US igabisha ko hashobora kuba iterabwoba rivuye hagati mu gihugu

Kuva inyubakwa ya Capitol itewe n'abanywanyi ba Trump, umutekano warakomejwe

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kuva Capitol itewe n'abanywanyi ba Trump, umutekano warakomejwe kuri iyi nyubakwa

Abarongoye inzego z'umutekano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika baragabisha cane ko hashobora kuba ibikorwa vy'iterabwoba hagati mu gihugu bivuye ku bantu batishimiye ivyavuye mu matora yo mu kwa cumi na rimwe.

Igisata kijejwe umutekano w'igihugu kivuga ko igitero co ku wa 06 z'uku kwa mbere ku ngoro y'amakoraniro Capitol ya Amerika cakozwe n'abanywanyi ba Trump cateye intege intagondwa zimwe zimwe.

Mw'itangazo casohoye, iki gisata kigabisha ko hashobora kuba ibitero "vy'abantu bashavujwe n'ubutegetsi bw'igihugu".

Ariko congerako y'uko ata makuru nyayo ku vyoba biriko birategurwa.

Iki gitero ku nyubakwa ya Capitol cabaye igihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zari mw'ikoraniro rusangi kugira ngo zemeze intsinzi ya Joe Biden.

Imbere y'aho, uwari umukuru w'igihugu ico gihe, Donald Trump, yari yateye akamo ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi biwe bari bakoraniye imbere y'ibiro vy'umukuru w'igihugu, aho yabasubiriyemwo amajambo yamye avuga ko bamwivye amajwi muri ayo matora.

Yabawiye ati: "Mutarurwanye n'inguvu zanyu zose, nta gihugu muzosubira kuronka".

Ikirwi c'abantu caciye kija kuri Capitol, barengera abajejwe umutekano maze batera iyo nyubakwa. Abantu batanu harimwo n'umuporisi barapfuye muri ako kaguma.

Inama nshingamateka yaciye itera icizere Trump imwagiriza gukokeza imigumuko, ubu akaba arindiriye gucirirwa urubanza n'inama nkenguzamateka mu kwezi kuza.

Iri tangazo ryo kugabisha ryasohowe ejo ku wa gatatu rivuga ko iki gisata kibona ko iterabwoba rishobora kubandanya "mu kiringo c'indwi zitari nke inyuma y'ibirori vy'iyimikwa ry'umukuru w'igihugu vyagenze neza".

Rivuga riti: "Amakuru avuga ko hari intagondwa zitishimiye ubutegetsi bw'igihugu hamwe n'ihinduka ry'ubutegetsi, zigaterwa kandi n'uburakari buvuye ku majambo y'ibinyoma, zishobora kubandanya zikokeza canke zigatera imidugararo".

Iri tangazo ryongerako y'uko zimwe mu "ntagondwa zo hagati mu gihugu...zishobora guterwa intege" zigatera inyubakwa ya Capitol "zigatera abategetsi batowe n'inyubakwa za reta".

Ni ryo gabisha rya mbere iki gisata gisohoye inyuma hafi y'umwaka.

Iki gitero kuri Capitol carateye umutima uhagaze mu gihugu cose bituma abategetsi ba Amerika bihutira guhiga no guhagarika abo bose babigizemwo uruhara.

Abashikirizamanza bavuga ko gushika ubu bamaze gutora abantu 400 bikekwa ko bari mu babikoze kandi ko bamaze guhagarika 135 muri bo.