ivyo bari banditse kandi ata mashusho y'ivyo bari banditse yafashwe, nta vyemezo vyari kuboneka.

Cécile Djunga yabwiye RTBF ati: "Twategerezwa kurondera ivyemezo, ico nticari coroshe. Ubwa mbere kubera ntashaka kwama mbona ubwo butumwa, sinigeze ndabufata amashusho (screenshots)".

Avuga kandi ko ko abajejwe imbuga ngurukanabumenyi zerekanye ireresi yiwe baca bihutira gufuta ubutumwa butameze neza batarinze kuzikorera akazi.

Cécile Djunga yitwaye yifashishije ikigo c'Ububirigi giharanira ukungana, Unia, naco nyene cishimiye uru rubanza kivuga ko rwerekana ko no ku mbuga hwaniro abantu bategerezwa kwitondera ivyo bavuga.

Umukuru wa Unia, Patrick Charlier, ati: "Haciye imyaka itari mike tubona ingene imbuga hwaniro zireka abantu bacira umuriro. Turerekana urwanko rwacu tukibagira ingaruka bishobora kugira kuri abo bantu no mu kibano".