US: Inama nkenguzamateka yemeje ko urubanza rwa Trump rukurikije ibwirizwashingiro

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trump ntiyishimiye ingene abashingwamanza biwe bavyifashemwo

Inama nkenguzamateka ya Amerika yemeje ko urubanza rwa Donald Trump rukurikije ibwirizwashingiro, ko rero rugiye kubandanya ukuri kwamye.

Abashingwamanza ba Trump baharira bavuga ko adashobora gucirwa urubanza mu gihe yamaze kuva muri Maison Blanche/White House.

Ariko, abakenguzamateka 56 kw'ijana basanzwe bagize inama nkenguzamateka bemeje ko rubandanya 44 bakaba ari bo batavyemeje, hakaba hari aba Repubulika bashigikiye iyi ngingo.

Trump yagirizwa "gukokeza imigumuko" igihe ingoro y'amakoraniro Capitol iterwa n'abanywanyi biwe mu kwezi guheze.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bariyegeranije bashigikira ivyavugwa na Trump ko amatora yibwe bituma adatsinda, ibirego atigeze yerekana ivyemezo.

Aba Democrats buguruye urwo rubanza nijoro ku wa kabiri mu kwerekana ireresi y'amajambo Trump yashikirijwe ku wa 06 z'ukwa mbere hamwe n'igitero ca bamwe mu banywanyi biwe.

Umushingamateka Jamie Raskin wo muri Maryland, amaze kuraba iyo reresi yavuze ati: "Ico ni icaha gikomeye kandi c'agahomerabunwa. Mu gihe ico kitoba ari icaha gihanwa, nta kindi cobaho".

Abashingwamanza b'uyu yahoze ari umukuru w'igihugu bavuga ko kuburanya umuntu atakiri ku butegetsi biteye kubiri n'ibwirizwashingiro bongera bagiriza aba Democrats ko bariko babikora ku nyungu za poritike.

Kubona iyi ngingo yemejwe n'abakenguzamateka 56-44, vyerekana ko aba Repubulika batandatu bahambije aba Democrats mu kwemeza ko uru rubanza rubandanya ukuri kwamye.

N'aho ibi vyerekana ko impande zompi ziri hamwe, birerekana ahubwo ko abenshi mu mugambwe wa Trump bamushigikiye ku rugero runini cane, kandi ko adashobora gukubitwa intahe mu gahanga.

Muri iyi nama nkenguzamateka y'abantu ijana, hakenewe bibiri vya bitatu vy'abakenguzamateka kugira ngo Trump ashobore gutsindwa muri uru rubanza, ibiri kure nk'ukwezi.

Mu gihe yoramuka akubiswe intahe mu gahanga, ashobora kwankirwa gusubira kwitoza.

Vyagenze gute nijoro ku wa kabiri?

Ababuranya Trump - aba bakaba ari aba Democrats bagenywe kugira bakurikirane urubanza - bisigura bavuga ko inzira bafashe ijanye n'amategeko.

Muri iri reresi bakoresheje mu kwerekana ivyabaye, Trump yerekanywe ariko abwira abanywanyi biwe "kurwana n'inguvu zabo zose", imbere y'uko batera ingoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika, imvururu zaguyemwo abantu batanu, harimwo n'umuporisi.

Umushingamateka Raskin yararize ariko asigura ubwoba yari afitiye umuryango wiwe muri ico gihe c'imigumuko, amaze gutandukanywa n'umukobwa wiwe yari yaje kumuramutsa.

Jamie Raskin

Ahavuye isanamu, Handout via Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwurongoye umurwi w'abashingamateka ukurikirana uru rubanza Jamie Raskin yararize igihe yariko asigura ingene vyabaye ngombwa ko binyegeza musi y'intebe mu biro iwe igihe abagumutsi batera imvururu kuri Capitol

Ari imbere y'abakenguzamateka bariko bakora nk'abacamanza, yavuze ati: "Ibi ntibishobora kuba kazoza ka Amerika".

"Ntidushobora kugira umukuru w'igihugu akokeza imvururu kuri reta yacu n'inzego zacu kubera yanse gushira aho intahe ishize nk'uko ibwirizwashingiro rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika ribitegekanya".

Abashingwamanza ba Trump nabo bahavuye bafata ijambo bashikiriza ibirego vyabo.

Uwahoze ari umushikirizamanza wa Pennsylvania Bruce Castor yuguruje insiguro zabonetse ko ryari irementanya, zaneguwe cane mbere n'abanywanyi ba Trump.

Umushingwamanza agira kabiri, David Schoen, niwe yaje afise insiguro zitomoye. Yerekanye irerezi zo kuva mu 2017 zerekana ivyo yise "akadada ko gushaka kubogoza Trump" karanga abashingamateka n'abakenguzamateka b'aba Democrats.

Yabwiye abakenguzamateka ati: "Ico koko barondera hano kw'izina ry'ibwirizwashingiro ni ukubuza Donald Trump gusubira kwitoreza amabanga y'umukuru w'igihugu, ariko uku ni ugusuzugura ibwirizwashingiro, tutarinze kuraba uwubikorerwa uwo ari we wese uno musi".

Igitero co ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika carahahamuye igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitero co ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika carahahamuye igihugu

Umukenguzamateka w'umurepubulika Bill Cassidy ari muri bamwe batandatu baja ku ruhande rw'aba Democrats, yavuze ko abashingamateka bamuburanya "batanze insiguro nyazo kandi zikomeye, ariko ababuranira perezida bobo ntavyo bashoboye".

Amakuru menshi mu binyamakuru vya Amerika avuga ko aho yari ari i Florida ariko akurikirana ingene ibikorwa vyariko biragenda ku mboneshakure, Trump yashavuriye cane abashingamanza biwe ingene bavyifashemwo.

Hagiye gukurikira iki?

Kuva kuri uyu wa gatatu isaha zitandatu zo muri Amerika, buri ruhande rufise amasaha 16 kugira rutange ibirego.

Vyitezwe ko ibi bizobandanya gushika mu mpera z'iyi ndwi aho abakenguzamateka bazoronka akaryo ko kubaza ibibazo buri ruhande.

Ntibiramenyekana nimba abajejwe uru rubanza bashobora kwongereza umwanya mu gusaba ko ivyabona bitumwako - n'aho Trump ubwiwe yamaze kumenyesha ko adashobora kwisigura ku gushaka.

Bivugwa ko abakenguzamateka ku mpande zompi bashigikiye ko uru rubanza runyaruka, mu gihe bariko barakora uko bashoboye kugira ngo integuro ya Joe Biden y'ukugarukira ku bakozweko na Covid-19 yemezwe.

Kubera ko bashaka kwihutisha uru rubanza, hari ababona ko amatora y'inama nkenguzamateka yo gukubita intahe mu gahanga canke kweza Trump ashobora kuba imbere yo ku wa mbere w'indwi iza.