Itegeko rya Trump ku ngingo za Covid zijanye n'ingendo ryanswe ubwo ari ku munsi wiwe wa nyuma mu mabanga

Donald Trump 209

Ahavuye isanamu, Reuters

Prezida yatowe muri Amerika yanse itegeko ryari ryafashwe n'uwo agiye gusubirira ku ngingo zijanye n'ingendo muri iki gihe ca Covid, mu gihe Donald Trump ari ku munsi wiwe wa nyuma mu mabanga.

Mu mategeko yiwe ya nyuma y'umukuru w'igihugu , Prezida Trump yagerageje kuvanaho ingingo zibuza kuja muri Amerika ku bantu bavuye i Buraya no muri Brezil.

Umugore avuguira Joe Biden yavuze ko iki atari igihe co kworosha ingingo zijanye n'ingendo.

A composition image of Joe Biden and Donald Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Joe Biden azotangura amabanga yiwe yo kuba prezida wa Amerika kuri uyu wa gatatu. Ariko amaso yerekeje ahanini ku ngingo zanyuma Trump afata harimwo n'ukugirira ikigongwe bamwe mu baciriwe ibihano canke baronderwa n'ubucamanza.

Umutekano wakajijwe I Washington DC mu mwiteguro w'iborori vyo kurahiza Joe Biden. Abasirikare ibihumbi n'ibihumbi bameze magabo mu kwitanga ko hasubira kuba igitero c'abashigikiye Trump ku ngoro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka Capitol nk'uko vyagenze itariki 6 ukwezi kwa mbere aho abantu batanu basize agatwe.

FBI yagabishije ko hashobora kuba imyiyerekano y'abashigikiye Trump mu gihugu cose.

Joe Biden n'umugore wiwe, Jill, bitezwe gushika i Washington bava I muhira iwabo muri Wilmington muri reta ya Delware kuri uyu wa kabiri.

Iryo tegeko rya prezida Trump ryari ryerekeye iki?

Amerika yafashe ingingo ku banyaBuraya mu kwezi kwa gatatu no kuri Brezil mu kwezi kwa gatanu zibuza abava mnuri ivyo bihugu kuja muri Amrika, ariko ibiro vy'umukuru w'igihugu vyafashe itegeko ko izo ngingo zizorangira ku wa 26 uku kwezi ,inyuma y'iminsi itandatu Biden yatanguye amabanga.

Haciye iminota mike gusa, umugoire avugira Joe Biden, Jen Psaki, yaciye yandika kuri twitter ati: "ku mpamuro z'umugwi wacu uraba ivy'amagara, reta nta mugambi ifise yo kuvanaho izo ngingo itariki ya 26 ukwezi kwa mbere. Ahubwo dufise umugambi wo gukomeza ingingo zo gukingira amagara y'abanyagihugu kubijanye n'ingendo mnpuzamakungu kugura twongereze amahirwe yo kurwantya ikwirakiwra rya Covid-19."

Yavuze ko mu gihe habonetse ubwundi bwoko bw'uwo mugera ''bwandujkira cane ubu atarico igihe co kuvanaho bene izo ngingo zibuza abantu kuja muri Amerika''

The US imposed travel restrictions on Europe last March and the Brazilian entry ban was put in place in May, but the White House decreed on Monday that the entry ban would end on 26 January, six days after Mr Biden takes office.

Just minutes later, Mr Biden's spokeswoman, Jen Psaki, said on Twitter: "On the advice of our medical team, the administration does not intend to lift these restrictions on 1/26. In fact, we plan to strengthen public health measures around international travel in order to further mitigate the spread of Covid-19."

She said that with "more contagious variants emerging around the world, this is not the time to be lifting restrictions on international travel".

Ibindi Trum ashobora gukora ku munsi wa nyuma ni ibiki?

Kuva bamuciye kuri Twitter kubera imigumuko yo kuri Capitol, umukuru w'igihugu ari mu gacerere atamenyereweko ku buryo ata vyinshi bizwi kuvyo ashobora gukora kuri uyu wa kabiri.

Itangazo ryo muri biro vy'umukuru w'igihugu ryavuze gusa ngo: "prezida trump aja gukora kuva mugitonfo ca kare gushika amasaha y'umugoroba. Aja gutelefona cane kandi agire n'inama nyinshi,''

Nta butumire yahaye Joe Biden bwo kubonanira White House imbere y'uko haba ibirori vyo kurahira nk'uko biri mu migenzo.

Melania na Donald Trump

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Melania na Donald Trump basa n'abatiteguriye gukora ibirori vyo guha ikaze aba Biden

Trump aguma ahakana ivyavuye mu mnatorayahiganyemwo na Biden, ariko yaremewe gushikiriza ubutegetsi.

HItezwe cane abantu bagirirwa ikigongwe, ibinyamakuru vyo muri Amerika bikavuga ko hoba hari urotonde rw'abantuy ijana bashobora kuronka ayo mahirwe.

Ikinyamamuru The New York Times kivuga ko hashora kuba harimwoabantu bavuzwe cane mu binyamakuru. Amwe muri ayo mazina atavugwako rumwe ni nka Edward Sowden, Julian Assange n'uwahoze ari umujena wa trump Stephen Bannon.

Ku wa mbere umutambukanyi wa Donald Trump yasohoye video asezera abanyamerika abasaba ''kwerekana akarorero'' mu kwitaho abandi. Ariko CNN ivuga ko Madame Trump atazokwubahiriza umugenzo wo kuyagisha Jill Biden mu kugenda aramwereka iminyuro y'inzu ya White House.