Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump avuga ko Amerika ikeneye 'kugira ububasha bwose' kuri Groenland kugira Uburusiya n'Ubushinwa ntibiyifate
- Umwanditsi, Sarah Smith
- Igikorwa, Umunyamakuru wo muri Amerika y'uburaruko
Perezida Donald Trump avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikeneye 'kugira ububasha bwose' kuri Groenland kugira ngo Uburusiya n'Ubushinwa ntibihavye biyifata.
Igihe yishura ikibazo yari abajijwe na BBC nijoro ku wa gatanu, Trump yabwiye abanyamakuru ati: "Ibihugu bitegerezwa kugira ububasha bwuzuye ku butaka bwavyo, kandi ubwo bubasha burakingirwa; ntukingira ibintu wakose. Ni co gituma dutegerezwa gukingira Groenland".
Tuzobikora "mu buryo bworoshe" canke "mu buryo bukomeye", ni ko yongerako. Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) iherutse kuvuga ko ubutegetsi bwa Trump buriko butegekanya kugura aka karere kegukira Danemark, igihugu biri kumwe mu runani OTAN/NATO, ariko ko n'inguvu zidashirwa ku ruhande.
Danemark na Groenland bivuga ko aka karere atari ako kugurisha. Danemark ivuga ko igitero ca gisirikare cosenyura uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'uburengero.
Mw'itangazo rusangi rya nijoro ku wa gatanu, abarongoye imigambwe ya Groenland, harimwo n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, bashimangiye akamo kabo ko gusaba Amerika "guhagarika agasuzuguro ku gihugu cacu".
Bati: "Ntidushaka kuba Abanyamerika, ntidushaka kuba abanya-Danemark, dushaka kuba abanya-Groenland.
"Kazoza ka Groenland gategerezwa gufatwa mu minwe n'abanyagihugu ba Groenland".
Nubwo Groenland ari akarere ka mbere kabamwo abanyagihugu bake kandi kagutse cane, aho iherereye, hagati ya Amerika y'uburaruko n'akarere ka Arctique, ni ahantu heza hokworohereza ugucungera ibitero vya misire vyoramuka vyadutse hamwe no mu kugenzura amato yoca mu karere.
Trump ntahengeshanya kuvuga ko Groenland ari nkenerwa ku mutekano wa Amerika, aho avuga, ariko ata vyemezo, ko "hose huzuye amato y'Uburusiya n'ay'Ubushinwa".
Amerika isanzwe ifise ingabo zirenga 100 ku kigo ca Pituffik mu buraruko bushira uburengero bwa Groenland-ikigo cayo co kuva mu ntambara ya kabiri y'isi yose.
Mu masezerano asanzwe ahari na Danemark, Amerika ifise uburenganzira bwo kwinjiza muri Groenland igitigiri ico ari co cose ishatse c'ingabo.
Ariko Trump yabwiye abanyamakuru i Washington ko amasezerano y'ugukota adahagije.
"Nta bihugu bishobora gukora amasezerano y'imyaka icenda canke y'imyaka ijana", niko yavuze, akongerako ko ari ngombwa kugira ububasha bwuzuye ku butaka.
"Ndakunda Abashinwa. Ndakunda Abarusiya. Ariko sinshaka ko baba ababanyi muri Groenland, ivyo ntibizoshoboka. Kandi rero OTAN itegerezwa kubitahura".
Incuti za Danemark muri OTAN – ibihugu bikuru bikuru vya Bulaya hamwe na Canada – zose zarayishigikiye mu matangazo zasohoye muri ino ndwi, aho zishimangira ko ari "abanya-Danemark n'abanya-Groenland bonyene bafise uburenganzira bwo gufata ingingo ku bijanye n'imigenderanire yabo".
Mu gushimangira ko na vyo nyene birajwe ishinga n'umutekano w'akarere ka Arctique nk'uko bimeze kuri Amerika, bivuga ko ibi bitegerezwa gukorwa n'ibi bihugu vyishize hamwe, harimwo Amerika, "mu runani".
Bisaba kandi "gukurikiza amategeko ngenderwako y'ishirahamwe ONU, harimwo kwubahiriza ubwigenge, ubusugire bw'igihugu no gusonera imbibe z'ibihugu".
Impungenge kuri kazoza k'aka karere zasubiye kwibonekeza inyuma y'aho Trump akoreshereje inguvu za gisirikare mu gutera Venezuela ku wa gatandatu uheze mu gufata umukuru w'igihugu wayo, Nicolás Maduro.
Trump yarigeze kuvuga ko yipfuza kugura iri zinga mu 2019, mu kiringo ciwe ca mbere, ariko akaba yabwiwe ko atari iryo kugurisha.
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika Marco Rubio yasabwe kugiriranira ibiganiro na Danemark mu ndwi iza.
Muri iyi myaka ya vuba kandi, umutungo kama wa Groenland - urimwo ubutare bwa terres rares, uranium n'icuma - warateje amero menshi mu gihe ugenda woroha gushikira iyo ibarafu riyonze kubera ihindagurika ry'ibihe. Abahinga bavuga kandi ko Groenland ishobora kuba itunze gaze n'igitoro cinshi.