US: Ivyabaye kuri Capitol 'biteye intuntu kandi bibabaje umutima' - Bush

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika aherutse gutorwa Joe Biden ariyamiriza "akaguma" k'abanywanyi ba Trump bateye ingoro y'amakoraniro ahariko habera inama rusangi y'abashingamateka n'abakenguzamateka kugira bemeze intsinzi yiwe.
Biden yasavye Perezida Donald Trump "guhaguruka" akiyamiriza imigumuko.
Perezida Trump - we nyene ubwiwe akaba ari yari yateye akamo bari mu myiyerekano kwugariza ingoro y'amakoraniro, Capitol - yagiye kubabwira mu nyuma ati "ni mutahe muhira".
Iyi nama rusangi yahavuye isubira gutangura ibikorwa vyayo inyuma y'aho ihagarikiwe haciye umwanya kubera akavuyo, ikaba ihejeje kwemeza icese intsinzi ya Joe Biden, mu kwemeza ivyavuye mu matora y'intumwa z'itora.
Icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yuguruye iyi nama ku mugoroba w'ejo ku wa gatatu, avuga ko uyu ari "umunsi mubi mu mateka y'ingoro ya Capitol muri Amerika".
Abari muri iyo myiyerekano yagiye kuvamwo imigumuko, barengeye abaporisi binjira muri iyo ngoro, bavuza induru bafise amabendera ya Trump na Amerika, bitera mu vyumba, basaba ko ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu bifutwa.
Mu mashusho ateye agahinda yazungurutse kw'isi yose, ico gitero cateye umusunikano mu bashingamateka n'abakenguzamateka barondera kwinyegeza musi y'intebe zabo mu gihe havuga amasasu, mbere hagaterwa n'ivyuka bikoroza amosozi.
Umugore yarasiwe muri ako kaguma kariko kabera muri iyo ngoro ya Capitol yaciye acikana ubwo nyene, nk'uko vyatangajwe n'umuvugizi w'igiporisi.
Umutegetsi wo mu giporisi c'igihugu yavuze ko hari ivyiketswe ko ari ibiturika vyatowe hanyuma bigasamburwa n'ingabo za FBI hamwe n'igiporisi ca Capitol.
Biden yavuze iki neza na neza?
Mw'ijambo yashikirije ari mu gisagara ca Wilmington c'intara ya Delaware yavuze ko demokarasi "iguye mu gitero kitari bwigere kibaho".
Ati: "Nsaba Perezida Trump ko aja ku mboneshakure y'igihugu kugira ngo ashire mu ngiro indahiro yiwe yo guhagararira ibwirizwashingiro hanyuma ahagarike aka kaguma".
"Gutera ingoro ya Capitol, kumenagura amadirisha, kwifatira ibiro vy'inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, guhungabanya umutekano w'abatowe n'abanyagihugu.
"Iyi si imyiyerekano, ni imigumuko".
Trump nawe ngw'iki?
Perezida Trump yaciye asohora ireresi ku rubuga rwa Twitter, asubiramwo vya bindi nyene yama avuga ko amatora yibwe.
Ati: "Ndazi akababaro kanyu. Ndazi ko mubabaye".
"Twaribwe amatora. Twari twayatsinze ku rugero runini, kandi bose barabizi, cane cane uru ruhande rundi".
"Ariko ni mutahe muhira. Dutegerezwa kuba mu mahoro".
Mu masaha y'igitondo c'ejo ku wa gatatu, Perezida Trump yari yashikirije ijambo abari mu myiyerekano hanze y'ibiro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/White House.
Yasavye abanywanyi biwe ko boja kwugariza ingoro y'amakoraniro, Capitol, avuga ati: "Igihugu cacu kirarushe kandi ntidushobora kuvyihanganira".
None habaye iki neza na neza ku ngoro y'amakoraniro, Capitol?
Nta vyinshi bizwi ku mugore yapfuye, ariko amasanamu ateye ubwoba amwerekana arambaraye hasi yuzuye amaraso mu maso. Igiporisi ntikiratanga umwidondoro wiwe kandi ntibizwi uwamurashe.
Ibimenyeshamakuru vya Amerika bivuga ko ari umukukuruke wo mu ngabo za Amerika zirwanira mu kirere ava mku karere ka San Diego, kandi akaba yari umunywanyi wa Trump, yitwa Ashli Babbitt.
Abari mu myiyerekano binjiye muri Capitol hafi isaha umunani n'iminota cumi n'itanu (hari nk'isaha zitatu n'iminota 15 z'ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda), bakuraho amabariyeri basunika n'abaporisi maze bitera muri iyo nyubakwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igiporisi ca Washington, Robert Contee, avuga ko abo bagumutsi - bamwe muri bo bambaye impuzu zibakingira amasasu - bateye abaporisi bakoresheje imiti ibaba ku mubiri.
Biteye muri iyo nyubakwa bakoma induru bati "Bari hehe?" bongera baririmba bati "Dushaka Trump".
Umwe yuriye gushika ku rubaraza rw'inama nkenguzamateka akoma induru ati: "Trump yaratsinze aya matora".
Uwundi nawe afatwa isanamu yicaye mu biro vy'umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi, akaguru yageretse ku meza.
Abashingamateka n'abakenguzamateka - harimwo na Kamala Harris aherutse gutorwa nk'icegera c'umukuru w'igihugu - bategetswe kuva muri iyo nyubakwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo z'igihugu, iza FBI hamwe n'izikora mw'igendereza, barungitswe gufasha abaporisi bacungera Capitol bari barengewe.
Inyuma y'amasaha atari make bigaruriye iyo ngoro, uwujejwe ibikorwa vy'umutekano muri yo yahavuye atangaza ko abajejwe umutekano basubije ibintu ku murongo.
Ariko nta kimenyetso kinini cerekana ko bari bumvise akamo Perezida Trump yari yabateye ko gusubira muhira.
Hagati aho, hari ikibombe catowe hanze y'ibiro vya Komite nkuru y'igihugu y'umugambwe w'aba Repubulika, biri hafi y'iyi ngoro ya Capitol, kikaba casambuwe n'ingabo zijejwe gusambura amabombe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igiporisi ca Washington DC kivuga ko cafashe inkoho zitanu. Abashika 13 bahagaritswe.
Iyo nama rusangi imaze gusubira gutangura, umukuru w'aba Democrats mu nama nkenguzamateka, Chuck Schumer, yiyamirije abo bagumutsi bateye Capitol, akaba yabise "abagumutsi, abasazi n'imihimbiri, abantu bagenzwa n'ugukora iterabwoba mu gihugu".
Avuga ko Perezida Trump ari we "ahanini yagirizwa ivyabaye".
Umukenguzamateka Kelly Loeffler yari yatsinzwe amatora yo ku wa kabiri muri Georgia, avuga ko atamutima agifise wo kubandanya yiyamiriza ivyavuye mu matora nk'uko yari yabiteguye, kubera iki gitero "c'agahomerabunwa" ku ngoro ya Capitol.
Uwahoze arongoye ico gihugu George W Bush wo mu mugambwe w'aba Repubulika, na we nyene yasohoye itangazo yiyamiriza ivyabaye, aho avuga ati:
"Ni ibintu birwaza mu mutwe kandi bibabaje umutima. Uku niko ivyavuye mu matora vyiyamirizwa mu bihugu vy'akajagari - si ivyo mu gihugu cacu kirangwamwo demokarasi".
Eka na Barack Obama, na we nyene yahoze arongoye ico gihugu, yasohoye itangazo avuga ko kahise kazokwama kibuka iki gitero kuri Capitol "nk'igihe kibi co kwiyambura agashambara kandi giteye isoni ku gihugu cacu".
Intsinzi ya Biden yemejwe icese
Inyuma y'igikorwa cabayemwo ivyo bibazo vyatewe n'abanywanyi ba Donald Trump, inama nshingamateka na nkenguzamateka mw'ikoraniro rusangi ryabo bemeje ku mugaragaro intsinzi ya Joe Biden.
Hari abashingamateka n'abakenguzamateka bamwe bo mu mugambwe w'aba Repubulika biyamirije ivyavuye mu matora mu mareta ya Arizona na Pennsylvania ariko ibirego bashikiriza bikaba vyiyamirijwe..
Iyi nama rusangi yemeje ko Biden yatsinze ku majwi 306 kuri 232 ya Trump.










