Igihuhusi Ana cishe abaharurwa mu mirongo muri Malawi, Madagascar na Mozambique

A woman looks for her belongings, after the Tropical Storm Ana hit the district of Tete, Mozambique, 27 January 2022.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umugore ariko ararondera ivyiwe mu ntara ya Tete muri Mozambique

Afrika yo mu bumanuko yashegeshwe n'imyuzure yahitanye abantu baharurwa mu mirongo mu karere kose bivuye ku gihuhusi c'imvura n'umuyaga citwa Ana.

Muri Madagascar hapfuye abantu 41 abandi 100.000 barata ingo baja kurondera aho baba barakika umusaya.

Muri Malawi hapfuye abantu batari munsi ya 19. Aho muri Malawi umuyagankuba waracitse mu gihugu cose, ibice bimwe bimwe navyo bikaba vyatangajwe ko vyahuye n'akaga.

Hagati aho Mozambique ivugwamwo abapfuye barenga 15.

Ariko abategetsi bavuga ko igitigiri nyaco c'abapfuye kitazwi, mu gihe abarenga 20.000 aribo bakozweko n'iyo myuzure.

A view on destroyed house after Tropical Storm Ana hit the district of Tete, Mozambique, 27 January 2022

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amazu menshi, n'ayatasambutse yarononywe n'iyo myuzure

Inzu zishika 3.000 muri Mozambique zarononekaye, izisihika 600 zo zarasenyutse rwose nk'uko bigereranywa n'urwego rw'igihugu rujejwe ibiza.

Imvura y'imituragaro yarabandanije kugwa muri ako karere n'inyuma y'aho ico gihuhusi kirenganiye, bigatuma umwuzure wongerekana.

A view on destroyed house after Tropical Storm Ana hit the district of Tete, Mozambique, 27 January 2022

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Amazu menshi yarasenyutse

Umushikiranganji wa mbere Carlos Agostinho do Rosário avuga ko igihugu ciwe kitariko kirasega imfashanyo - yamara ko ibibahanze birengeye ivyo igihugu ico arico cose cokwishoboza.

Yerekana ingene ibihe vy'ibirere bibi bisigaye bishika kenshi.

Avuga ati: "Turi igihugu ata vyinshi dukora bituma haba ihindagurika ry'ibihe, ariko turi kimwe mu bihugu bihura n'ingorane kubera ingaruka z'iryo hindagurika."

Two men take pictures of a destroyed bridge after Tropical Storm Ana hit the district of Tete, Mozambique, 27 January 2022

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abagabo babiri bariko barafata amafoto y'ikiraro casenyutse muri Mozambique

Yasavye imfashanyo mpuzamakungu - nayo Unicef, ishami rya ONU ryitaho abana, ryavuze ko ryarungitse abakozi muri ico gihugu kugira rifashe abantu bageraranywa mu 45.000 baharurwa ko ari bo bazokenera imfashanyo y'abari mu kaga.

Muri Malawi, iyo myuzure yononye ibikorwa-remezo vy'umuyagankuba hamwe n'amazu, bisiga ibisagara vyashegeshwe mu mwijima uko amazi yaguma aduga.

Ariko amatara aratanguye kugaruka ahatari hake, inyuma y'iminsi y'ikizime.

Amakambi ashika 44 yarashinzwe vyihuta kugira abantu bateshejwe izabo n'abakomeretse baronke aho bakirirwa.

Locals look at a wreck washed away during tropical storm Ana on the flooded Shire river, an outlet of Lake Malawi at Thabwa village

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abana bahumutse ku modoka yatembagajwe n'amazi ku ruzi Shire hafi y'ikiyaga Malawi

"Twarengewe. Ehe raba, umurima wanje w'ibigori ubu uri munsi y'amazi. Nari nateye ahasumba inusu ya hegitari. None ubu umurima wose wapfuye." Uwo ni umurimyi Roben Mphassa ariko arabwira itororokanirizo ry'amakuru Reuters ingene azosanga yaruhiye ubusa.

Noria Kananji we avuga ko igihuhusi caguruye inzu yiwe, nazo zine z'ababanyi zirasenyuka.

A man carries his ware as he walks past a cut-off road damaged by tropical storm Ana at Thabwa village, in Chikwawa district, southern Malawi

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu kigwati ca Chikawa muri Malawi, abantu b'aho baragerageje gutangira amazi y'umwuzure

Madagascar nico gihugu ca mbere ico gihuhusi cabanje guhungabanya aho gishikiye ku butaka ku wa mbere.

Ni naho havugwa igitigiri kinini c'abemezwa ko bapfuye. Amashure hamwe n'amazu yo kunonoreramwo imitsi (gyms) ubu yahindutse aho kwakirira abateshejwe izabo.

Berthine Razafiarisoa, ubu ari muri kimwe muri ivyo bibanza n'umuryango wiwe munini w'abantu 10 yabwiye AFP ati: "Mu vyo dutunze twahunganye ivy'agaciro gakomeye cane gusa".

A few hundred people lie on mats on the ground or walk through an indoor sports court

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aho abantu bahungiye mu kibuga c'ikibanza co kunonoreramwo imitsi muri Antananarivo ku ndwi iheze inyuma y'imvura nyinshi - imbere y'uko igihuhusi co muri iyi ndwi gishika

Hagati aho, inzego zijejwe gutegekanya uko ibihe bigenda muri ako karere zagabishije ko hari ikindi gihuhusi kiriko kirasumagana mw'ibahari Indiano, naco gishobora gushika mu minsi iri mbere. Coba kibaye kimwe muri bene ivyo bihuhusi akenshi biba vyitezwe imbere y'uko iki gihe c'umwaka gihera mu mezi abiri ari imbere.

Ama foto yose aba afitiwe uruhusha