Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mu mafoto: Ikiyaga Tanganyika 'kiriko cisubiza amatongo yaco'
Ikiyaga Tanganyika carenze aho cahora gishika catumye ibibanza bimwe bimwe vyuzura amazi n'ibarabara rirapfungwa.
Umuyobozi mukuru ajejwe amabarabara Regis Mpawenayo yavuze ko bugaye iryo barabara kugirango barinde impanuka, babuze n'imiduga cane cane iyiremereye kwongereza kuribomora kandi rigeramiwe n'amazi.
Uwo mutegetsi avuga ko bagiye kwiha umwanya wo kwihweza inyifato y'ikiyaga Tanganyika kugira bamenye ico bokora.
Hari n'itangazo ryo gutwenza- ariko ririmwo ukuri- rigize igihe rihererekanywa ku mbuga hwaniro rivuga ngo: "Ikiyaga Tanganyika giherutse guhunguka none kiramenyesha ko amatongo bakinyaze kitazorinda kuja muri CNTB kizoyigarurira ubwaco".
CNTB (Commission Nationale des Terres et Autres Biens) n'urwego rw'igihugu rwo gutunganiriza cane cane abantu bahunguka bagasanga amatongo yabo yafashwe n'abandi.
Umwigisha wa kaminuza amaze imyaka akurikirana inyifato y'ikiyaga Tanganyika avuga ko ku bisanzwe uko haheze imyaka 50 urugero rw'amazi y'ikiyaga Tanganyika ruduga. Ubwa nyuma ngo rwaheruka kuduga cane ni mu 1964.
Mu kiganiro na BBC, Bernard Sindayihebura yavuze ko mu bituma Tanganyika yuzura harimwo imvura nyinshi n'ihindagurika ry'ibihe.
Abahora baratunganije ibibanza vyo kwakira abantu ngaho ku musenyi wa Tanganyika, ubu ibikorwa vyabo bigenda bipfunga bikabashira mu ruhombo.
Amafoto yose akoreshwa atangiwe uburenganzira.