Trump ariko yihweza ico yokora kuri Irani - ariko ibintu biracagoye

    • Umwanditsi, Paul Adams
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Washington

Kuri Perezida Trump, iki ni igihe co gufata ingingo.

Mu misi cumi iheze, yatangaje ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zari ziteguye kuja "gutabara" abanya-Irani bari mu myiyerekano ari nka hamwe reta yokoresha inguvu z'umurengera kuri bo.

Yavuze ko Amerika yari "yiteguye kuja gutabara".

Aho hari imbere y'uko ihigwa buhongo nyaryo ritangura. Ubu rero, mu gihe ryamaze kuja ahabona, isi irarindiriye kubona ingene Trump avyifatamwo.

Karoline Leavitt ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House agira ati: "Nta n'umwe azi ico Perezida Trump agiye gukora, kiretse Perezida Trump. Isi nibandanye irindiriye yibaza ibi na biriya".

Ariko none, ni gushika ryari?

Vyitezwe ko kuri uno wa kabiri abategetsi n'abajenama bamubwira inzira zishoboka.

Avugana n'abanyamakuru igihe yurira indege irerura umukuru w'igihugu ku wa Mungu, Trump yavuze ko yariko yihweza "inzira zimwe zimwe zikomeye cane zishoboka".

Atewe intege n'igitero cagenze neza muri Venezuela – Trump yavuze ko ifatwa rya Nicolàs Maduro ari kimwe mu bikorwa vya gisirikare vyagenze neza cane muri kahise ka Amerika – icipfuzo co kurungika ingabo muri Iran ni ngomwa ko kizokwihwezwa.

Nk'uko ivyabaye mu ci riheze bivyerekana, Amerika irashoboye cane gukora ibitero yibereye kure.

Indege z'intambara zo mu bwoko bwa B-2 zakoze urugendo rwo kugenda no kugaruka rw'amasaha 30 zivuye ku kigo ca gisirikare Whiteman Air Force Base i Missouri zija kurekurira ibibombe bishika kure mu kuzimu ku bigo bibiri bikomeye vya nikleyeri vya Irani.

Ari uko Amerika ihitamwo gukora ikintu gisa n'iki, canke igahitamwo gukora ibitero ku bantu kanaka b'ubutegetsi bwa Irani bafise uruhara mu gutoteza abari mu myiyerekano, birumvikana ko Amerika ifise urutonde rurerure rw'abo ishobora kwizizira.

Abategetsi ba Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) basubiwemwo n'ikimenyeshamakuru CBS News gikorana na BBC muri Amerika, bavuga ko hari vyinshi bishobora gukorwa, harimwo n'ivyo mu kinyegero bitari bike, harimwo ibitero vyo buhinga bwa none bikoresha imashini nyabwonko (cyber operations) n'ibindi bishobora kuja mw'isekeza ryo kuvuruga no gutesha umutwe abategetsi ba gisirikare ba Irani.

Ariko rero, ikintu kimwe gishobora gushirwa ku ruhande ata gukekeranya ni ikintu ico ari co cose gisa cane n'ivyabaye i Caracas ku wa 3 Nzero (1).

N'aho yoba ikimugajwe n'ibitero vya Amerika na Israel biheruka, Irani si Venezuela.

Reta ya Kisilamu iramenyereye cane intambara. Gukuraho umuntu umwe ntibishobora gutuma igihugu cose kigendera ku vyo Washington ishaka.

Ivyo Trump aheruka kuvuga ku bijanye n'igitero ca Jimmy Carter co mu 1980 co kugerageza kurokora imbohe z'Abanyamerika zari muri Irani ariko kikagenda nabi cane vyerekana kandi ko azi ingorane zishobora gushika ari nka hamwe yogerageza kurungika ingabo muri ico gihugu.

Ingabo umunani za Amerika zarapfuye igihe kajugujugu hamwe n'indege yunguruza ingabo yo mu bwoko bwa EC-130 zagonganira ku butaka mu bugaragwa bwo mu buseruko bwa Irani.

Iki gitero cagenze nabi, hamwe n'ukumaramazwa kwa Amerika igihe izi mbohe zariko zerekanwa imbere y'amakamera i Tehran, vyabaye imvo ikomeye yatumye Perezida Jimmy Carter atsindwa mu matora yabaye mu nyuma muri uwo mwaka.

Trump yabwiye abanyamakuru b'ikinyamakuru New York Times mu ndwi iheze ati: "Sinzi ko yari gushobora gutsinda ayo matora, ariko nta nkeka ko ata mahirwe yari afise inyuma y'ivyo vyago".

N'aho haheze imyaka 46 iki gitero kibaye, Washington ubu ihanganye n'ikibazo gikomeye c'ukungene yofata ingingo za gisirikare: Ubutegetsi bwa Trump bwoba buriko burondera iki muri Irani?

"Biragoye kumenya neza ico Trump ashobora gukora kubera tutazi neza ico yipfuza gushikako", bivugwa na Will Todman, umushakashatsi ku bijanye n'Ubuseruko bwo Hagati ku kigo Centre for Strategic and International Studies.

Perezida Trump ashobora kuba ariko agerageza kurondera ko ubutegetsi bwa Irani buhindura ingendo, nk'uko Todman abivuga, aho kurondera kuyisenyura.

"Ndibaza inkurikizi zo guhindura ubutegetsi zoba mbi cane ku buryo ntashobora kwemera ko yoba ari yo ntumbero yiwe nyamukuru", ni ko avuga.

"Ashobora kuba ariko arondera ko Irani iheba umugambi wayo wa nikleyeri. Ashobora kuba ariko arondera ko Irani iheba guhiga buhongo abari mu myiyerekano. Bishobora kandi kuba ari ukugerageza gushira mu ngiro impinduka zotuma … haba uburyo bwo korosha ibihano".

Trump avuga ko hari bamwe mu butegetsi bwa Irani bamaze kumushikira, bavuga ko bipfuza ibiganiro, bashobora kuba bariko barondera ko ibiganiro ku mugambi wa nikleyeri w'iki gihugu vyobandanya.

"Ivyo mwumva ku mugaragaro biva mu butegetsi bwa Irani biratandukanye cane n'ubutumwa ubutegetsi bwa Amerika buronka mu mwiherero", ni ko Leavitt yavuze ku wa mbere, akongerako ko inzira y'ibiganiro "yamye ari yo nzira ya mbere".

Hagati aho, abategetsi batavugwa amazina babwiye ikinyamakuru Wall Street journal ko icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance ari umwe mu bahanuzi bakuru basaba Trump gushira imbere ibiganiro.

Ku wa kane w'indwi iheze, Vance yabwiye abanyamakuru ati: "Icobabera ciza gusumba ni uko bogiriranira ibiganiro nyavyo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n'ico dukeneye kubona ku vyerekeye umugambi wabo wa nikleyeri".

Ariko nimba ihigwa buhongo ribandanije muri Irani, ibiganiro bishobora kuboneka ko atari yo nzira nyayo.

Todman ati: "Mu gihe vyoboneka ko bidakwiye, bishobora guca intege abari mu myiyerekano".

Kumbure nimba ibi ari vyo biri mu mutwe, agafatanya n'amakuru ava muri Irani nubwo internet yugawe, Trump avuga ko ashobora kwumva ko ari ngombwa ko afata ingingo imbere y'uko n'inzira y'ibiganiro igeragezwa.

Hari ababona ko igitero gitoya gishobora gutera intege abari mu myiyerekano, kikongera kikagabisha intwaro ko hashobora kuba n'ibirenze ivyo.

Bilal Saab, umushakashatsi ku kigo Chatham House ku bibazo vy'Ubuseruko bwo Hagati na Afrika y'Uburaruko, agira ati: "Ico Trump akwiye gukora ni ukurasa kugira ngo ateze ubwoba mu butegetsi bwa Irani".

Yongerako ati: "Igitero ca Amerika cotera intege abari mu myiyerekano kikanasamaza ubutegetsi".

Ariko Saab avuga ko igitero ca gisirikare gishobora kugira ingaruka.

Ati: "Gishobora guteza umutima ugumye intwaro hamwe n'abanyagihugu batari bake bayishigikiye. Abantu boyigwa inyuma boba benshi cane ku buryo butangaje. Ivyo ni vyo vyoshika ari nka hamwe ico gitero coba gitoya canke kikaba rimwe gusa".

Ni ibiharuro bigoye ku mukuru w'igihugu, vyunyurwa n'uko Irani yamaze kugabisha ko igitero ico ari co cose ca Amerika kizokwishurwa.

Kandi nubwo ibitero vya Amerika na Israel vyayisinzikaje, Irani iracafise ibisasu vya misire biraswa kure bitari bike.

Mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati, incuti za Irani hamwe n'imirwi ikorana nayo bashobora kuba batakihari – nka Bashar al-Assad yahoze arongoye Syria – canke naho inguvu zikaba zarabaganutse, nk'uko bimeze kuri Hezbollah muri Libani, ariko ikizwi nka "Axe de Résistance" (twogereranya na Urunani rwo Kwivuna) ruracari ngaho.

Aba-Houthi bo muri Yemen hamwe n'imirwi y'abarwanyi b'aba-Shiite muri Iraki baracafise ubushobozi bwo gukora ibitero.

Mu bantu bashimitse cane mu gusaba ko Trump agira ico akoze gikomeye harimwo umugabo yiyemeza ko ashobora kurongora intwaro mfatakibanza mu gihe iyihari ya Kisilamu yoramuka isenyuwe.

Uyu ni Reza Pahlavi , umuhungu w'uwari umwami wa nyuma wa Irani, asanzwe ari mu buhungiro, aho yabwiye CBS News ati: "Umukuru w'igihugu akwiye gufata ingingo vuba cane.

"Inzira nziza kugira ngo ntihagire abantu benshi bapfa muri Irani ni ugutabara vuba bishoboka, kugira ngo iyi ntwaro iruhire gusenyuka maze ibibazo vyose dufise bigahera".

Mu ntango iki casa n'ikintu gisanzwe kandi cumvikana. Ariko muri Maison Blanche hoho, barazi neza ko ari ikintu kitoroshe na gato.

Kayla Epstein yaterereye muri iyi nkuru.