Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Irani mu migumuko ikomeye: Ibitaro bivuga ko vyarengewe n'ibiziga be n'inkomere
- Umwanditsi, Soroush Pakzad
- Umwanditsi, Roja Assadi
- Igikorwa, BBC News Persian
- Umwanditsi, Helen Sullivan
Abakozi bo ku bitato bitatu muri Irani babwiye BBC ko ibigo vyabo vyarengewe n'ibiziga hamwe n'inkomere, mu gihe imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza reta ibandanya.
Umuganga wo ku bitaro bimwe ku mugwa mukuru Tehran avuga ko hari "bamwe muri uru rwaruka barashwe mu mutwe, abandi ku mutima", mu gihe umuganga umwe na we avuga ko ibitaro vy'amaso biriko birananirwa.
Babiri mu baganga bavuganye na BBC bavuga ko mu barwayi bakiriye harimwo abarashwe amasasu nyayo.
Ku wa gatanu, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagabishije ko kwica abari mu myiyerekano bishobora gutuma zija gutabara gisirikare. Irani yagirije Amerika ko yahinduye imyiyerekano yariko ikorwa mu mahoro ihinduka "ibikorwa bibi vy'ubugizi bwa nabi n'ubwononyi".
Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro igihe yavuga kuri ibi biriko bibera muri Irani, Trump yanditse ati: "Irani iriko irarunguruka UBWIGENGE, kumbure ku rugero itari bwigere ishikako. Amerika iriteguye gufasha!!!"
Kugabisha: Iyi nkuru irimwo amajambo avuga ivy'impfu n'inkomere ashobora kubangamira bamwe
Haraciye indwi zibiri iyi myiyerekano itanguye ku mugwa mukuru Tehran kubera ibibazo vy'ubutunzi.
Kuva ico gihe imaze gukwiragira gushika mu bisagara birenga 100 mu ntara zose za Irani. Amakuru avuga ko hari abari muri yo baharurwa mu majana bamaze kwicwa canke gukomereka, n'abandi benshi bamaze guhagarikwa. Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw'igi perisi (BBC Persian) kiremeza indangamuntu z'abantu 26 bishwe, harimwo abana batandatu.
Hari n'abajejwe umutekano bamaze kwicwa, ishirahamwe rimwe riharanira agateka ka zina muntu rikavuga ko bashika kuri 14.
BBC Persian yemeje ko ku mugoroba wo ku wa gatanu, ibiziga 70 vyashikanywe ku bitaro vya Poursina mu gisagara ca Rasht. Uburuhukiro bwari bwuzuye, bica biba ngombwa ko ibiziga bikurwaho. Abategetsi basavye imiryango y'abapfuye amafaranga angana n'imiriyoni 7 z'ama-rials (ni ukuvuga amadolari 7.000 y'Abanyamerika) kugira babitange maze bishobore guhambwa, nk'uko umukozi wo ku bitaro yabivuze.
BBC hamwe n'ibinyamakuru vyinshi mpuzamakungu ntibishobora gukorera muri Irani, mu gihe kuva ku wa kane internet yaciwe hafi mu gihugu cose, ibi bigatuma bigorana kuronka no guhinyuza ibivugwa.
Umukozi wo mu bitaro vy'i Tehran avuga ko habaye "ibintu biteye ubwoba cane", kandi ko habi abakomeretse benshi cane ku buryo abaganga bataronse n'ingene bashobora guhembura abari ku mpfiro.
Uno mukozi w'umugore ati: "Abantu bababa 38 barapfuye. Benshi bapfuye bagishikanwa ku bitanda vy'indembe…urwaruka rwarashwe mu mitwe no ku mitima. Hari benshi bapfuye bataranashikanwa ku bitaro.
"Bari benshi cane ku buryo twabuze n'aho tubashira mu buruhukiro; ibiziga vyaragerekeranijwe.
"Uburuhukiro bumaze kwuzura, baciye babirundaniriza hamwe mu cumba c'amasengesho".
Uno mukozi wo mu bitaro avuga ko abapfuye n'abakomeretse bari urwaruka.
"Sinashobora kuraba benshi muri bo, bari bafise imyaka hagati ya 20 na 25".
Umuganga yavuganye na BBC aciye kuri Starlink mw'ijoro ryo ku wa gatanu yavuze ko ibitaro bikuru bivura amaso i Tehran, Ibitaro Farabi, vyinjiye mu bihe bidasanzwe aho ibisata vyakira indembe vyarengewe.
Ibikorwa vyo kuvura abarwariye mu bitaro hamwe n'ivyo kubaga vyarahagaritswe mu kiringo gito, abakozi basabwa kuvura indembe.
Inzego z'umutekano za Irani zirakunze gukoresha inkoho ntonto zirasa udutete mu gihe zihanganye n'abari mu myiyerekano.
'Narabonye umuntu umwe yarashwe mu jisho'
Uwundi muganga wo mu gisagara ca Kashan hagati muri Irani yabwiye BBC ko benshi mu bakomeretse bari mu myiyerekano barashwe mu maso, kandi ko bagenziwe bakorera mu bitaro bitandukanye vyo muri ico gisagara bavuga ko bakiriye abantu benshi bakomerekeye muri iyo myiyerekano yo ku wa gatanu mw'ijoro.
Eka no ku wa kane habaye ibintu nk'ivyo.
Umuganga wo ku kigo c'ubuvuzi i Tehran yabwiye BBC ati: "Igitigiri c'abapfuye n'abakomeretse cari kinini cane. Narabonye umuntu umwe yarashwe mu jisho, urusasu rufyukira inyuma mu mutwe.
"Hafi isaha zitandatu z'ijoro, imiryango y'iki kigo yarugawe. Umurwi w'abantu barasenyuye urugi batereramwo umugabo yari yarashwe, baca baragenda. Ariko akaba kari kamaze kuba – yapfuye atarashikanwa ku bitaro, ntako yashobora guhemburwa".
BBC yaronse kandi ubutumwa bwa videwo n'ubw'ijwi yahawe n'umuganga wo ku bitaro bimwe vyo mu gisagara ca Shiraz kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Irani, bwavuga ko ibi bitaro vyariko vyakira abantu benshi bakomeretse, ariko ko bitari bifise abaganga bakwiye kugira ngo bavure iki gitigiri c'umurengera.
Videwo yerekana iyo myiyerekano yo ku wa gatanu muri Irani yagaragaza igico c'abantu bihereza amabarabara, baturira amamodokari hamwe n'inyubakwa za reta mu gisagara ca Karaj, hafi y'umugwa mukuru.
Igisirikare ca Irani kivuga ko gishobora kwifatanya n'inzego z'umutekano mu gucungera amatungo y'igihugu.
Ni inyuma y'amakuru yavuga ko inzego z'umutekano zari zarengewe igihe iyi migumuko yakwiragira hose mu gihugu.
Umwe mu binjiye muri iyi myiyerekano mu majoro yo ku wa kane no ku wa gatanu i Tehran yabwiye imboneshakure ya BBC Persian ko urwaruka rwa Gen Z muri Irani rwagize uruhara rudasanzwe mu guhimiriza abavyeyi n'abantu bakuze kuva hasi bakifatanya na bo muri iyo myiyerekano, babasaba gutsinda ubwoba.
Nijoro ku wa gatandatu, umukuru w'Ubumwe bwa Bulaya Ursula von der Leyen yavuze ko Ubulaya bushigikiye imyiyerekano y'abanyagihugu ba Irani aca yiyamiriza ikoreshwa ry'inguvu z'umurengera ku bari muri yo.
Ni inyuma y'uko ku wa gatanu, umuvugizi wa ONU Stéphane Dujarric yavuze ko iri shirahamwe ritewe umutima uhagaze n'abantu bicwa.
Ati: "Abantu kw'isi yose bafise uburenganzira bwo kuja mu myiyerekano mu mahoro, kandi amareta afise inshingano zo gukingira ubu burenganzira, kandi agakora uko ashoboye kugira ngo bwubahirizwe".
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer hamwe n'umukuru wa reta y'Ubudagi Friedrich Merz basohoye itangazo rusangi basaba abategetsi ba Irani "kwubahiriza uburenganzira bw'ugushikiriza ivyiyumviro no gukoranira hamwe mu mahoro ata bwoba bwo gukurikiranwa".
Mw'ijambo yashikirije ku wa gatanu ku mboneshakure, indongozi y'ikirenga ya Irani Ayatollah Ali Khamenei yerekanye ko atajugumizwa n'ibiriko biraba, aho yagize ati: "Reta ya Kisilamu yashitse ku butegetsi hasesetse amaraso y'ibihumbi amajana n'amajana y'abitanze kandi ntirota isubira inyuma imbere y'abo babihakana".
Mu yandi majambo yavuze mu nyuma ku mboneshakure y'igihugu, Khamenei yashimangiye ko iyi ntwaro itazodohoka "mu guhangana n'aba bantu barondera gusambura" avuga ko "bariko bagerageza gushimisha umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika".
Hagati aho, umuhungu w'umwami wa nyuma wa Irani yakuwe ku ngoma mu mpinduka za Kisilamu zo mu 1979, avuga ko iyi myiyerekano ari "akaroruhore", mbere asaba abanya-Irani kutadohoka.
Mu butumwa bwa video yacishije ku mbuga hwaniro, Reza Pahlavi yagize ati: "Intego yacu ntikiri iyo kwiha amabarabara. Intego ni ukwitegura gufata ibisagara bikuru".
Aho ari muri Amerika, Pahlavi yavuze ko ariko yitegurira gusubira mu gihugu.
Ariko uwahoze aserukira Ubwongereza muri Irani Sir Simon Gass yabwiye ikiganiro Today ca BBC Radio 4 ko "tudakwiye kwihuta cane" mu kuvuga ivy'ihinduka ry'intwaro.
Avuga ko kubona ata gukorera hamwe kuhari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi muri Irani bisigura ko ata wundi muntu bafise boja inyuma kugira ngo na we abaje imbere uko ibintu bihagaze.
Ku wa gatanu, Perezida Trump yarashimangiye amajambo yiwe yo kugabisha ubutegetsi bwa Irani ko Amerika "izobakubita bikomeye" ari nka hamwe botangura "kwica abanyagihugu".
Ariko yatanze umuco avuga ko ibi bidasigura "kurungika ingabo ku rubuga". Mu mwaka uheze, Amerika yarakoze ibitero vyo mu kirere ku bigo vya nikleyeri vya Irani.
Umukenguzamateka Lindsey Graham yanditse incuro zitari nke ku mbuga hwaniro ashigikira iyi myiyerekano, aho yanditse ati: "Ku banyagihugu ba Irani: indoto mbi mumazemwo igihe ziri hafi kurangira".
Avuga ko umukuru w'igihugu ca Amerika yabonye "ubutwari bwanyu n'ukwiyemeza guhagarika agahahazo", akongerako ati: " Ubufasha buri mu nzira".
Imbere y'aho, yagize ati: "Ku burongozi bw'iyi ntwaro: ububisha bwanyu ku banyagihugu b'inshirwarimenetse ba Irani ntibushobora kwijana".
Hagati aho, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire buvuga ko ibirego vy'umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire yagiriza Amerika na Israel ko ari vyo biriko bikokeza imigumuko bifise, intumbero yo "kugerageza kuzimagiza abantu" ku bibazo bihanze intwaro ya Tehran.
Taghi Rahmani, umunyaporitike wa Irani yamaze imyaka 14 mw'ibohero umugore wiwe na we, Narges Mohammadi yatsindiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel agasubira guhagarikwa muri Kigarama (12) umwaka uheze, avuga ko impinduka nyazo zitegerezwa kuva mu banya-Irani bonyene, ata munyamahanga avyivanzemwo.
Iyi myiyerekano ni yo ya mbere ikomeye kuva imigumuko yo mu 2022 yandurutse ku rupfu rwa Mahsa Amini yapfiriye mu gasho, inyuma y'uko ahagaritswe n'igipolisi kijejwe inyifato kimwagiriza ko atari yambaye neza hijab (umwitwikiro w'Abasilamu b'abagore) yiwe. Abantu barenga 550 barishwe, abandi 20.000 barahagarikwa, nk'uko bivugwa n'amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu.
Eka no mw'ijoro ryakeye abanyagihugu bihaye amabarabara ukuri kwamye, nubwo amakuru avuga ko hari amajana n'amajana bishwe abandi bagakomeretswa n'inzego z'umutekano mu misi itatu iheze.
Amashusho yagenzuwe hamwe n'amakuru y'ababibonye yashikiriye BBC, bisa n'ibigaragaza ko reta iriko yongereza akariro mu gutuza iyi myiyerekano, mu gihe n'ubu ibandanya yugaye internet.
Umushikirizamanza mukuru w'igihugu, Mohammad Movahedi Azad, yari yavuze ejo ku wa gatandatu ko umuntu uwo ari we wese ari mu myiyerekano azofatwa nk'"umwansi w'Imana" - icaha gihanishwa igihano c'urupfu.
Soroush Negahdari, Mallory Moench na Aleks Phillips baterereye muri iyi nkuru.