US: Perezida Trump avuga ko atazitaba irahira rya Biden inyuma y'igitero kuri Capitol

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump avuga ko atazitaba ibirori vyo kwimika uwugiye kumusubirira, Joe Biden, bitegekanijwe ku wa 20 z'uku kwa mbere.
Yanditse kuri Twitter ati: "Kuri abo bose babimbajije, sinzokwitaba ibirori vyo kurahira ku wa 20 z'ukwa mbere".
Umukuru w'igihugu aherutse gutorwa yishimiye iyi nkuru, avuga ko ugusiba kwa Trump muri ivyo birori ari "ikintu ciza".
Trump ubu arahanzwe n'abariko barondera kumwirukana mu mabanga yiwe inyuma y'aho abantu batanu bapfiriye mu migumuko yatewe n'abanywanyi biwe bateye ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika, Capitol.
Biden avuga ko Perezida Trump atari akwiriye kuba muri Maison Blanche/White House. Hagati aho, avuga ko vyomuryohera mu gihe icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence yokwitabira ivyo birori.
Uwanyuma aherutse gupfa ahitanywe n'iyo migumuko ni umuporisi yakorera kuri Capitol, Brian Sicknick, yapfiriye mu bitaro inyuma y'aho akomerekeye muri yo.
Ibiro bijejwe igendereza FBI hamwe n'igiporisi ca Washington bariko bakorera hamwe mu matohoza y'urupfiu rw'uyu muporisi.
Iyi migumuko yo ku wa gatatu yabaye inyuma y'amasaha make Trump ahamagariye abanywanyi biwe kurwanya ivyavuye mu matora mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zari zikoranye mu nama rusangi kugira bemeze intsinzi ya Biden mu matora yo mu kwa cumi na rimwe.
Inyuma y'aho aterewe igitsure bikomeye, Trump yahavuye asohora itangazo yifashe amajwi mu masaha yo ku mugoroba wo ku wa kane yiyamiriza igitero cakozwe ku ngoro, avuga ko "bwari ubukozi bw'ikibi".
Ntibisanzwe kubona Trump atitabira ibirori
Ni ibintu bidasanzwe na gato, ariko si ukuvuga ko ari ibintu bitari bwigere biba: umukuru w'igihugu yaheruka gusiba iyimikwa ry'uwumusubiriye ni Andrew Johnson, mu 1869.
Perezida Trump yarahavuye aremera ko yatsinzwe mu matora yo ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe, mbere yemera ko azoshikiriza ubutegetsi mu mahoro. Hagati aho, abandanya avuga ko amatora yibwe ariko akaba adatanga ivyemezo.
Hagati aho, abashingamateka bo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) bariko bategura urugamba rwo kumubogoza kuva ku wa mbere uza, bamwagiriza ko yateje imigumuko.
Hafi abashingamateka 160 b'aba Democrats bateye igikumu ku rwandiko rwateguwe n'umushingamateka Ted Lieu wo muri California hamwe na David Cicilline wo muri Rhode Island mu gihe bari binyegeje ahantu aho baterwa kuri Capitol ku wa gatatu.
Mu gihe inama nshingamateka yokwemeza ko abogozwa, ingingo yoca yungururizwa mu nama nkenguzamateka. Ariko gushika ubu nta kintu na kimwe cerekana ko bibiri vya bitatu bikenewe mu nama nkenguzamateka - isanzwe yiganjemwo aba Repubulika - kugira ngo bamubogoze bishobora gukwira.
Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyasohoye itangazo vyishura biti: "Iyi ngendo ifise imvo za politike yo kurondera kubgoza umukuru w'igihugu asigaje iminsi 12 gusa nta kindi izokora atari ukubandanya icanishamwo igihugu cacu gikomeye".
Mu ntango, umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi yavuga ko yipfuza y'uko Trump yobogozwa hisunzwe ingingo ya 25 y'ibwirizwashingiro, iha ububasha icegera c'umukuru w'igihugu gufata ibintu mu minwe mu gihe umukuru w'igihugu atagishoboye kurangura amabanga yiwe kubera uburwayi bwo mu mutwe canke bw'umubiri.
Ariko nta kimenyetso cerekana ko icegera c'umukuru w'igihugu n'abagize reta bafise yo gufata iyo ngingo y'itegekwa n'ibwirizwashingiro.
Igihe ni gito cane, mu gihe hasigaye iminsi 11 yonyene kugira ngo ikiringo ca Trump kirangire.
Ejo ku wa gatanu, umupfasoni Pelosi yatangaje ko yamaze kuvugana n'umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Amerika, umukuru w'ibiro vya gisirikare, kugira ngo babuze Trump ntasubire kugira uburenganzira ku birwanisho vy'ubumara.
Mu bindi bivugwa, umwe mu bakozi bo mu biro vy'umupfasoni Pelosi yavuze ko hari inyabwonko yari mu biro iwe yibwe mu gihe abagumutsi batera kuri Capitol.










