Igihuhusi Ana cishe abaharurwa mu mirongo muri Malawi, Madagascar na Mozambique

Ahavuye isanamu, EPA
Afrika yo mu bumanuko yashegeshwe n'imyuzure yahitanye abantu baharurwa mu mirongo mu karere kose bivuye ku gihuhusi c'imvura n'umuyaga citwa Ana.
Muri Madagascar hapfuye abantu 41 abandi 100.000 barata ingo baja kurondera aho baba barakika umusaya.
Muri Malawi hapfuye abantu batari munsi ya 19. Aho muri Malawi umuyagankuba waracitse mu gihugu cose, ibice bimwe bimwe navyo bikaba vyatangajwe ko vyahuye n'akaga.
Hagati aho Mozambique ivugwamwo abapfuye barenga 15.
Ariko abategetsi bavuga ko igitigiri nyaco c'abapfuye kitazwi, mu gihe abarenga 20.000 aribo bakozweko n'iyo myuzure.

Ahavuye isanamu, EPA
Inzu zishika 3.000 muri Mozambique zarononekaye, izisihika 600 zo zarasenyutse rwose nk'uko bigereranywa n'urwego rw'igihugu rujejwe ibiza.
Imvura y'imituragaro yarabandanije kugwa muri ako karere n'inyuma y'aho ico gihuhusi kirenganiye, bigatuma umwuzure wongerekana.

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikiranganji wa mbere Carlos Agostinho do Rosário avuga ko igihugu ciwe kitariko kirasega imfashanyo - yamara ko ibibahanze birengeye ivyo igihugu ico arico cose cokwishoboza.
Yerekana ingene ibihe vy'ibirere bibi bisigaye bishika kenshi.
Avuga ati: "Turi igihugu ata vyinshi dukora bituma haba ihindagurika ry'ibihe, ariko turi kimwe mu bihugu bihura n'ingorane kubera ingaruka z'iryo hindagurika."

Ahavuye isanamu, EPA
Yasavye imfashanyo mpuzamakungu - nayo Unicef, ishami rya ONU ryitaho abana, ryavuze ko ryarungitse abakozi muri ico gihugu kugira rifashe abantu bageraranywa mu 45.000 baharurwa ko ari bo bazokenera imfashanyo y'abari mu kaga.
Muri Malawi, iyo myuzure yononye ibikorwa-remezo vy'umuyagankuba hamwe n'amazu, bisiga ibisagara vyashegeshwe mu mwijima uko amazi yaguma aduga.
Ariko amatara aratanguye kugaruka ahatari hake, inyuma y'iminsi y'ikizime.
Amakambi ashika 44 yarashinzwe vyihuta kugira abantu bateshejwe izabo n'abakomeretse baronke aho bakirirwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
"Twarengewe. Ehe raba, umurima wanje w'ibigori ubu uri munsi y'amazi. Nari nateye ahasumba inusu ya hegitari. None ubu umurima wose wapfuye." Uwo ni umurimyi Roben Mphassa ariko arabwira itororokanirizo ry'amakuru Reuters ingene azosanga yaruhiye ubusa.
Noria Kananji we avuga ko igihuhusi caguruye inzu yiwe, nazo zine z'ababanyi zirasenyuka.

Ahavuye isanamu, Reuters
Madagascar nico gihugu ca mbere ico gihuhusi cabanje guhungabanya aho gishikiye ku butaka ku wa mbere.
Ni naho havugwa igitigiri kinini c'abemezwa ko bapfuye. Amashure hamwe n'amazu yo kunonoreramwo imitsi (gyms) ubu yahindutse aho kwakirira abateshejwe izabo.
Berthine Razafiarisoa, ubu ari muri kimwe muri ivyo bibanza n'umuryango wiwe munini w'abantu 10 yabwiye AFP ati: "Mu vyo dutunze twahunganye ivy'agaciro gakomeye cane gusa".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, inzego zijejwe gutegekanya uko ibihe bigenda muri ako karere zagabishije ko hari ikindi gihuhusi kiriko kirasumagana mw'ibahari Indiano, naco gishobora gushika mu minsi iri mbere. Coba kibaye kimwe muri bene ivyo bihuhusi akenshi biba vyitezwe imbere y'uko iki gihe c'umwaka gihera mu mezi abiri ari imbere.
Ama foto yose aba afitiwe uruhusha












