Resitora ya McDonalds y'i Guangzhou irasaba imbabazi kw’ivangura rikorerwa abirabure

Itangazo mu buriro bwa McDonalds ryagira riti "Twabwiwe ko kuva ubu kuva ubu abantu b'abirabura batemerewe kwinjira muri ubu buriro".
Insiguro y'isanamu, McDonalds yavuze ko yugaye ubwo buriro imaze kumenya ivy'iryo tangazo

Kompanyi idandaza imfungurwa McDonalds mu Bushinwa irasaba imbabazi inyuma y'aho ishami ryayo mu gisagara ca Guangzhou ryankiye abirabure kwinjira.

Ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro yerekana urwandiko ruvuga ruti: "Twahawe inkuru y'uko kuva ubu abirabure batemerewe kwinjira muri ino nzu y'uburiro".

McDonalds ivuga ko imaze kubona urwo rwandiko yaciye yugara vy'agateganyo.

Hari icuka kibi cibonekeza hagati y'Abanyafrika n'abasangwa muri ico gisagara.

Mu ndwi iheze, Abanyafrika amajana n'amajana i Guangzhou barirukanywe mu mahoteri no mu mazu bari bapanze, inyuma y'aho hadukiye ibihuha vyaciye ku mbuga ngurukanabumenyi ko coronavirus yariko irakwiragizwa n'Abanyafrika, nk'uko abaserukira abandi babibwiye BBC.

Guangzhou ni igisagara kirwiriyemwo abadandaza b'Abanyafrika barangura bakanadandaza ibidandazwa bitandukanye, kikaba ari kimwe mu bisagara birwiriyemwo Abanyafrika mu Bushinwa.

Bwishura ku makenga y'ivangura rivugwa muri ako karere, ubutegetsi bw'intara ya Guangdong buvuga ko Ubushinwa na Afrika ari abagenzi pfa mpfe.

b
Coronavirus

Buvuga ko bufata nka nkama "amakenga ashikirizwa n'ibihugu bimwe bimwe vya Afrika kandi ko buriko burakora uko bushoboye" kugira ngo iyo ngendo ihinduke.

McDonalds nayo nyene yishuye, ivuga ko iryo vangura ryakorewe abirabure "atari yo ngendo yayo isanzwe ari iyo kunywanisha".

"Inyuma y'aho turonkeye urwandiko rutemewe ku bakiriya bacu mu nzu yacu y'uburiro i Guangzhou, twaciye twihutira gukuraho urwo rwandiko bica biba ngombwa ko twugara vy'agateganyo iyo nzu".

Iyo kompanyi imenyesha ko yari yatanze inyigisho zerekeye "umubano w'abadasangiye urukoba" ku bakozi b'iryo shami.