Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Amatora niyaba mu muco ata nkunzi, nzemera aho intahe ishize' - Bobi Wine
Umwe mu batavuga rumwe na reta akomeye, yitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Uganda avuga ko yiteguriye gutsinda, ariko ko n'aho yotsindwa, amatora yabaye mu muco, azoshigikira ivyayavuyemwo.
Mu kiganiro yahaye BBC, Robert Kyagulanyi uzwi cyane nka Bobi Wine, yavuze ko basaba reta kutazoca umuhora wa internet mu bihe vy'amatora "kugira abanyagihugu bamenye uko ibintu vyagenze. Kugira akarere n'amakungu bakurikirane bibonere ingene natsinze canke natsinzwe".
Yongeyeko ati: "Ninatsinda Gen Museveni n'abandi bategerezwa kwemera ishaka ry'abanyagihugu. Mu gihe na ho abanyagihugu bohunda amajwi ahandi, ntegerezwa kwemera aho bashize."
Amatora ya prezida n'abashingamateka ategekanijwe ku musi wa kane itariki 15 z'uku kwezi kwa Nzero uyu mwaka.
Abagabo umunani ni bo bitoje ku mwanya wa prezida, abo ni;
- Yoweri Kaguta Museveni
- Robert Kasibante
- Joseph Mabirizi
- James Nathan Nandala Mafabi
- Gregory Mugisha Muntu Oyera
- Robert Kyagulanyi Ssentamu
- Mubarak Munyagwa Sserunga
- Frank Bulira Kabinga
Museveni w'umugambwe NRM na Kyagulanyi wa NUP ni bo bahiganwa cane, ariko na Nandala Mafabi w'umugambwe FDC ari mu bakandida bakomeye.
Kizza Besigye yari amaze guhiganwa na Prezida Museveni incuro zine zose ntazitabira ayo matora kuko apfunzwe.
Uwo mugabo yafatiwe muri Kenya mu buryo budafudutse, ubu ari mwibohero muri Uganda yagirizwa ivyaha vyo kugambanira igihugu.
Imigambwe ihabwa amahigwe yo kuronka amajwi menshi muri aya matora yimirije ni NRM wa prezida Kaguta Yoweri Museveni ku civugo " Ducunge neza ivyo tumaze kugerako" na NUP w'uwutavuga rumwe na reta Bobi Wine, ku civugo "Tora, cunga ijwi ryawe kandi uryishuze".
Hari ababona ko prezida Museveni, kubera imyaka yiwe n'ikiringo amaze arongoye igihugu ca Uganda, asa n'uwuriko aracira inzira umuhungu wiwe Gen Muhoozi Kainerugaba, ubu ari we asanzwe arongoye ibiro bikuru vya gisirikare vy'ico gihugu.
Ariko umuvugizi w'umugambwe NRM, Emmanuel Lumala Dombo arabihakana.
Agira ati:"General Muhoozi, kubera amabanga yagiye arazezwa, vyatumye abantu benshi bibaza ko ayo mabanga ayahabwa kubera ko ariko ategurirwa kuba umukuru w'igihugu.
"None uko ni ko bategura indongozi? Ku bwacu muri NRM, indongozi zitegurwa biciye mu nzego zitandukanye. Ushobora kuba watowe nk'umwe mu bagize inama nshingamateka, mu nzego z'urwaruka, mu buyozi bw'urwaruka, canke ukaba wagenywe mu bushikiranganji. Ivyo vyose ni uburyo bwo gutegura umuntu."
'570 ba Bobi Wine barafunze'
Abatavuga rumwe na reta, harimwo na Bobi Wine, umugambwe wiwe ari wo wari waronse intebe nyinshi mu nama nshingamateka inyuma y'uwa Museveni mu matora aheruka mu 2021, bavuga ko baburabuzwa. Bobi Wine avuga ko abategetsi benshi bo mu mugambwe wiwe ubu bari mw'ibohero.
Agira ati:"Turaburabuzwa buri musi. Buri musi, amajana y'abanywanyi bacu barafatwa bagafungwa.
"Murabizi, n'imbere yuko ukwiyamamaza gutangura abari bajejwe umutekano wanje barafashwe. Hanyuma twarashizeho uwundi murwi mushasha ujejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza, ariko muri bo 570 ubu barapfunzwe .
"Umurwi wanje wose ujejwe umutekano n'uwujejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza wose wafashwe mu kwezi kwa mbere tugitangura kwiyamamaza. Ariko turabandanya. Nk'uko nabivuze, dushimikira kuco turondera."
Uwo yahoze ari umuririmvyi rurangiranwa avuga kandi ko hari ibibanza bimwe bimwe batemerewe kwiyamamarizamwo nko mu bisagara aho bivugwa ko afise abanywanyi benshi.
Kenshi mbere iyo bahatumbereye ugasanga igipolisi kirabashwayemwo. Ibi n'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw'isi, Amnesty International riravyemeza mu cegeranyo caryo co kw'itariki 5 z'uku kwezi.
Igipolisi kivuga iki?
Igipolisi ca Uganda ntigihakana ko hari abantu bafatwa bagapfungwa, ariko ko baba bazize ivyaha bakoze ku giti cabo.
Kituuma Rusoke umuvugizi w'igipolisi ca Uganda yamirira kure ivyo gupfunga abantu kubera ibikorwa vya politike.
Agira ati:"Ico Amnesty ishobora kwita ubugome, jewe nocita iciyumviro kidafite aho gihagaze, kuko ku rwego mpuzamakungu biremewe gukoresha inguvu zikenewe mu ntumbero yo gufata uwukekwako icaha."
Rusoke abandanya avuga ko "ushishoje neza urabona ko vyinshi mu bintu vyagiye bitera ingorane n'ibintu bijanye n'inzira bafata mu kwiyamamaza. Izo na zo ziba zumvikanyweko bakibisaba.
"Uranabona neza ko muri uko guhangana n'igipolisi ari ho abapolisi bakubitirwa, usanga hari abapolisi bahakomerekeye."
Mu matora yo ku wa kane hazotorwa kandi abashingamateka barenga 500.
Prezida Kaguta Yoweri Museveni yashitse ku butegetsi mu 1986, azoba yitoreza ikiringo ciwe kigira indwi.
Imigambwe yose iriko iriyamamaza ishira imbere amajambo asosera urwaruka rwo muri Uganda rugize ibice 70 kw'ijana vy'abazotora.