US: Inyuma yo kunana, Trump yiyemeje gutanga ubutegetsi mu mahoro

James Mattis (i buryo) yahoze ari umunyamabanga wo kwivuna abansi, yagirije Trump gukokeza imigumuko

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, James Mattis (i buryo) yahoze ari umunyamabanga wo kwivuna abansi, yagirije Trump gukokeza imigumuko

Perezida Donald Trump ahejeje gusohora itangazo avuga ko yiyemeje "gushikiriza ubutegetsi mu mahoro ku wa 20 z'ukwa mbere" ariko akabandanya asubiramwo vya birego vy'ubusuma bw'amatora adatangira ivyemezo.

Ati: "N'aho ntemera na gato ivyavuye mu matora, kandi ivyemezo birabinyereka, hazoba uguhererekanya ubutegetsi mu mahoro ku wa 20 z'ukwa mbere".

Ubu ni bwo butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter kuri compte y'umuvugizi wiwe, kubera iyiwe yahagaritswe, inyuma y'aho Biden yemejwe ko ari we yatsinze amatora.

Inyuma y'igikorwa cabayemwo ivyo bibazo vyatewe n'abanywanyi ba Donald Trump, inama nshingamateka na nkenguzamateka mw'ikoraniro rusangi ryabo bemeje ku mugaragaro intsinzi ya Joe Biden.

Muri ubwo butumwa, Perezida Trump avuga ati: "Namye mvuga ko tuzobandanya urugamba rwacu kugira ngo amajwi yemewe n'amategeko yonyene abe ari yo aharurwa".

"N'aho ibi vyerekana iherezo ry'ikiringo ca mbere gikomeye mu mateka y'umukuru w'igihugu, ni intango y'urugamba rwacu rwo gusubira gukomeza Amerika".

Babiri mu bahoze mu butegetsi bwa Perezida Donald Trump bahambije abandi bategetsi ba politike mu kwiyamiriza igitero cakozwe ku ngoro y'amakoraniro, Capitol, nijoro ku wa gatatu.

James Mattis yahoze ari umunyamabanga wo kwivuna abansi yagirije Trump gukokeza imigumuko.

Ati: "Igitero c'uno munsi kuri Capitol, akigoro ko gusambura demokarasi hifashishijwe akarwi k'intagondwa, categuwe na Trump".

Yavuze kandi ko Trump yatewe intege "n'abigira abanyapolitike bandikishije amazina yabo ku rutonde ntibagirwa rw'ibihemu".

Mattis yatanze imihoho mu 2018 inyuma y'aho atumvikaniye na Perezida Trump ku bijanye n'intambara ya Syria.

Yaraneguye kandi bikomeye ingendo ya Trump yo mu kw'indwi ku myiyerekano iheruka yo muri rya sekeza Black Lives Matter (Ubuzima bw'Abirabure ni kirumara).

John Kelly na we yahoze arongoye ibiro vy'umukuru w'igihugu, yacishije ubutumwa bwiwe kuri Twitter avuga ko Amerika "ikeneye kwihweza mu buryo bwimbitse umuntu dutora mu mabanga y'igihugu".

Avuga ko inyifato, ingendo, akahise ku vyaranze ubuzima bwiwe, hamwe n'ubugenderangingo, bikwiye kubanza kwihwezwa neza kuri buri muntu wese ashaka kwitoza.