Trump yashavuje Ubushinwa mu kwita coronavirus 'umugera w'Ubushinwa'

Italiki 16 z'ukwezi kwa 3 mu 2020, Trump ariko avuga kuri coronavirusi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu ca Amerika yanditse ku musi wa mbere ubutumwa bwa Twitter yita umugera wa coronavirusi ''umugera w'Ubushinwa''

Ubushinwa bwishuye bufise ishavu inyuma yaho umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avugiye ko ingwara ya coronavirus ari iy'Ubushinwa.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire yagabishije Amerika ko ikwiye kwita ku biyerekeye imbere yo gukumira Ubushinwa.

Umuntu yamenyekanye ubwambere ko yanduye ikiza ca coronavirusi yabaye uwo mu Bushinwa mu gisagara ca Wuhan mu 2019.

Ariko, mu ndwi iheze umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire yatanze inkuru ivuga ko yabaye amayeri yo gushaka guhisha ukuri, yemeza ko igisirikare ca Amerika ari co cazanye uyo mugera muri ako karere.

Ivyo vyagiriji bitagira ibimenyetso vyatumye umushikirangji wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, asaba Ubushinwa kureka gukwiragiza ''inkuru zitari zo'' mu kugerageza ''kwikurako iceyi'' kiva kuri ico kiza.

Gushika ubu, abantu barenga ibihumbi 170 baramaze kumenyekana ko banduye ico kiza kw'isi yose, harimwo abarenga ibihumbi 80 mu gihugu c'u Bushinwa.

Naho ari uko, kuri uno wa kabiri Ubushinwa bwavuze ko bwabonye umuntu umwe gusa yanduriye ico kiza mu gihugu, abandi bakaba ari abaje bagikuye mu bindu bihugu.

None Trump yavuze iki?

Umukuru w'igihugu ca Amerika yanditse ku musi wa mbere ubutumwa bwa Twitter yita umugera wa coronavirusi ''umugera w'Ubushinwa''.

Ikigo mpuzamakungu kijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, caragabishije ko hatogira uwitirira iki kiza akarere ngo kuko vyohava bizana ikumirwa.

Ariko, hari igitigiri c'abayobozi ba Amerika bise uyo mugera ko ari uw'Ubushinwa. Hagati aho, Bwana Pompeo yasubiye kuwita ''umugera wa Wuhan''.

Vyavuzwe kw'iki?

Geng Shuang, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire w'u Bushinwa, yanditse ku rubuga hwaniro rwa twitter ko ivyo Pompeo yanditse kuri urwo rubuga vyerekana ''ugukumira Ubushinwa''.

Yongeye agira ati ''dusavye dushimitse Leta Zunze Ubumwe za Amerika gukosora ayo makosa zikongera zikareka gukwiragiza ivyagiriji bitagira ifatiro ku Bushinwa.

Ikinyamakuru cegamiye Leta y'Ubushinwa Xinhua yamenyesheje ko amajambo Trump yakoresheje yerekana urwanko ruhagaze ku rukoba, hamwe n'urwanko ku banyamahanga.

Ngo vyerekana kandi ukuntu abanyapolitike ataco bashoboye kandi batagira ibanga, bigashobora gukabura ubwoba bwinshi buvuye kuri uyu mugera.

Hariho kandi imyidogo iva imbere muri Amerika, aho umuyobozi w'igisagara ca New York, Bill de Blasio, yavuze ko ayo majambo ashobora gutuma abanyamerika bafise amamuko yo muri Aziya bavangurwa gusumba.

Imigenderanire hagati ya Amerika n'Ubushinwa igeze hehe?

Ivyo bihugu vyamye bitarabana ryiza.

Umukuru w'igihugu Trump yagumye yagiriza Ubushinwa ko bukora urudandazwa rudakurikije amategeko kandi bukiba ubuhinga bukoreshwa, mugihe Ubushinwa bwo bubona ko Amerika ifise umugambi wo kubuza Ubushinwa gushikira icicaro cabwo nk'igihangange mu vy'ubutunzi kw'isi.

Ivyo bihugu bibiri vyagiye mu ngwano ikaze ihagaze ku rudandazwa, yatumye Amerika n'Ubushinwa bitangishanya amakori ku bidanzwa bifise agaciro k'amajana y'amamiriyaridi y'amadokari.

Ibi bisa n'ivyagabanutse mu ntango z'uyu mwaka kubera uyu mugera washinze imizi, hamwe n'isezerano ry'igice kimwe ryashitsweko mu kwezi kwa mbere.