US: Umugabo w'icaduka yiteye mu ndege ya gisirikare mu kigo ca gisirikare Air Force One

Ikigo Joint Base Andrews nico gisanzwe kibikwamwo indege irerura umukuru w'ico gihugu, Air Force One.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikigo Joint Base Andrews nico gisanzwe kibikwamwo indege irerura umukuru w'ico gihugu, Air Force One.

Igisata c'ingabo za Amerika zirwanira mu kirere kivuga ko kigiye gukora amatohoza ku kungene umugabo w'icaduka yiteye mu kigo gisanzwe kibikwamwo indege irerura umukuru w'ico gihugu, Air Force One.

Ku wa kane, umugabo atavuzwe izina yarashoboye kwinjira mu kigo, Joint Base Andrews, kiri mu ntara ya Maryland araninjira mu ndege C-40, imwe mu zisanzwe zirerura abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ejo ku wa gatanu, umuvugizi w'ubunyamabanga bujejwe kwivuna abansi, John Kirby, yavuze ari: "Bose bafashe nka nkama ivyabaye".

Nta vyemezo biriho ko uyu muntu w'icaduka yoba afitaniye isano n'imirwi y'intagondwa.

Itangazo ryasohowe n'igisata ca gisirikare kirwanira mu kirere rimenyesha ko uyu mugabo yaciye ahagarikwa n'abajejwe umutekano kuri ico kigo. Yagirijwe kuvogera ikibanza gikingiwe. Nta n'umwe yoba yagize ingorane biturutse kuri iri kosa.

Uyu mugabo yari asanzwe yarasohorewe umutahe, ariko nta nsiguro zindi zatanzwe.

Ikigo Joint Base Andrews kiri ku birometero 24 uvuye ku biro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche/White House i Washington DC, kandi nico kigo gikunze gukoreshwa n'umukuru w'igihugu, icegera ciwe hamwe n'abandi bategetsi ba Amerika.

Ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu, Perezida Joe Biden yarafatiye indege kuri ico kigo aja muhira iwe i Wilmington muri reta ya Delaware.

Ikigo Joint Base Andrews gikunze gukoreshwa n'umukuru w'igihugu, icegera ciwe hamwe n'abandi bategetsi ba Amerika.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ikigo Joint Base Andrews gikunze gukoreshwa n'umukuru w'igihugu, icegera ciwe hamwe n'abandi bategetsi ba Amerika.

Umugenzuzi mukuru w'ingabo zirwanira mu kirere azokora amatohoza kuri iri vogera, nk'uko bitangazwa n'ibiro bikuru vy'ingabo zirwanira mu kirere.

Bizokora kandi "isuzuma ryimbitse ku kungene umutekano utunganijwe" ku birindiro vyazo mu mpande zitandukanye z'isi.

Mw'ijambo ryiwe, Koroneri Roy Oberhaus, umwe mu barongoye iki kigp Joint Base Andrews, yagize ati: "Turitwararitse cane umutekano ku kigo cacu. Iki cari guhungabanya umutekano bikomeye".

Ibi bibaye haciye hafi ukwezi inyuma y'imigumuko yo ku wa 06 z'ukwa mbere ku ngoro y'amakoraniro, Capitol, ya Amerika yatumye hafatwa ingingo zikomeye z'umutekano. Ingabo zijejwe gucungera umutekano (Garde Nationale/National Guard) zizoguma i Washington gushika mu kwa gatatu.