Africa Nova: Ikiraro gihuza kahise na kubu biciye mu muziki

    • Umwanditsi, Chancard Abimana
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Mu myaka ya 1980, amaradiyo n'ubunywero vy'i Burundi vyarasamirizwa n'amajwi yari azwi cane ico gihe, rimwe muri yo rikaba ryari irya Africa Nova. Inyuma y'imyaka mirongo, izina rya Antoine Marie Rugerinyange, azwi nka Africa Nova, riracari mu mitima ya benshi.

Uyu muririmvyi yaririmbiye mu murwi w'umukuru w'igihugu ca Uganda Idi Amin, arongora umurwi w'imboneza wa Radiyo na Televiziyo y'Uburundi, Amabano, ubu afise imyaka 75, aba muri Canada aho amaze imyaka irenga 20.

Yavukiye mu ntara ya Ngozi ya kera mu 1950, ariko akurira muri komine Gitaramuka, mu ntara ya Karusi ya kera. Yinjiye mu vy'umuziki akiri muto, ahanini afatiye kuri se wiwe nk'akarorero, ariko kandi akaba yarafashijwe n'umugenzi w'umuryango Blaise Ufiteyezu yamuteye intege mu ntambwe za mbere.

Inyuma yo kurangiza amashure yisumbuye, Rugerinyange yakoreye Reta, ariko ntiyatevye kwinjira mu muziki. Yatanguye muri "Ami Jazz" i Gitega, ari nawo murwi wamubereyey intango mu nzira y'umuziki.

Mu myaka ya 1970, amahirwe yamushikanye hanze y'igihugu. Yavuye mu Burundi aja mu Buganda, aho yaririmbira mu murwi w'igisirikare wa Idi Amin dada, umukuru w'igihugu ca Uganda.

Inyuma y'aho, yagiye i Nairobi, ahahurira n'abaririmvyi b'Abarundi nka David Nikiza. Uwo mubonano wavyaye indirimbo za mbere, zifashijwe n'ubuserukizi bw'Urwanda n'ubw'Uburundi i Nairobi. Bamaze gusohora indirimbo zambere, baronse amahirwe yo kija mu Burundi gukorayo igiteramo

Mu vyo yibuka ukungene vyangenze, agira ati: "Ivyo biteramo twakoze mu Burundi twiyumvira ko bizomara indwi zibiri gusa, ariko indirimbo zacu zarakunzwe cane bituma tuhaguma".

Mu 1978, Africa Nova na bagenziwe bavuye i Nairobi bagaruka i Bujumbura. Kubera ukungene indirimbo zabo zanyuze cane Abarundi, basabwe gutangura umurwi wa Radiyo na Televiziyo y'igihugu. Ni ho habonetse umurwi Amabano, izina ryahawe n'umuyobozi wa Radiyo.

Asigura ati: "Muri Kirundi, amabano mu bisanzwe rifise insiguro zibiri: amabano ni amahembe y'inka, murazi agaciro zifise muri kahise k'Uburundi; ibano kandi ni wa mwampi barasa inka ku mutsi kugira bakuremwo ikiremve".

Africa Nova yabaye ijwi ryo hejuru muri uwo murwi. Amabano yarahinyanyuye indirimbo ziraheza ziraba mpuzampakungu, ivyo bikaba vyafashije gushira umuziki w'Uburundi ku rwego mpuzamakungu.

Afrika Nova arazwi cane mu ndirimbo zakoze abatari bake ku mutima, benshi bakaba bibuka nk'indirimbo Kanyange, Nari Maze Imisi, Mbwira igituma, Rosa, Ntugasongere isibe, Wiyizire, Yarantumye... izi ni zimwe muri nyinshi abatari bake bamwibukirako.

Naho avuga ko atigeze abibona nk'uburyo bwa poritike, Africa Nova yararirimbiye kandi imigambwe itandukanye, harimwo Frodebu na UPRONA, mbere studio yiwe ikaba yarakoreshejwe mu gusohora imiziki y'iyo migambwe.

Kuri benshi mu rwaruka rw'Abarundi n'Abanyarwanda rutaramubona amaso ku yandi, Africa Nova ashobora gusa kumenyekana mu nkuru z'abavyeyi. Ariko kahise kiwe kerekana ko umuziki w'akarere watanguye kugira ishusho mpuzamakungu kuva kera.

Abaririmvyi b'ubu, nk'uko abivuga, "bategerezwa gukora cane, ariko rimwe na rimwe bakagira indirimbo zirimwo ubutumwa bwo kwubaka igihugu".

Inkuru ya Africa Nova ntigarukira gusa kuba ari umuririmvyi n'indirimbo ziwe, ahubwo ni urugendo rw'umuntu yaciye mu bihe bitandukanye, kuva ku vyizigiro vyakurikiye ukwikukira gushika mu bihe vy'urwimo rwa poritike, hanyuma aza kumenyekana hanze y'igihugu biciye mu muziki, ubu ijwi ryiwe rikaba ryabaye intibagiranwa.

Ubu asanzwe aba muri Canada, ariko izina ryiwe riracasamirana mu Burundi no mu karere. Inzira yiwe yerekana ukuntu umuziki ushobora guhuza ibisekuru, ugashira hamwe kahise na kubu, bigatuma n'abatigeze bamubona baguma bamwiyumvamwo.