Trump yifatiye mu gahanga mugenziwe McConnell ko ari 'umunyaporitike atagira ubwenge'

Mitch McConnell na Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igihe yari akiri umukuru w'igihugu, Trump yari azi ko Mitch McConnell yari we mugenzi pfa mpfe

Donald Trump yahoze ari umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatanguye urugamba rwo kurwanya mugenziwe w'umuRepubulika Mitch McConnell yahora arongoye nyarwinshi mu nama nkenguzamateka.

Trump ati: "Mitch ni akaga muri poritike, w'umutima mubi kandi w'umujinya, kandi n'abakenguzamateka b'aba Repubulika bagumana nawe ntibazigera basubira kuronka itsinzi".

Umukenguzamateka McConnell yamaze imyaka arongoye inama nkenguzamateka, yagiye ku ruhande rw'abeza Trump mu rubanza rwiwe rwo mu ndwi iheze.

Ariko rero, mu nyuma yaciye amwihinduka mu kuvuga ko Trump ari we "nyanduruko" y'igitero co ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika kubera "ibinyoma" vyiwe ko amatora yibwe.

Mw'ijambo yigeze gushikiriza imbere y'inama nkenguzamateka, yavuze ko Trump yoshirwa imbere y'ubutungane "ku vyaha vyose yakoze igihe yari akiri ku butegetsi".

None Trump avuga iki neza na neza kuri McConnell?

Ejo ku wa kabiri, Trump yashikirije itangazo rirerire kuva avuye ku butegetsi haraciye ukwezi.

Mw'iryo tangazo harimwo ngo "Umugambwe w'aba Repubulika nta cubahiro ushobora gusubira kuronka canke ngo ukomere mu gihe uzoba ukigendera ku 'bategetsi' bameze nk'umukenguzamateka Mitch McConnell ".

Yavuze ko kuba Bwana McConnell "ata ntumbero ya poritike afise, ata bwenge, ubuhinga ndetse n'ubuntu afise" vyatumye aba Repubulika batakaza inama nkenguzamateka mu matora aheruka mu kw'icumi na rimwe.

Trump avuga ko igihe uyu mutegetsi wo mu mugambwe w'aba Repubulika yariko yitoreza ikibanza mu nama nkenguzamateka "yamutakambiye" ko yomushigikira, mbere akavuga ko iyo atamushigikira, McConnell atari gutorwa.

Trump yifatiye mu gahanga McConnell inyuma y'aho yerekaniye ivyipfuzo vyiwe vyo kuzorwanya abantu bose bazorondera kwitoza bashigikiwe na Trump.

Uyu yahoze ari umukuru w'igihugu avuga ko azoshigikira abazoshaka kwitoza bafise intumbero isa na rwiwe yo "gusubira gukomeza Amerika na poritike yacu yo gushira Amerika imbere y'ibindi vyose".

Trump ati: "McConnell ntazigera akora ibikenewe gukorwa, canke ngo ashire imbere ineza y'igihugu cacu".

"Turazi ko poritike yacu ya 'Amerika imbere ya vyose' ari yo yatsinze, si poritike za McConnell na Biden zidusubiza inyuma".

None McConnell na Trump bacanyemwo ryari?

Mu kiringo cose c'ubutegetsi bwa Trump, aba bategetsi babiri bakomeye b'umugambwe w'aba Repubulika bari soma mbike.

Ariko ibintu vyagiye guhinduka igihe Trump atsindiwe mu matora y'umukuru w'igihugu.

McConnell avuga ko atarigera avugisha Trump kuva hagati mu kw'icumi na kabiri.

Ibintu vyagiye kwunyuka inyuma y'igitero ku ngoro ya Capitol ku wa 06 z'ukwa mbere, caguyemwo abantu batanu harimwo umuporisi.

N'aho yari yaterewe icizere n'inama nshingamateka mu kwa mbere yagirizwa guteza iyi migumuko, Trump yarejejwe n'inama nkenguzamateka ku wa gatandatu uheze.

Aba Repubulika indwi bonyene nibo bagiye ku ruhande rw'abo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) kugira bakubite intahe mu gahanga Trump. McConnell hamwe n'abandi bakenguzamateka 42 batoye ko Trump yambikwa izera.

Hari hakenewe bibiri vya bitatu kugira ngo uyu yahoze ari umukuru w'igihugu akubitwe intahe mu gahanga.

N'aho yagiye ku ruhande rw'abamwambika izera, yaramutyoje mu nama nkenguzamateka ayo matora aheze.

Yavuze ati: "Nta gushidikanya na guto kuhari ko Perezida Trump ari we ntandaro y'ivyabaye kuri uwo musi".

Ati: "Akarwi k'abagumutsi kateye Capitol kw'izina ryiwe. Izi nkozi z'ikibi zari zitwaje ivyapa vyiwe, bamanitse amabendera yiwe kandi baririmba ko ari we bagamburukira".

Imigenderanire ntiyatosekaye hagati ya Trump na McConnell gusa mu kwezi guheze.

Ejo ku wa kabbiri, umuhanuzi wa Trump yavuze ko Rudy Giuliani yahoze ari umukuru w'igisagara ca New york yahagaritse amabanga yiwe yo guserukira Trump imbere y'amategeko.

Jason Miller yabwiye televiziyo CNN ati: "Giuliani ntagiserukira Perezida Trump imbere y'amategeko".

Mu kwa mbere ibinyamakuru vya Amerika vyavuze ko Trump yagerageje guhagarika agashirukabute ka Giuliani mu kwerekana akababaro kiwe ko kubona yari asubiye kubogozwa ku ncuro ya kabiri.

Ariko inyuma y'ico kiganiro na CNN, Miller yasobanuye kuri Twitter ko Giuliani aguma ari "incuti n'umugenzi".

Avuga ko batagikorana ubu kubera "ata bibazo bikihari vyotuma Giuliani aserukira Perezida Trump".