Mu mafoto: Ikiyaga Tanganyika 'kiriko cisubiza amatongo yaco'

Ikiyaga Tanganyika carenze aho cahora gishika catumye ibibanza bimwe bimwe vyuzura amazi n'ibarabara rirapfungwa.

Ibarabara rya Avenue du large

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Ibarabara rya Avenue de la Plage ryugawe kubera ikiyaga Tanganyika carenze aho cahora gishika
Ibarabara rya Avenue du large

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Bimwe mu bibanza abana bahora bakiniramwo mu Gatumba ubu biri mu kiyaga

Umuyobozi mukuru ajejwe amabarabara Regis Mpawenayo yavuze ko bugaye iryo barabara kugirango barinde impanuka, babuze n'imiduga cane cane iyiremereye kwongereza kuribomora kandi rigeramiwe n'amazi.

Uwo mutegetsi avuga ko bagiye kwiha umwanya wo kwihweza inyifato y'ikiyaga Tanganyika kugira bamenye ico bokora.

Tanganyika yuzuye mu bibanza abantu bahora binezererezamwo

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Tanganyika yuzuye mu bibanza abantu bahora binezererezamwo
Ikibanza ca Safi Beach imbere y'uko haterwa n'umwuzure wa Tanganyika

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Ikibanza ca Safi Beach imbere y'uko haterwa Tanganyika ihafata
Ikibanza ca Safi Beach imbere y'uko haterwa n'umwuzure wa Tanganyika

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Aha hahora habera ibiteramo vy'abantu benshi

Hari n'itangazo ryo gutwenza- ariko ririmwo ukuri- rigize igihe rihererekanywa ku mbuga hwaniro rivuga ngo: "Ikiyaga Tanganyika giherutse guhunguka none kiramenyesha ko amatongo bakinyaze kitazorinda kuja muri CNTB kizoyigarurira ubwaco".

CNTB (Commission Nationale des Terres et Autres Biens) n'urwego rw'igihugu rwo gutunganiriza cane cane abantu bahunguka bagasanga amatongo yabo yafashwe n'abandi.

Ikibanza ca Safi Beach inyuma yo guterwa n'umwuzure wa Tanganyika

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Safi Beach inyuma yo guterwa n'umwuzure wa Tanganyika
Ikibanza ca Safi Beach inyuma yo guterwa n'umwuzure wa Tanganyika

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Ahahora habera ibiteramo ubu harapfunzwe ni mu kiyaga

Umwigisha wa kaminuza amaze imyaka akurikirana inyifato y'ikiyaga Tanganyika avuga ko ku bisanzwe uko haheze imyaka 50 urugero rw'amazi y'ikiyaga Tanganyika ruduga. Ubwa nyuma ngo rwaheruka kuduga cane ni mu 1964.

Mu kiganiro na BBC, Bernard Sindayihebura yavuze ko mu bituma Tanganyika yuzura harimwo imvura nyinshi n'ihindagurika ry'ibihe.

Abahora baratunganije ibibanza vyo kwakira abantu ngaho ku musenyi wa Tanganyika, ubu ibikorwa vyabo bigenda bipfunga bikabashira mu ruhombo.

Abakozi ba Safi Beach bariko barakura umwanda

Ahavuye isanamu, GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Abakozi ba Safi Beach bariko barakura umwanda

Amafoto yose akoreshwa atangiwe uburenganzira.