Kubera iki Trump ashaka Greenland?Bisigura iki kuri OTAN?

    • Umwanditsi, James FitzGerald

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yarasubiyemwo kenshi ko Amerika ikwiye kugenzura izinga rya Greenland, avuga ko ivyo vyofasha umutekano w'igihugu ciwe.

Ivyo yasavye vyaratewe ivyatsi n'abatwara Greenland hamwe na Danemark, igihugu gisanzwe kiri mw'ishirahamwe OTAN girwata iryo zinga.

Greenland iri hehe? kubera iki ifise akamaro kuri Trump?

Greenland ni ryo zinga rinini kuruta ayandi yose kw'isi atari umugabane, riherereye ku mpera y'isi ya Arctique.

Ni co gihugu kandi gifise abanyagihugu bake cane ku birometero kwadrato. Abantu bagera ku 56.000 ni bo bahaba, benshi muri bo bakaba ari abo mu bwoko bwa Inuit, abenegihugu kavukire.

Hafi 80% vy'ubutaka bwa Greenland butwikiriwe n'urubura, ivyo bigatuma abantu benshi baba ku nkengera zo mu majepfo asharira uburengero, ahari n'umurwa mukuru, Nuuk.

Ubutunzi bwa Greenland buhagaze ahanini ku burovyi, kandi ico gihugu kironka n'imfashanyo nyinshi z'amahera ziva muri reta ya Danemark.

Ariko mu myaka iheze, harabaye inyota yo kurondera ubutunzi kama bwa Greenland, harimwo amabuye y'agaciro adasanzwe, iraniyumu na iron.

Ivyo vyoshoboka kubera ko isi igenda ishuha ivyo navyo bikagabanya urubura rusanzwe rutwikiriye ico gihugu.

Amabuye y'agaciro ni ikintu Trump yagiye yitaho cane no mu bindi bihugu vyo kw'isi, harimwo n'ivyo agenda ayaga na Ukraine.

Ariko Prezida wa Amerika yavuze ngo: "Dukeneye Greenland kubera umutekano w'igihugu, atari kubera ubutunzi kama."

Yongeye kandi avuga ko "Greenland yuzuye ubwato bw'Uburusiya n'Ubushinwa biri hirya no hino."

Trump yavuze iki ku bijanye n'uko Amerika yogenzura Greenland?

Trump yasubiye gusaba ko Amerika yogenzura Greenland, inyuma y'igikorwa ca gisirikare ca Amerika cabereye muri Venezuela, aho prezida w'ico gihugu Nicolás Maduro n'umutambukanyi wiwe bafashwe bagakurwayo bajanwa i New York.

Inyuma y'ayo majambo Trump yavuze kuri Greenland, umushikiranganji wa mbere w'ico kirwa, Jens Frederik Nielsen, yishuye avuga ati: "Birahagije ubu," avuga ko iciyumviro co kugenzurwa na Amerika ari "iciyumviro kidashoboka."

Ariko Trump n'abamufasha ntibahengeshanya kubandanya bashimangira ico cipfuzo. Trump yavuze ko "ivyo yavuze yari mukuri" ku mugambi yiwe, yongerako ko Greenland ifise akamaro kanini ku mutekano w'Uburayi n'uwa Amerika.

Mu 2019, mu kiringo ciwe ca mbere , Trump yaratanze iciyumviro c'uko yogura iryo zinga, ariko amenyeshwa ko kitagurishwa.

Yasubiriye kugarukana inyota yiwe yo kukironka inyuma yo gusubira kuba umukuru w'igihugu muri Mukakaro(7) 2025, kandi ntiyashiwe inyuma ico gukoresha inguvu.

Harabaye kandi ingendo zo kuja muri Greenland z'abategetsi zateye icuka kibi.

Icegera ca Prezida, JD Vance, yaragendeye Greenland mu kwezi kwa Ntwarante(3), aho yavuze ijambo yagiriza Danemark kuba itashizemwo amahera akwiye yo kurinda ico kirwa.

Ivyipfuzo vya Amerika vyasubiye kuvugwa cane mu mpera za 2025, inyuma y'uko Trump ashizeho intumwa idasanzwe ishinzwe Greenland, Jeff Landry, yagiye avuga ku mugaragaro ibijanye no gucunga iryo zinga bafatanyije na Amerika.

Danemark n'abandi bafatanyabikorwa ba OTAN bavuga iki?

Nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC akurikirana ibijanye na diplomasi, James Landale, inyifato ya Trump yaratangaje cane Danemark, igihugu gifatanyabikorwa ca OTAN cari gisanzwe gifitaniye imigenderanire myiza na Washington.

Umushikiranganje wa mbere wa Danemark, Mette Frederiksen, yaragabishije ko ingingo iyo ari yo yose yogerageza kugenzura Greenland yoba isigura iherezo rya OTAN isanzwe ari ihuriro rya gisirikare ry'ibihugu vyo mu Burengerazuba, Danemark na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bihuriramwo.

Umushikiranganje wa mbere w'Ubwongereza, Keir Starmer, na we nyene asanwe arumwe mu batwara OTAN, yavuze ko Greenland na Danemark ari bo bonyene bafise ububasha bwo gufata ingingo ku kazoza k'ico kirwa.

Umuvugizi wa kaminuza y'Ubumwe bw'Uburayi mu bijanye na politike mpuzamakungu yavuze ko uwo muryango witeguye kurwanira ingingo zo "kwigenga kw'igihugu no kubungabunga imbibe zaco."

Kubera iki Danemark ariyo igenzura Greenland?

Naho ari igice kiri k'umugabane wa Amerika ya Ruguru, Greenland imaze imyaka nka 300 igenzurwa na Danemark naho iri kure hafi ibirometero 3.000.

Ariko inyota ya Amerika ku bijanye n'umutekano kuri Greenland na yo nyene iragaruka kure cane mu mateka, kandi mbere ya Trump, hari ubutegetsi bwa Amerika bubiri bwigeze kugerageza kuyironka ariko burananirwa.

Iryo zinga ryari riganzwa nk'ikiri mu bukoloni gushika hagati mu kinjana ca 20. Mu gihe kinini c'ico kiringo, ryari izinga riri ukwaryo kandi rikenye.

Inyuma y'uko Ubudage bw'aba Nazi bufashe Danemark nk'igihugu nyamukuru mu Ntambara ya Kabiri y'Isi yose, Amerika yarateye Greenland, ihashinga ibirindiro vya gisirikare n'uburyo bwo gutumatumanako amakuru.

Inyuma y'intambara, igisirikare ca Amerika caragumye muri Greenland. Ikigo ca Pituffik Space Base, cahora citwa Thule Air Base, carakomeje gukoreshwa na Amerika kuva ico gihe gushikau n'bu.

Mu 1951, amasezerano y'ukwikingira yagiranywe na Danemark yahaye Amerika uruhara runini mu kurinda Greenland, harimwo n'uburenganzira bwo kwubaka no kubungabunga ibirindiro vya gisirikare.

Mu 1953, ico kirwa cagizwe igice c'Ubwami bwa Danemark, maze abenegihugu ba Greenland bahabwa ubwenegihugu bwa Danemark.

Abanyagihugu ba Greenland biyumvira gute?

Mu kwishura ivyo Trump yavuze atera ubwoba mu ntango za 2026, umushikiranganji wa mbere wa Greenland, Nielsen, yavuze ati:

"Nta kindi gitutu. Nta yandi majambo y'ivyifuzo bihishije. Nta bindi vyipfuzo vyo kwigarurira igihugu.

"Turiteguye ku biganiro. Turuguruye ku guhanahana ivyiyumviro. Ariko ivyo bitegerezwa gukorwa biciye mu nzira zibereye no mu kwubahiriza amategeko mpuzamakungu".

Igihe umunyamakuru wa BBC, Fergal Keane, yagendera Greenland mu 2025, yumvise amajambo asubirwamwo kenshi ati:

"Greenland ni iy'abanyagihugu bayo. Rero Trump ashobora kuyitembererera, ariko aho ni aho biherera."

Ivyiyo ngingo nivyo vyabaye ishimikiro mu gihe c'amatora y'ico gihugu yabaye muri uwo mwaka.

Amatora y'ivyiyumviro yerekana ko benshi mu banyagihugu ba Greenland bashigikiye kwigenga nk'igihugu bakava kuri Denmark, ariko ko kandi benshi muri bo banka iciyumviro co kuba igice ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Igihe Trump yatangura gushira ahabona iciyumviro co kugura Greenland mu 2019, benshi mu banyagihugu bavuga ko batavyemera.

Dines Mikaelsen, akorera muvyabakerarugendo, yavuze ati: "Iki ni iciyumviro kibi cane."

Aleqa Hammond, yigeze kuba umushikiranganji wa mbere w'umugore muri Greenland, yavuze na we ati: "Adufata nk'ibidandazwa ashobora kugura."