Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ku nguvu canke ku buguzi: Ni gute Donald Trump ashobora 'gufata' Greenland?
- Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr
- Igikorwa, Muri Maison Blanche
- Umwanditsi, Nick Beake
- Igikorwa, Europe correspondent
- Umwanditsi, Kayla Epstein
Donald Trump ariko aca ku biti no ku mabuye kugira ngo aronke Groenland/Greenland – kandi Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika)iremeza ko inzira zose ziriko zirigwa, harimwo no gukoresha inguvu.
Mu gihe igitero ca gisirikare ari imwe mu nzira ziriko zirigwako hampande y'iy'ubutunzi n'iya poritike, kandi kikaba coba ari igitero gikozwe n'umunywanyi wa OTAN/NATO ( urunani rwo kwivunira umwansi hamwe rw'ibihugu vy'uburengero) ku wundi munywanyi, iyi nzira yoba ari akaga kadasanzwe kuri uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe, mbere ishobora no gutuma rusambuka.
Trump abandanya avuga ko Groenland ari nkenerwa ku mutekano wa Amerika, aho avuga, ariko ata vyemezo atanga, ko hose huzuye amato y'Uburusiya n'Ubushinwa.
Dufatiye ku bumenyi bw'abahinga ba Amerika, b'Ubwongereza n'aba Danemark, turihweza inzira zitandukanye uno mukuru w'igihugu ashobora gufata, hamwe n'imvo y'imw'imwe.
Igitero ca gisirikare
Abahinga mu vya gisirikare bavuga ko igitero cihuta co gufata Groenland gishobora kworoha cane, ariko ko ingaruka zoba zikomeye cane.
Nubwo ari nini, Groenland ifise abantu bababa 58.000, hafi ica gatatu cabo bakaba barundaniye ku mugwa mukuru Nuuk, mu gihe abenshi basigaye baba ku nkengera y'ibahari mu burengero.
Aka karere nta gisirikare cako gafise, Danemark ikaba ari yo ijejwe kugakingira, ariko ikaba ata buryo bwa gisirikare bwo mu kirere no mu mazi bukwiye ifise kugira ngo ishobore gukingira aka karere kagutse cane.
Uduce tutari duto tw'ako karere dukingiwe na Sirius Patrol, igisata c'ingabo zidasanzwe za Denmark gikoresha ahanini imbwa.
Hagati aho, mu mwaka uheze Danemark yarongereje urugero rw'amafaranga agenewe ibikorwa vya gisirikare mu turere twa Artique n'utwo mu buraruko bw'ibahari Atlantiki, harimwo n'akarere ka Groenland.
Ubunini bw'ako karere, abantu bake bakabamwo hamwe n'uko ata gisirikare gafise, biratera amero Amerika isanzwe ifise abasirikare barenga 100 bashinze ruraguma ku kigo ca Pituffik kiri ku mpera mu buraruko bushira uburengero bwa Groenland
Iki kigo kirashobora kuba ikirindiro shimikiro mu bikorwa vyo muri kazoza.
Iki kirindiro gisanzwe kihari kuva mu ntambara ya kabiri y'isi yose, igihe ingabo za Amerika zarungikwa kuri iryo zinga kugira ngo zishinge ikigo n'iradiyo vya gisirikare inyuma y'uko Abanazi bigaruriye Danemark muri iyo ntambara.
Hans Tino Hansen, umuhinga w'umunya-Danemark mu vya gisirikare akaba kandi ari umuyobozi nshingwabikorwa w'ikigo Risk Intelligence, arerekana ingene igitero ca Amerika co gufata Groenland gishobora kugenda.
Ku bwa Hansen, Diviziyo (Division) ya 11 y'ingabo zirwanira mu kirere iri muri Alaska – iyi ikaba irimwo birigade (brigade) zibiri za Artique kandi ikaba ifise abasirikare bakoroka canke bashobora kwururukira ku migozi muri kajugujugu – ishobora kugira uruhara rudasanzwe mu gitero ico ari co cose, "ifashwe mu mugongo n'ingabo zirwanira mu kirere no mu mazi".
Umwihwezo wiwe wasubiwemwo na Justin Crump, intwazangabo y'umukukuruke mu gisirikare c'Ubwongereza, akaba arongoye kompanyi y'igendereza Sibylline.
Agira ati: "Amerika ifise inguvu zidasanzwe zo kurwanira mu mazi kandi ifise ubushobozi bwo kurungikayo ingabo nyinshi, ku buryo urugendo rumwe gusa rw'indege rushobora gutwara ingabo zikwiye".
Crump yongerako y'uko iyi nzira yoba ari iy'ubugome, ariko kandi igashobora gushika ku ntego ata maraso asesetse aho wosanga ata vyo kwivuna bihabaye.
Hagati aho, abahoze ari abategetsi batari bake hamwe n'abihweza ibintu n'ibindi mu vya gisirikare, bavuga ko ku rugero rutari ruto igitero ca gisirikare kidashoboka, kubera ingaruka zikomeye cane gishobora kugira ku masezerano atari make Amerika ifitaniye n'ibihugu vya Bulaya.
Mick Mulroy, yahoze ari ingabo mu gisirikare kirwanira mu mazi, umukozi wa CIA, akaba kandi yarabaye n'icegera c'umushikiranganji wo kwivuna abansi, agira ati: "Ivyo vyoba biteye kubiri n'amategeko yose mpuzamakungu. Uretse ko ata kibazo bateye Amerika, bafitaniye ubucuti biciye mu masezerano".
Ari nka hamwe Maison Blanche yotangura gutegura ivy'igitero ca gisirikare, Mulroy abona ko abashingamateka n'abakenguzamateka bobirwanya bikomeye, bakabiburizamwo bishimikije itegeko bwirizwa rizwi nka War Powers Act – itegeko rigabanya ububasha bw'umukuru w'igihugu bwo kuja mu ntambara inama nshingamateka na nkenguzamateka batabimuhereye uruhusha.
Ati: "Sinibaza ko hari n'umwe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka yohava yemera gusambura urunani rwa OTAN".
Kugura Goenland
Amerika ifise amahera menshi cane, ariko Groenland si iyo kugurisha, nk'uko bibandanya bishikirizwa na Nuuk (ubutegetsi bwa Groenland) hamwe na Copenhagen (ubutegetsi bwa Danemark).
Isubiramwo umushingamateka hamwe n'isoko rizi ivy'ibi biganiro, CBS – ikimenyeshamakuru gikorana na BBC muri Amerika – itangaza ko umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio yabwiye abashingamateka n'abakenguzamateka ko ubuguzi ari yo nzira yipfuzwa n'ubutegetsi bwa Trump.
Ariko naho Groenland yokwipfuza kugurishwa, ubu buguzi bwogorana cane rwose.
Amafaranga ayo ari yo yose yoshirwa muri uno mugambi ategerezwa kubanza kwemezwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka, kandi no mu gihe Amerika yoba yipfuza kuronka Groenland biciye mu masezerano, vyosaba ko inama nkenguzamateka ivyemeza kuri bibiri vya bitatu - abahinga bakabona ko ibi vyogorana.
Vyongeye, Ubumwe bwa Bulaya na bwo nyene bwotegerezwa kwemeza ayo masezerano.
Naho Trump yoba ashobora kwiyumvira kugerageza gushika ku masezerano wenyene atabajije Groenland canke inama nshingamateka na nkenguzamateka, abahinga babona ko ibi bidashoboka na gato.
Prof Monica Hakimi, umuhinga mu mategeko mpuzamakungu kuri kaminuza ya Columbia, avuga ko umuntu "ashobora kwiyumvira aho" Danemark, Amerika na Groenland bishobora gushika aho vyemeranya itangwa ry'aka karere.
"[Ariko] kugira ngo bijane neza n'amategeko mpuzamakungu, bishobora kuba ngombwa ko abanya-Groenland bagira uruhara muri ayo masezerano kugira ngo bihitiremwo ico bashaka ko boba".
Igiciro c'iri zinga ntigitomoye. Ibi bishobora kutorohera Trump, yiyamamarije ku civugo nyamukuru ca "America First" (twogereranya mu Kirundi na Amerika imbere ya vyose).
Kurekura amamiriyoni canke mbere amamiriyaridi y'abatangakori ba Amerika kw'izinga ry'ibarafu bishobora kugwa nabi umugambi shimikiro wiwe wa Make America Great Again, Maga (twogereranya mu Kirundi na Subiza Amerika Ubukomezi bwayo).
Hagati aho, Crump abona ko ari nka hamwe Trump yonanirwa no kugura iri zinga, ashobora kwikora ku nzira ya gisirikare - na rirya intwaro yiwe ishobora kuba itewe intege n'igitero giheruka cagenze neza catumye Nicolas Maduro wa Venezuela ahagarikwa.
"Ashobora kuvuga ati, 'ntaco, tugiye gufata iyi nzira'".
Rubio, mu gihe yiteze kubonana n'abategetsi ba Danemark mu ndwi iza kugira ngo bavugane ku kibazo ca Groenland, avuga ko Trump atari we "mukuru w'igihugu wa mbere wa Amerika yiyumviriye canke arondeye ukungene tworonka" aka karere.
Afatira kuri Harry Truman, aho mu 1946 yashikirije iciyumviro co guha Danemark imiriyoni 100 z'amadorari y'Abanyamerika mu nzahabu kugira ngo agure Groenland.
Isekeza ryo kwigarurira imitima y'abanyagihugu ba Groenland
Amatohoza yerekana ko benshi mu baba muri Groenland bipfuza kwikura kuri Danemark.
Ariko aya matohoza nyene yerekana ko badashaka kuba intara ya Amerika.
Ariko nubwo biri uko, Amerika ishobora kwongereza akariro kugira ngo yigarurire imitima y'ababa muri iri zinga biciye mu kubaha amafaranga y'inyungu z'igihe gito canke mu kubemerera inyungu z'ubutunzi muri kazoza.
Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyamaze gutangura gutangaza ko inzego za Amerika zijejwe igendereza zongereje inguvu mu gukurikiranira hagufi imihari iriko iharanira ukwikukira kwa Groenland, zigerageza kurondera bamwe mu barongoye uru rugamba bashobora gushigikira intego z'ubutegetsi bwa Trump.
Imran Bayoumi, umuhinga mu vya gisirikare mu kigo c'abahinga Atlantic Council i Washington DC akaba kandi yarabaye umujenama mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, yabwiye BBC ko 'isekeza ryo kwigarurira imitima' ari ryo rishoboka gusumba inzira ya gisirikare iyo ari yo yose.
Asigura ko iri sekeza rishobora gukokeza ukwikukira kwa Groenland.
Ati: "Hanyuma, Greenland imaze gutangaza ko yikukiye, ni ho reta ya Amerika yoca iba incuti yayo. Igitero ca gisirikare cotwara uburyo bwinshi cane".
Ubucuti nk'ubu ntibwoba ari ubwa mbere.
Nk'akarorero, Amerika yaragiriraniye amasezerano nk'aya n'amazinga yo mw'ibahari Pasifike ya Palau, Micronesia na Marshall – yose akaba ari ibihugu vyigenga biha Amerika uburenganzira bwo gukorerayo ibikorwa vya gisirikare.
Ku ruhande rwavyo naho, abanyagihugu b'ivyo bihugu bitatu na bo bafise akaryo ko kuba no gukora muri Amerika.
Ariko Trump ashobora kudahaga, mu gihe ubu asanzwe afise ububasha bwo kwinjiza ingabo nyinshi uko ashatse muri Groenland biciye ku masezerano asanzwe ahari.
Hanyuma kandi, amasezerano nk'aya ntiyoha akaryo Amerika ko kwihagira amatungo menshi cane y'ubutare buri kure cane mu kuzimu mu karere k'ibarafu ka Arctique.
Hansen, umunya-Danemark yihweza ibintu n'ibindi, abona ko inzira iyo ari yo yose yo kurondera Groenland - hadakoreshejwe inzira ya gisirikare – ataco yoshikako mu gihe abanyagihugu ba Groenland baterekwa iki ciyumviro.
Muri iki gihe, nta migambwe yo muri iri zinga iriko yiyamamariza ukwegukira Amerika.
Ati: "Igishoboka cane ni uko Groenland isubira kuba umunywanyi w'Ubumwe bwa Bulaya".
Arangiza agira ati: "Hanyuma kandi, ubutegetsi bwa Amerika buhari ubu busigaranye imyaka itatu, mu gihe ababa muri Groenland bashobora kuba bategura imigambi y'imyaka 1000".