Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru w'umurwi ujejwe amatora muri Uganda avuga ko yatewe ubwoba
Umukuru w'umurwi w'igihugu ujejwe gutegura no guhagararira amatora muri Uganda avuga ko yatewe ubwoba ku bijanye n'ivyo ashobora gutangaza ko bizoba vyavuye mu matora buca aba muri ico gihugu.
Simon Byabakama yashikirije ibi mu gihe yariko yishura ikibazo ca BBC ku bijanye na videwo yazungurutse ku mbuga hwaniro aho umuhanuzi w'umukuru w'ico gihugu avuga ko Umurwi ujejwe amatora utazokwigera na gato utangaza ko umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi Robert Kyagulanyi, azwi cane kw'izina rya Bobi Wine, ari we mukuru w'igihugu.
Muri iyo videwo, uno muhanuzi w'umukuru w'igihugu akurikirana ibikorwa Yiga Kisakyamukama, yumvikana avuga ati: "Ntimwitege kandi ntimuniyumvire, ko Simon Byabakama yotangaza Bobi Wine. Perezida Museveni asanzwe ari ku ngoma azoguma ku ngoma.
"Ntimwigere mwiyumvira ko Museveni yova ku butegetsi biciye mu matora. Oya, oya, oya – ni mureke gutakaza umwanya wacu".
Byabakama arongoye umurwi ujejwe amatora ashimangira ko umurwi arongoye ukora ibikorwa vyawo mu mwidegemvyo hakurikijwe amategeko, akavuga ashimitse ko uzotangaza uwuzoba yatsinze, nk'uko ibiharuro bizoba bivyerekana.
Agira ati: "Itegeko ry'umukuru w'igihugu rigenga amatora ritegeka umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora guhinyuza, gutangaza no gushira ahabona ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu. Ni uko bimeze. Ntushobora guca ku ruhande iyi ngingo y'iri tegeko".
Yabandanije ahishura ko hari abantu bamugabishije ko ari nka hamwe yonanirwa no gutangaza ko abantu bamwebamwe ari bo bazoba batsinze azoshobora guhura n'ibibazo.
Ati: "Murazi ivyo nababwiye? 'Mushingantahe, jewe sindi mu bikorwa vyo gutanga amajwi. Sintanga amajwi. Uwutora ni we agena amajwi uwitoza aronka, kandi ivyo abatora bazoba bavuze ni vyo nzomenyesha igihugu'".
Abajijwe na BBC uyo muntu amutera ubwoba uwo ari we, Byabakama yishuye ati: "Ni imburakimazi, abantu ataco bafise bakora. Ariko ndibaza ko ushobora kubona mu ngendo yanje ko ubwoba ari ijambo ritari mu majambo yanje".
Ashimangira ko ata mutima usimba, kandi ko ata kindi kimuraje ishinga atari ukurangura inshingano ziwe ku bw'abanyagihugu ba Uganda.
Byabakama ashimangira ko Uganda izoguma ari igihugu gitekanye n'inyuma y'amatora.
Vyitezwe ko abanyagihugu ba Uganda bitabira amatora ejo ku wa kane, igenekerezo rya 15 Nzero, aho bazotora umukuru w'igihugu n'abashingamateka.
Ejo ku wa kabiri, ni ho imyiyamamazo yari imaze igihe yarangira.
Abanyaporitike umunani ni bo bariko bahiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu, harimwo Perezida Yoweri Museveni w'imyaka 81 ariko yiyamamariza ikiringo kigira indwi. Akaba ahanganye cane na Bobi Wine, ku ncuro igira kabiri.