Mozambique: Amnesty International ivuga ko imbwa n'abazungu batabawe ' imbere' y'abirabure

Abanyagihugu barataye izabo, abenshi bakaba basize amazu yabo yabomowe, muri ino ntambara imaze imyaka itatu muri Mozambique

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyagihugu barataye izabo, abenshi bakaba basize amazu yabo yabomowe, muri ino ntambara imaze imyaka itatu muri Mozambique

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rivuga ko abatabara bitwararitse cane abazungu igihe haba igitero c'abitwaza idini rya Islam mu kwezi kwa gatatu muri Mozambike.

N'imbwa zibiri zaratabawe zisiga abantu mw'ihoteli aho bahungiye nk'uko abarokotse babibwiye abaharanira agateka ka zina muntu.

Uwurongoye Amnesty International muri ako karere, Deprose Muchena yavuze ati: "Izi nkuru zirababaje kuko umugambi wo gutabara wari ushingiye ku macakubiri y'urukoba, aho abakozi b'abazungu bitaweho gusumba."

Amnesty ivuga ko yavugishije abarokotse 11 ku 220 bari muri iyo hoteli, harimwo batanu bahatswe kwicwa igihe bariko baragerageza guhunga.

Umwe mu barokotse yabwiye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ati: "Twari abantu nka 220 muri iyo hoteli - abirabure twari benshi, abazungu bari nka 20.

"Inyuma y'igikorwa co gutabara no gutoroka twasigaye turi nka 170 tugikomeye. Abazungu bose bari bamaze gutwarwa na za kajugujugu, imbere y'uko natwe tuhava hakoreshejwe imodoka."

Amnesty yasanze abasigaye inyuma bakagerageza kuva muri iyo hoteli bakoresheje amabarabara bategerewe bagirwako ibitero.

Yahamagariye ko hoba amatohoza kuri "ivyo bivugwa biteye akababaro."

Muchena yagize ati: "Guheba abantu igihe hari igitero c'abitwaje ibigwanisho kubera gusa urukoba rwabo, ni amacakubiri, kandi bica kubiri n'itegeko ryo gukingira abasivile. Ibi ntibishobora kwijana."

Kompanyi yigenga ya Dyck Advisory Group, yari muri ico gikorwa co gutabara, yabwiye itororokaniriz ry'amakuru rya AFP ko "ivyo bivugwa ata kuri kurimwo" - yongerako ko ishobora guza gusohora itangazo.