Bujumbura-Imyuzure: "Mwige guhangana n'ibihe, mwubake inzu zirinda amazi"- Prezida Ndayishimiye

Prezida Evariste Ndayishimiye yashiriye imfashanyo abakuwe mu vyabo n'umwuzure aho batse indaro i Maramvya

Ahavuye isanamu, Presidence/BURUNDI

Insiguro y'isanamu, Prezida Evariste Ndayishimiye yashiriye imfashanyo abakuwe mu vyabo n'umwuzure aho batse indaro i Maramvya

Umukuru w'Uburundi Evaritse Ndayishimiye yasavye ko abantu bokwiga ingene bahangana n'ibihe miugira bashobora kuba mu bibanza nka Gatumba aho imyuzure ya Tanganyika n'uruzi Rusizi yatesheje izabo abantu baharurwa mu bihumbi.

Yibivugiye mu Maramvya aho yashiriye imfashanyo bantu barenga ibihumbi 10 bahashizwe vy'imfatakibanza inyuma yo guteshwa izabo n'imyuzure na cane cane mu bice vya Gatumba n'imicungararo yaho.

Ingingo yo kwimura abo bantu kugira bahebe burundu aho bahora baba n'ubu ntirafatwa ariko ngo iri mu zishoboka.

Abo bantu umukuru w'igihugu yagendeye bahawe indaro muri Sobel, hahoze iraro ry'inka muri zone Maramvya yo muri komine Mutimbuzi mu Ntara ya Bujumbura.

'Amabanga y'abubatse twarahevye'

Abo bantu baba mu tuzu tw'uduhema duto duto, benshi muri bo bemeza ko tudashobora gukwira umuryango, abagabo bamwe bamwe mbere ngo barara hanze kugira bahebere abana n'abagore.

Abubakanye bamwe bavuga ko amabanga y'abakuze bayahevye. Umugore umwe aba muri iyo site avuga ati: "Biragoye. Kubera utuzu twacu turegaranye rwose. Ntushobora kwisanzura nk'uko woba uri muhira. Uca uvuga uti tekana wihangane ...tuzotaha mu hira."

Kwimurwa burundu canke gusubira mu Gatumba?

Mu bindi bibazo bibugarije harimwo kutagira ico bakora, n'ukuba abana babo bataja ku mashuri.

Aho ni mu gihe hataraboneka inyishu ntabanduka yo kumenya niba bazokwimurirwa ahandi canke ari ukurindira amazi agakama bagasubira aho bahora.

Ni ikibazo n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye acibaza: "Mu 2007 vyarabaye ... none vyagarutse. "None twokora iki ngo tumenye kwitegurira ivyo bihe?"

Umukuru w'igihugu avuga ko reta ikiriko iriga inyishu ibereye, harimwo kwimurira abo bantu ahandi bibaye ngombwa, ariko kandi aragaruka akabwira abo bantu ko bategerezwa kwiga guhangana n'ibihe niba bahisemwo gusubira aho bahora baba.

Evaritse Ndayishimiye yababwiye ati: "Ndababajije nti mbega twimukire ahandi? Mwese muvuga ngo oya.

"Twige rero guhangana n'ayo mazi. Ko twemeye kuhabambira, duce twiga no kwubaka inzu zikomeye zihangana n'ayo mazi".

Mu kurindira ko inyishu irama y'abo bantu iboneka , umukuru w'igihugu yabashiriye imfashanyo y'ibifungurwa n'ibindi bikoresho bizobafasha muri iyi minsi bakiri mu buhungiro.

Vyinshi mu bikorwa vy'ingenzi, uburiro n'amahoteri ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika i Bujumbura ubu yarugaye kuko amazi yashwaye ibibanza yakorerwamwo

Ahavuye isanamu, Presidence/ BURUNDI

Insiguro y'isanamu, Vyinshi mu bikorwa vy'ingenzi, uburiro n'amahoteri ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika i Bujumbura ubu yarugaye kuko amazi yashwaye ibibanza yakorerwamwo

Imyizure ya Tanganyaika na Rusizi aho mu Gatumba n'imicungararo yaho hari amashirahamwe agereranya ko yatumye abantu barenga ibihubi 30 bataza izabo.

Ariko ingaruka z'iduga ry'urugero rw'amazi yaTanganyika zo ni nyinshi kurusha ngaho, kandi si i Bujumbura gusa.

Inkengera za Tanganyika zirenza ibirometero120 kuva i Bujumbura gushika i Nyanza-Lac ku rubibe Uburundi buhana na Tanzania.