US - Capitol: FBI igabisha ko abanywanyi ba Trump bashobora guteza akandi kaguma

Umutekano warakomejwe ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika Capitol inyuma y'igitero co mu ndwi iheze cahitanye ubuzima bw'abantu batanu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umutekano warakomejwe ku ngoro y'amakoraniro ya Amerika Capitol inyuma y'igitero co mu ndwi iheze cahitanye ubuzima bw'abantu batanu

Ikigo kijejwe igendereza muri Amerika FBI kiragabisha ko hashobora kuba imyiyerekano irimwo ibirwanisho mu gihugu cose mu gihe hasigaye imisi mike ngo Joe Biden arahire nk'umukuru w'igihugu.

Hari amakuru avuga ko imirwi yitwaje ibirwanisho ishobora guhurira ku ngoro z'amakoraniro, Capitol, mu mareta yose 50 hamwe n'i Washington DC imbere y'ibirori vyo kurahira bitegekanijwe ku wa 20 z'uku kwa mbere.

Ubu bwoba buje mu gihe hariko hafatwa ingingo ruhasha zo gucungera ibi birori.

Ejo ku wa mbere, Biden yabwiye abanyamakuru ko ata bwoba afise bwo kurahirira hanze y'ingoro ya Capitol.

Joe Biden na Kamala Harris bompi bitezwe kurahira hanze y'iyi nyubakwa, inyuma y'indwi zibiri gusa iyi ngoro habaye igitero c'abanywanyi ba Perezida Donald Trump biyamiriza ivyavuye mu matora.

Inzego zijejwe umutekano zariyemeje ko ata gitero nk'icabaye ku wa 06 z'uku kwa mbere kizosubira - aho ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi ba Trump binjira ku nguvu muri iyo ngoro yari ikoraniyemwo abashingamateka n'abakenguzamateka kugira bemeze ivyavuye mu matora.

Chad Wolf, umukuru mfatakibanza w'igisata kijejwe umutekano yategetse ko inzego zijejwe igendereza zitangura ibikorwa bidasanzwe vyo gucungera umutekano hasigaye iminsi itandatu ngo ivyo birori bibe, "zisunze ivyabaye mu ndwi iheze".

Abategetsi bavuga ko ingabo z'igihugu (Garde Nationale) 15.000 ari zo zishobora gutegurwa kugira ngo zicungere iki gikorwa.

Ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, Wolf yabaye uwundi mushikiranganji wa reta ya Trump atanze imihoho kuva hadutse akaguma kuri Capitol, akaba yakurikiye abandi babiri Betsy DeVos na Elaine Chao.

Itanga ry'imihoho ryiwe ryateye ibibazo igisata yahora arongoye mu gihe kiriko kiriga ingene gikomeza umutekano w'irahira rya Biden. Mu ndwi iheze, Wolf yari yasavye Perezida Trump "kwiyamiriza bikomeye" iyo migumuko yabereye kuri Capitol.

Wolf avuga ko ingingo yo gutanga imihoho yayifashe kubera "ibiherutse kuba", harimwo n'ingingo zagiye zifatwa na sentare zirwanya igenwa ryiwe.

None ni iyihe migumuko yindi itegekanijwe?

Abajejwe umutekano mu gihugu bavuga ko bariko bariga neza imigumuko ishobora kuba iriko irategurwa mu misi y'imbere y'uko Joe Biden ashikirizwa ubutegetsi.

Inyandiko zicishwa ku mbuga ngurukanabumenyi n'imirwi y'abashigikiye Trump zibandanya zihamagarira imyiyerekano ku matariki atari make, harimwo n'ibitero vy'inkoho ku bisagara bitandukanye mu gihugu ku wa 17 z'uku kwa mbere, hamwe rero n'imytiyerekano i Washington DC ku musi nyezina w'irahira.

Ikinyamakuru c'ikigo FBI, casubiwemwo n'ikinyamakuru ABC News hamwe n'ibindi binyamakuru, kiragabisha ko hari umurwi utegura "ibitero" ku nyubakwa z'amasentare ku rwego rw'uturere, rw'amareta n'igihugu, mu gihugu cose, mu gihe Trump yobogozwa imbere y'irahira rya Biden, hamwe no ku musi nyezina w'irahira mu gihe atobogozwa.

Mu misi yakurikiye imigumuko yo mu ndwi iheze, abatari bake bo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi (Democrats) hamwe na bamwe mu ba Repubulika babandanya basaba ko Trump atanga imihoho, canke akirukanwa ku butegetsi, canke akabogozwa n'inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Inzego zijejwe umutekano w'igihugu zategetse inzego z'igiporisi z'uturere gukomeza umutekano ku nyubakwa nyobozi inyuma y'akaguma k'indwi iheze, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya Amerika.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters risubiramwo umutegetsi wo mu nzego z'umutekano w'igihugu avuga ko FBI yamaze kugabisha amareta yose ko yorikanura kuva ku wa 16 gushika ku wa 20 z'uku kwa mbere, hamwe na Washington DC n'imiburiburi imisi itatu imbere y'umusi w'irahira.

N'aho havuzwe cane ivyabereye kuri iyi ngoro nkuru y'igihugu yonyene mu ndwi iheze, hari n'iyindi migumuko isa n'iyo yabaye mu tundi turere tw'igihugu muri ico gihe nyene.

Umutekano uteguwe gute ku musi w'irahira?

Ubunyamabanga bujejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika buvuga ko buzotangura ibikorwa vy'umutekano bidasanzwe vy'igihugu (NSSE) kuva ejo ku wa gatatatu hasigaye imisi itandatu ngo ibirori bibe.

Muri ibi bikorwa, inzego zitandukanye zijejwe umutekano zizokorera hamwe mu gushira mu ngiro ingingo zidasanzwe z'ugucungera umutekano, nko kuzibira amayira no gukingira akarere kazoberamwo ibirori.

Iri tangazo rije inyuma y'aho umukuru w'igisagara ca Washington DC, Muriel Elizabeth Bowser, asabiye ko umutekano wokomezwa inyuma y'ico yise "igitero c'iterabwoba kitari bwabeho" kuri, Capitol, mu ndwi iheze.

Asaba kandi n'Abanyamerika kwirinda ingendo i Washington DC mu ntumbero yo kwubahiriza umutekano w'ibi birori.

Kuva kera, ibirori vyo kurahira vyari bisanzwe bikoranya ibihumbi amajama n'amajana mu mabarabara y'umugwa mukuru, ariko ikiza karanda ca coronavirus cari caramaze kubuza aya mahirwe imbere y'uko hanaduka n'ikibazo c'umutekano.

Umukuru w'ibiro bijejwe umutekano w'igihugu, Jenerali Daniel Hokanson, avuga ko abasirikare 10.000 bazoba bamaze gushikanwa i Washington DC gushika mu mpera z'iyi ndwi, kandi ko n'abandi 5.000 bashobora kurungikwa mu burere mu gihe ababurongoye bobisaba.

Mu bindi bisa n'ibi, ikigo kijejwe ibigo vy'amaratiro (National Park Service) gitangaza ko cugaye icibutso ca Washington inyuma y'aho kironkeye "amakuru yo kwizera" ku hashobora kwaduka akandi kaguma.

Mw'itangazo ico kigo casohoye ejo ku wa mbere, kivuga kiti: "Imirwi yateye imigumuko yo ku wa 06 z'ukwa mbere kuri Capitol ibandanya igabisha ko izovyonga ibirori vy'irahira bigira 59 bitegekanijwe ku wa 20 z'ukwa mbere". Yongera ko y'uko hari n'ibindi bigo vy'ivyibutso bishobora kwugarwa .

Mw'ijambo ryiwe yashikirije igihe yariko ahabwa urucanco rugira kabiri rwa Covid-19, Joe Biden yavuze ko "ata bwoba" afise bwo kurahira hanze y'iyo nyubakwa n'aho hari ubwoba bw'uko umutekano ushobora guhungabanywa.

MU gihe yariko ahabwa urucanco rugira kabiri rwa Covidi, Biden avuga ko yamaze kuvugana na bamwe mu bakenguzamateka ku bijanye n'ingingo yo kubogoza Donald Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu gihe yariko ahabwa urucanco rugira kabiri rwa Covidi, Biden avuga ko yamaze kuvugana na bamwe mu bakenguzamateka ku bijanye n'ingingo yo kubogoza Donald Trump

Abajejwe gutegura ibirori vy'irahira ryiwe batangaza ko ivyo birori bizoba bishingiye ku civuga ngo "Amerika yunze Ubumwe".

Ahejeje kurahira nk'umukuru w'igihugu, bitegekanijwe ko azokwifatanya n'abandi bahoze barongoye ico gihugu, Barack Obama, George W Bush na Bill Clinton, mu birori vyo gushira urugori rw'amashurwe mu kibanza categuwe, kugira ngo bafashe gushimangira ubutumwa bwiwe bw'ubumwe.

Donald Trump yaramaze gutangaza ko atazokwitabira ivyo birori - akaba azoba abaye umukuru w'ico gihugu wa mbere atitabiriye ivyo birori inyuma y'imyaka irenga 150.