Imigumuko yo kuri Capitol: Trump avuga ko ijambo yavuze ata ngorane yaryo

Perezida Trump ariko asabwa gutanga imihoho, canke naho abogozwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Trump ariko asabwa gutanga imihoho, canke naho abogozwe

Umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avuga ko ijambo ryiwe imbere y'imigumuko yo ku ngoro y'amakoraniro Capitol mu ndwi iheze ata ngorane yaryo.

Mw'iryo jambo, Trump yahamagariye abanywanyi biwe kuja kwugariza ingoro y'amakoraniro, ivyavuyemwo akaguma kahitanye ubuzima bw'abantu batanu.

Perezida Trump ariyamiriza utwigoro tw'abo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) bariko bagerageza kumubogoza bamwagiriza ko yagumuye abantu, ivyo avuga ko ari "ibiterasoni".

Yiteze kuva muri Maison Blanche/White House ku wa 20 z'uku kwa mbere, aho umukuru w'igihugu yatowe, Joe Biden azoba ashikirijwe ubutegetsi.

Inama nshingamateka yiteze kwemeza ibogozwa rya Trump kuri uyu musi wa gatatu.

Trump ati: "Nibaza ko iyi nzira yo kurondera kumbogoza iriko itarera akaga gakomeye ku gihugu cacu kandi iriko itera uburakari bukomeye. Jewe nta kaguma nshaka".

Ibi yabivuze mu gihe yari asohotse ava muri Maison Blanche mu gihe yari agiye mu rugendo muri Texas kugira arabe aho igikorwa co kwubaka uruhome rugabura igihugu ciwe na Mexique kigeze.

Nibwo bwa mbere yari ashikirije ijambo kuva hadutse imigumuko kuri Capitol, imigumuko yahitanye abantu batanu, abandi batari bake bagakomereka, harimwo n'imiburiburi abaporisi 60.

Mw'iryo jambo rya Trump harimwo iki neza na neza?

Mw'ijambo yashikirije abari mu myiyerekano i Washington ku wa 06 z'uku kwa mbere, Trump yasubiyemwo amajambo yamye avuga, ko amatora yo k uwa 03 z'ukwa cumi na rimwe yibwe, maze asaba abari muri iyo myiyerekano kuja kwugariza ku ngoro y'amakoraniro Capitol.

Yabwiye isinzi ry'abanywanyi biwe ibihumbi n'ibihumbi ati: "Tugiye kwugariza Capitol, dutere intege abashingamateka n'abakenguzamateka bacu b'intwari, kumbure hari bake bataza kubishima, kubera ntushobora guhabuza igihugu cacu ukoreshejeje abantu b'intege nke. Utegerezwa kwerekana inguvu".

Yavuze ko icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yategerezwa "kurya umutima amenyo agakora ico ategerezwa gukora", aho akaba yashaka kuvuga ko afise ububasha ahabwa n'ibwirizwashigiro bwo guhindura ivyavuye mu matora vyari bigiye kwemezwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka uyo musi.

Trump yongeye ati: "Ndazi ko bose mu kanya bagiye gukora imyiyerekano muri Capitol kugira ngo bumvikanishe ijwi ryabo mu mahoro n'ubutwari".

Hari abaharurwa muri mirongo bamaze guhagarikwa inyuma y'iyo migumuko yo ku wa gatatu w'indwi iheze. Muri abo batanu bapfuye, umwe yari umuporisi, uwundi nawe akaba yari umwe mu bari muri ako kaguma yarashwe n'umuporisi.

Kuri uyu wa gatatu, vyitezwe ko inama nshingamateka ikora amatora ku vyaha bagiriza Trump n'ibogozwa ryiwe.

Aba Democrats nibo biganje mu nama nshingamateka, vyumvikana ko ingingo yo kubogoza Trump iza kwemezwa ata ngorane.

Bigenze gutyo, Trump azoba abaye umukuru w'igihugu wa mbere mu mateka ya Amerika abogojwe incuro zibiri n'inama nshingamateka.

Hagati aho, kugira ngo ingingo yo kumubogoza ishirwe mu ngiro maze Trump yirukanwe ku butegetsi, bisabwa ko inama nkenguzamateka ivyemeza ku bice bibiri vya bitatu (2/3).

Mw'ijambo yashikirije ashitse Texas, Perezida Trump yavuze ko ata bwoba afise na gato ko ashobora gukurwa ku butegetsi hisunzwe ibwirizwashingiro.

Ati: "Ingingo ya 25 nta ngorane na ntoya inteye, ariko nzogaruka gukora kw'itama Joe Biden n'ubutegetsi bwiwe".