Al-Shabab: Portugal igiye kurungika ingabo muri Mozambique

Intara ya Cabo Delgado

Portugal ivuga ko igiye kurungika abasirikare bayo mu gihugu yahoze ikolonije ca Mozambique, kubera ibitero vy'abagwanyi bitwaza idini rya Islam mu gisagara kiri mu buraruko bw'ico gihugu.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Portugal, Augusto Silva yavuze ko vuba cane abasirikare 60 biteguye kuja mur Mozambique gufasha abasirikare b'ico gihugu.

Mu ndwi iheze, abagwanyi amajana n'amajana barateye igisagara ca Palma kiri mu ntara ya Cabo Delgado, bica abantu barenga mirongo ibiri.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barataye barahunga ako karere, harimwo abanyamahanga bakora mu gisata ca gaz giciye amamiriyaridi n'amamiriyaridi y'amadolari.

Benshi muri abo ntawuzi irengero ryabo.