US: Biden yiyemeje gutanga incanco imiliyoni 100 mu misi ijana ya mbere ari ku butegetsi

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida wa Amerika aherutse gutorwa, Joe Biden, yiyemeje gutanga incanco imiliyoni ijana mu kiringo c'imisi ijana ashikiriye ubutegetsi.
Yavuze ko bishoboka ko mu mezi yiwe ya mbere adashobora gutuza ico kiza, aca yerekana ido n'ido y'ingene azovyifatamwo, ariko avuga ko ashobora kuzohindura uko Covid-19 yifashe ubu.
Igihe yariko yerekana abazoba bagize umugwi ujejwe amagara y'abantu igihe azoba ashikiriye ubutegetsi itariki 20 z'ukwezi kwa mbere, yahamagariye abanyamerika "kwambara udupfukamunwa imisi 100".
Ku musi wa kabiri, icegeranyo caruguruye inzira ry'iyemezwa ry'urucanco Pfizer/BioNTech n'itangwa ryarwo ku banyamerika.
Hagati aho, Prezida Donald Trump yari yitavye inama ku kirimba iwe kuri White House/Maison Blanche, yerekeye umugambi ku rucanco rwa Covid-19 wiswe 'Operation Warp Speed', akaba yashimagije ingene urwo rucanco rugiye kwemezwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igitigiri kimaze kwandukira iyo ngwara muri Amerika kirenga imiliyoni 15, abarenga 286.000 ni bo bamaze gupfa, nk'uko biri mu bushakashatsi bwa Kaminuza ya Johns Hopkins.
Ukwandura iyo ngwara kuriko kuriyongera mu bice vyinshi vy'igihugu.
Hakaba hari igitigiri kitari bwigere kiboneka mu bitaro, bamwe mu bahinga bakaba batunga urutoke ingendo z'imiliyoni n'imiliyoni z'abantu mu gihe c'ibiruhuko biherutse vy'umusi mukuru wa 'Thanksgiving'.










