Mozambique-Tanzania: UN ihagaritswe umutima n'impunzi zisubizwa inyuma

Ahavuye isanamu, EPA
Ishirahamwe mpuzamakungu Onu riratewe umutima uhagaze n'inkuru zivuga ko Tanzania iriko irasubiza inyuma ku nguvu impunzi zo muri Mozambique zari zahunze abagwanyi biyitirira idini rya Islam.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bahungiye mw'ishamba igihe abagwanyi biyitirira idini rya Islam batangura gutera mu buraruko bushira ubuseruko mu gisagara ca Palma, mu kwezi kwa gatatu itariki 24, aho vyavugwa ko abo bagwanyi baca amazosi abanyagihu.
Hari bamwe baheze mw'ishamba, bafise ingorane yo kuronka imfungurwa n'amazi, abandi bahungira mu bumanuko mu gihe abandi bahungiye mu buraruko ku rubibe Tanzania ihana na Mozambique.
Ishami rya Onu rijejwe impunzi kw'isi UNHCR rivuga ko ryaronse inkuru zivuga ko impunzi z'abanye Mozambique bashika 600 bahungiye muri Tanzania bategetswe gusubira iwabo.
Rigira riti: "UNHCR irafise impungenge ku miryango yimwe ubuhungiro canke yategetswe gusubira iwabo na Tanzania."
Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko Tanzania ataco irashikiriza kuri ivyo bivugwa.
Kuva mu 2017 hariko haraba intambara mu gisagara ca Palma gifise ubutunzi bwinshi bwa gaz mu ntara ya Cabo Delgado mu gihugu ca Mozambique.
Igitero co mu kwezi kwa gatatu cagabwe mu gisagara ca Palma catumye abantu bashika 10.000 bata izabo nk'uko bivugwa na HCR.
Abantu benshi barishwe, harimwo abanyamahanga babiri n'aho ata gitigiri kanuni kiramenyekana c'abantu bapfuye.










