Amerika irazibiye Umuhora wa Hormuz, Irani na yo igabisha kwugara amayira yo mu mazi mu Buseruko bwo Hagati

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Joshua Cheetham
- Umwanditsi, Shruti Menon
- Umwanditsi, Thomas Copeland
- Igikorwa, BBC Verify
- Igihe co gusoma: iminota 5
Ali Abdollahi - umukuru wa Khatam al-Anbiya, urwego rukuru rurongoye igisirikare ca Irani - avuga ko mu gihe Amerika yoguma izibiye umuhora wa Hormuz, igateza "umutekano muke ku mato y'ubudandaji n'ay'igitoro ya Irani", bizoba ari "uguhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara".
Abdollahi yongeyeko ko ingabo za Irani zizoca zizibira inzira "ku bidandazwa vyose bija canke biva hanze biciye mu Kigobe c'Abarabu, mu Kiyaga ca Oman no mu Kiyaga Gitukura".
Ntiyasobanuye ibihugu bishobora gukorwako n'iyi ngingo nubwo akarere k'amazi avugwa ari kanini cane.
Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere bwatangaje ko "ingendo zose zo mu mazi zaba iziva canke izinjira ku bivuko vya Irani" zategerezwa gufungwa kuva ku wa mbere.
Bwatangaje ko guhera ku wa mbere hazoshirwaho ugufunga inzira zose z'amazi ku bwato bwinjira canke busohoka ku bivuko vya Irani, ariko ko butazobangamira amato aca muri uno muhora aja canke yinjira mu bindi bihugu.
Ku wa gatatu, igisirikare ca Amerika cavuze ko "ata bwato bwashoboye guca muri iyo nzira" mu masaha 24 ya mbere, aho amato atandatu y'ubudandaji vyabaye ngombwa ko azunguruka mu Kigobe ca Oman.
Mw'ijoro ryo ku wa mbere, amato ane yegukira Irani yarashoboye kujabuka Umuhora wa Hormuz kandi Amerika yarazibiye ingendo zo mu mazi, nk'uko vyerekanwa n'ibisata bikurikiranira hafi ingendo z'amato.
Nubwo Hormuz izibiye, hari amato yashoboye kujabuka

Amato abiri yaciye muri aya mazi aboneka ko yaciye ku bivuko vya Irani, nk'uko biri mu makuru yegeranijwe n'urubuga ngurukanabumenyi MarineTraffic.
Ubwato butwara ibintu vyinshi buzwi nka Christianna bwajabutse uno muhora buvuye mu burengero ku wa mbere kuva iyi ngingo itanguye kuja mu ngiro, inyuma yo guhagarara gato ahitwa Bandar Iman Khomeini muri Irani, nk'uko bivugwa na MarineTraffic.
Ubwato bwunguruza igitoro, Elpis, bwaciye muri uwo muhora butera buja mu buseruko mu masaha yitereye yo ku wa mbere, bigaragara ko bwari buvuye ku kivuko ca Bushehr ca Irani, nk'uko vyerekanwa na MarineTraffic. Ubu busanzwe bwarafatiwe ibihano na Amerika kubera bukorana urudandazwa na Irani kandi aho bwatera buja ntihazwi.
Gutahura amamuko y'amato ariko araca muri uno muhora si ikintu coroshe kubera amwe muri yo ashobora kuba yarasibanganije ibimenyetso vyerekana aho bugeze canke agatanga amakuru adakwiye.
Ayandi mato abiri - Rich Starry na Murlikishan yikorera ibitoro akaba yarafatiwe ibihano na Amerika kubera afitaniye isano na Irani – na yo nyene yaraciye muri uno muhora mw'ijoro ryo ku wa mbere.
Amakuru ku ngendo z'amato yerekana kandi ko hari n'imiburiburi ayandi mato atatu adafitaniye isano rigaragara na Irani yajabutse uno muhora kuva wugawe ku wa mbere.
Umuhora wa Hormuz wabaye ishingiro nyamukuru ry'intambara hagati ya Amerika-Israel na Irani inyuma y'uko Tehran (ubutegetsi bwa Irani) yugaye burundu imwe mu nzira zihambaye cane z'amato yunguruza igitoro kw'isi.
Perezida Donald Trump avuga ko iyi ngingo yafashwe mu kwihora Irani "yananiwe n'ibigirankana" no kwugurura uno muhora.
Yagabishije kandi ko igisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi "kizokoresha inguvu zikomeye cane" ku banya-Irani abo ari bo bose bazogitera, kandi ko kizofata ingingo ku bwato ubwo ari bwo bwose buzoboneka ko buriha Irani amahera yo guca muri uwo muhora.
Ihungabana ry'ingendo z'amato kuva iyi ntambara itanguye, haraheze amayinga atandatu, ryatumye ubutunzi bw'isi yose bujegajega, bituma ibiciro vy'ibitoro bihungabana, bigaragaza n'ukungene amayira y'urudandazwa ku rwego mpuzamakungu ari ku muhora ufatanya Ikigobe n'ibahari Indiyano.
Jakob Larsen wo mw'ishirahamwe Baltic and International Maritime Council , ari na ryo riserukira abafise amato, yabwiye BBC Verify ko ahagaritswe umutima n'"uko ibintu bishobora kwunyuka hakaba ibitero bitaziguye ku mato" kuva Amerika ifashe ingingo yo kuzibira umuhora wa Hormuz.
BBC Verify yakurikiranye amato 18 yaciye mu Muhora wa Hormuz hagati y'igihe ibiganiro vyo guhagarika intambara binaniriwe mu gitondo co ku wa gatandatu, n'igihe Trump yatangaza iyugarwa ry'uno muhora ku mugoroba wo ku wa Mungu.
Nibura 16 muri aya mato yasa n'ayafitaniye isano na Irani. Amwe yari afise ibendera rya Irani kandi amwe yasa n'ayaciye ku bivuko vya Irani.
Amato nibura138 yaca muri ako karere buri musi imbere y'uko intambara itangura kw'igenekerezo rya 28 Ruhuhuma (2), nk'uko bivugwa n'ikigo rusangi kijejwe kumenyesha amakuru ajanye n'inyanja (Joint Maritime Information Centre).
'Amato hafi 800 ntagira iyo aja n'iyo ava'
Mu gihe amato adafitaniye isano na Irani yoramuka yemerewe gusubira kujabuka ku rugero runini, abahinga bavuga ko amato atwara igitoro yabuze iyo aja n'iyo ava ari yo yohabwa ikibanza ca mbere.
Richard Meade arongoye ikinyamakuru Lloyd's List, agira ati: "Dufise amato hafi 800 amaze amayinga atari make azibiriwe hariya. Hafi yose aruzuye, rero ikintu ca mbere kizoba ni ukuyakurayo".
Umwihwezo wa BBC Verify werekana ko amato yajabutse uno muhora yafashe inzira y'uburaruko hafi y'inkengera za Irani no mu mazi ayegukira.
Imbere y'iyi ntambara, amato yari asanzwe afata inzira yo mu bumanuko hagati mu mazi.
Ikindi kibazo gishobora kuba ni uko inyanja ishobora kuba itezwemwo amamine, nk'uko bivugwa na Thomas Kazakos, umunyamabanga mukuru w'Ishirahamwe Mpuzamakungu ry'Ivy'Amato (International Chamber of Shipping ).
Yabwiye BBC Verify ati: "Dukeneye kumenya neza ko hari ivyemezo bitomoye vy'uko impande zose zibifisemwo uruhara zumvikanye ku mutekano w'ingendo z'ubwato n'ababukoreramwo".

Ingabo zirwanira mu mazi z'igisata c'igisirikare ca Irani kijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (Islamic Revolutionary Guard Corps, IRGC) zashize ahabona ivyo zivuga ko ari amayira ategerezwa gukoreshwa mu gihe amato yoba ariko arajabuka uwo muhora, "mu kwirinda guhura n'amamine".
Zashize ibimenyetso hagati muri uno muhora vyerekana ko ari "agace k'ivyago" ko kwirinda.
Uburongozi bw'igisirikare ca Amerika mu karere bwari bwatangaje ko amato abiri y'intambara – ubuzwi nka USS Frank E Petersen hamwe n'ubuzwi nka USS Michael Murphy – ari mu karere mu gikorwa co gutegura "amamine yo mu mazi yari yaratezwe na IRGC".
Kayleen Devlin yaraterereye kuri iyi nkuru













