Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Navuye kure, mu bukene n'agasuzuguro': Ni Sat-B umuririmvyi rurangiranwa w'Umurundi
- Umwanditsi, Alain Majeste Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Bruxelles
Woba wari uzi ko Sat-B, umwe mu baririmvyi b'Abarundi rurangiranwa, yigeze gushikirwa n'iciyumviro co guheba umuziki kubera ubukene?
Izina ryiwe ry'ukuri ni Bizimana Abubakar Kalume, ariko azwi cane kw'izina rya Sat-B. Uno musi, ni umwe mu baririmvyi b'Abarundi bakunzwe kandi bafise ijambo rikomeye mu muziki.
Amaze imyaka hafi 24 mu muziki, aho yashoboye kwubaka izina ryiwe haba mu Burundi, mu Rwanda, mu karere k'ibiyaga binini, eka no haze y'aho. Indirimbo ziwe zikurikiranwa n'amamiliyoni y'abantu ku mbuga ngurukanabumenyi.
Abakunzi biwe bamwita "umwami w'ama-hit", ariko iyi ntambwe ayishitseko inyuma y'urugendo rutoroshe, rwaranzwe n'ubukene n'ugusuzugurwa, kudasanzwe, nk'uko avyivugira.
Intango yaranzwe n'ubukene
Mu mwaka wa 2002 niho Sat-B yinjira ubwa mbere muri studio gusohora indirimbo yiwe ya mbere inyuma yo kugerageza kenshi vyanka, mbere ni na ho yatanguriye umwuga wiwe ku mugaragaro, akiri muto cane.
Ico gihe yari atuye mu Kanyosha, mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura, ikaritiye yari izwi ko yari ituwemwo n'abafise amikoro make. Muri ico gihe, kwibeshaho umusi ku musi vyari urugamba, n'ukuririmba bigasa n'ibidashoboka.
Ati: "Nta kubesha, vyari bigoye cane. Navukiye mu Cibitoke nkurira mu Kanyosha. Twari dukenye cane; hari n'igihe kuronka ico gufungura vyaboneka nk'igitangaza. Kuronka hafi ibihumbi 30 vy'amafaranga y'Abarundi ico gihe yo kuja muri studio cari ikibazo gikomeye cane".
Sat B, avuga kandi ko yamaze igihe kirekire yitwa "Fulungu", kuko yari afise ipantalo imwe gusa ifise umubiri bita fulungu, akayambara imisi yose kubera kubura ubushobozi, biza kurangira bayimwitiriye. Avuga ko yagenda ibilometero n'amaguru kugira ashikire abahinyanyuzi b'umuziki canke kurondera amahirwe.
Ati: "Nagenda n'amaguru gushika mu gisagara hagati, kuko n'ifaranga rya bus ntaryo nari mfise. Hari abanyugarirako imiryango, abandi bakanyima amahirwe yo kuja mu biteramo, mbere hari n'abantuka, bakansuzugura. Ariko nari nzi ko mfise impano.
"Nico catumye niyita Satelite y'Uburundi, ari naho nakuye iri zina rya Sat-B, kuko nagomba kuba umuco umurikira igihugu canje kurya kw'ikigendajuru".
Intsinzi y'impano n'ukwihangana
Uyu musi, Sat-B ni umwe mu baririmvyi b'Abarundi bake batunzwe n'umwuga wo kuririmba, aho indirimbo ziwe zikunzwe cane.
Afise ubuhinga bwo kuririmba mu midiho myinshi: Zouk, Reggae, Raggaeton, Hip-hop, R&B, n'ubu akaba amaze no kwinjira mudiho ugezweho uzwi nka Amapiano, ubu akaba ari mu baririmvyi bake b'Abarundi bamaze kuremesha ibiteramo mu bihugu icenda vy'i Buraya yikurikiranya.
Sat-B nta mashure maremare yize, mu gihe atashoboye no kurangiza amashure yisumbuye, ariko yarirwanyeko biciye mu kwiyigisha. Ku bwiwe, iyo ufise ukwizera, ntakidashobora.
Ati: "Sinize amashure menshi, ariko nariyigishije. N'umuziki narawiyigishije ndi uwo bita autodidacte. No mu muziki wa live, ni bake bandusha. Namenye kare ko mfise impano ndayirwanira.
"Intumbero yanje ni gushikana izina ry'Uburundi kure, muri Afrika yose, nkoresheje umuziki, kandi ico ciyumviro caratanguye gushika ku ndoto".
"Urwaruka ndarubwira nti: 'ntimutinye, nta kintu kidashoboka iyo ugize ukwizera n'umutima ukomeye'".
Ku myaka 37, Sat-B ni umuvyeyi w'abana batatu b'abahungu. Ategekanya kuremesha igiteramo kinini i Bujumbura co guhimbaza imyaka 25 amaze mu muziki, aho avuga ko ari ikimenyetso c'urugendo rudasanzwe rwubakiye ku kwihangana n'urukundo rw'umwuga.
Araginza agira ati: "Ndirimba amahoro n'urukundo, kandi nshaka gutanga umunezero ku bababaye. Si ndi uw'Abarundi gusa, ndi uw'Afrika, kuko umuririmvyi aba uw'abantu bose".