Ingona ya Fidel Castro yashize umugabo mu bitaro muri Swede

Ingona yo muri Cuba

Ahavuye isanamu, Roberto Machado Noa

Insiguro y'isanamu, Uwo mugabo yariko arashikiriza ijambo mu giko gitunze ibikoko vyo mu mazi i Stockholm igihe yashingwa amenyo n'ingona

Umugabo yajanywe mu bitaro nyuma yo kuribwa n'ingona yigeze kuba ari iy'uwahoze atwara Cuba, Fidel Castro.

Uwo mu gabo ari mu myaka 70, yari yitavye umunsi mukuru wahariwe amafi azwi nka crayfish, mu kigo gitungiwemwo ibikoko vyo mu mazi ca Skansen Aquarium i Stockholm ejo kuwa kabiri.

Nk'uko bivugwa n'igipolisi, uwo mugabo "yari yashize ukuboko mu kibanza kitari co" igihe iyo ngona yamushinga amenyo.

Ico gikoko ni kimwe mu ngona zibiri zo muri Cuba ziba muri ico kigo. Uko ari zibiri zatanzwe nk'impano ku Murusiya w'umuhinga mu vy'ikirere, Vladimir Shatalov, azihabwa na Fidel Castro mu myaka 1970.

Umukuru w'igiko ca Skansen Aquarium, Jonas Wahlstrom yabariye ikinyamakuru Aftonbladet ko uwo mugabo yariko ashikiriza ijambo igihe ivyo vyaba.

Abitavye urubanza bakoresheje udutambara two ku meza kugira habagarike kuvirirana mu gihe bari barindiriye ko rusehabaniha ishika.

Bwana Wahlstrom yavuze ko ico kigo kizokwihweza ico kibanza ivyo bikoko birimwo kugira ibintu nk'ivyo ntibize bisubire.

Yagize ati: "Nta kintu nk'iki cari bwakorwe n'izi ngona, kandi tuzimaranye imyaka irenga 40."

Mikael Petterson, umupolisi akora kuri ico kigo, yabariye ibitangazamakuru ko uwo mugabo "yari yashizweko pansuma nyinshi" igihe abapolisi bahashika.

Ingona yo muri Cuba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo mugabo ngo yari yashize ukuboko ahatari ho

Izo ngona zibiri, Castro na Hillary, zatanzwe na Fidel Castro azihaye umurisiya w'umuhinga mu vy'ikirere, Vladimiri Shatalov mu 1978.

Nk'uko bivugwa n'igitangazamakuru co muri Espanye La Vanguardia, Bwana Shatalov yazigabiye igiko gitunze ibikoko c'i Moscow igihe zari zimaze gukura kandi zitegerwa.

Mu nyuma zahavuye zigabirwa ikigo c'ibikoko vyo mu mazi i Stockholm mu 1981, kuko cari gifise uburyo bwiza bwo kwita kuri ivyo bikoko.

Mu 2015, Bwana Wahlstrom we nyenye yajanye ivyana 10 vy'izo ngona muri Cuba, mu mugambi w'utwigoro tw'iryo zinga two kunagura igitigiri c'ibikoko bidasanzwe.