US: Imyiyerekano y'abashigikiye Trump yabayemwo imishamirano

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bashigikiye Trump bariyegeranije kugira ngo bumvirize amajambo yariko ashikirizwa i Washington DC

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu ibihumbi n'ibihumbi bashigikiye Trump bariyegeranije kugira ngo bumvirize amajambo yariko ashikirizwa i Washington DC

Abantu ibihumbi bashigikiye Donald Trump bavuga ko amatora yabayemwo ubusuma bariyegeranije mu bisagara bitari bike muri Amerika ku wa gatandatu baja mu myiyerekano yadutsemwo imishamirano hagati yabo n'abayirwanya.

I Washington DC, abarenga 20 barahagaritswe, nayo bane barakomereka nk'uko igipolisi kibivuga.

Perezida Trump yaratsinzwe na Joe Biden mu matora yo ku wa 03 z'ukwezi guheze ariko gushika ubu ntaremera ko yatsinzwe.

Intumwa z'itora ziteze gukorana uno musi ku wa mbere kugira ngo zemeze intsinzi ya Biden.

Biden yatsinze n'amajwi 306 kuri 232 ya Perezida Tump ntumwa z'itora, yongera amusumvya amajwi arenga imiriyoni indwi muri rusangi mu gihugu cose.

Ku mugwa mukuru w'iki gihugu, igiporisi cagerageje kuja hagati y'impande zibiri zari zihanganye, harimwo no gupfunga ikibanza citiriwe Black Lives Matter (Ubuzima bw'Abirabure ni kirumara) ahari hakoraniye abarwanya iyo myiyerekano y'abashigikiye Trump.

Aba bashigikiye Trump, bari biyegeranije ku civugo ngo "Reka ubu busuma", bahavuye bafatwa mu mugongo n'abanywanyi b'umurwi w'abazungu bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'abazungu bazwi kw'izina rya Proud Boys, bambaye impuzu zifise ibara risa n'umuhondo n'iryirabura, kandi bambaye n'amakoti abakingira amasasu.

Ijoro rigeze, aba Proud Boys hamwe n'umurwi ubarwanya witwa Antifa, barateranye ibitutsi, igiporisi kiri hagati. Hagati aho, rimwe na rimwe karacamwo bagakubitana.

Mu karere ka Harry's Bar ko mu gisagara hagati, harabayemwo ivyo gukomeretsanya, ariko ikinyamakuru Washington Post kivuga ko ata wuzi abo bakomeretse umurwi barimwo.

Abantu umunani barashikanywe mu bitaro, harimwo abaporisi babiri nk'uko bivugwa n'imboneshakure CNN yo muri Amerika.

Abari mu myiyerekano baririmba ca civugo ca Trump ngo "Make America Great Again (MAGA)" (Subira uhe inguvu Amerika), barekanywe mw'ireresi bariko batabura icapa ca Black Lives Matter cari ku rusengero, bagisukako peterori maze bagiha umuriro.

Ejo ku wa Mungu, pasitori w'urusengero Ashbury yagereranije iki gikorwa no guturira imisaraba, ibikorwa bibi vyakozwe mu ntango y'ikinjana ca 20 n'umurwi w'intagondwa z'abazungu witwa Ku Klux Klan mu ntumbero yo gutera ubwoba Abanyamerika bakomoka muri Afrika.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Pasitori Ianther Mills yasohoye itangazo avuga ati: "Mbonye ivyabaye muri iyi reresi vyarambabaje, ariko bintera intege zo kurwanya aka kabi kabishe".

Igiporisi ca Washington DC carazibiye abarwanya iyi myiyerekanoy'abanywanyi ba Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igiporisi ca Washington DC carazibiye abarwanya iyi myiyerekanoy'abanywanyi ba Trump
Abanywanyi b'uumrwi Proud Boys berekana ibimenyetso vyo kugaragarza ko abazungu ari bo basumba bose (white supremacy) mu gihe bari bakoraniye hampande y'icibutso c'i Washington

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi b'uumrwi Proud Boys berekana ibimenyetso vyo kugaragarza ko abazungu ari bo basumba bose (white supremacy) mu gihe bari bakoraniye hampande y'icibutso c'i Washington

Imyiyerekano kandi yarabaye mu bisagara vya Olympia, umugwa mukuru wa reta ya Washington, Atlanta na St Paul i Minnesota. Igiporisi kivuga ko umuntu umwe yarashwe batatu barahagarikwa mu gihe imirwi ihanganye yatana mu mitwe.

Imyiyerekano ya Washington DC yakoranije ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi ba Trump ariko ntibari benshi cane ugereranije n'abari mu yakozwe ku wa 14 z'ukwa cumi na rimwe. Hari bake cane bambaye udupfukamunwa n'aho hasanzwe hari amategeko yo kurwanya ikwirakwira rya Covid-19.

Hari amajambo yashikirijwe n'uwahoze ari umuhanuzi mu vyo umutekano w'igihugu aherutse kugirirwa imbabazi na Trump, Michael Flynn, hamwe na Sebastian Gorka na we nyene yahoze ari umukozi wo mu biro vy'umukuru w'ico gihugu.

Michael Flynn, yahoze ari umuhanuzi mu vyo umutekano w'igihugu aherutse kugirirwa imbabazi na Trump, yari umwe mu bashikirije amajambo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Michael Flynn, yahoze ari umuhanuzi mu vyo umutekano w'igihugu aherutse kugirirwa imbabazi na Trump, yari umwe mu bashikirije amajambo

Gorka yasavye Perezida Trump kubandanya urugamba rwo kwiyamiriza ivyavuye mu matora imbere y'amategeko - yishimikije ibivugwa vy'ubusuma bw;amatora, ariko ata vyemezo vyerekanwa - mu ntumbero yo guhindura ivyayavuyemwo.

Ku wa gatanu, Perezida Trump yasubiye gutsindwa igihe Sentare nkuru y'igihugu yiyamiriza urubanza rwari rwashinzwe na reta ya Texas, rusaba ko ivyavuye mu matora mu mareta ane yatsindiwe na Joe Biden bifutwa.

Gushika ubu, Trump amaze gutsindwa ibice 50% vy'imanza yuguruje ku bijanye n'aya matora.